ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb21 Nyakanga rup. 15
  • Niwamamaze inkuru nziza y’uko isi nziza kuruta iri hafi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwamamaze inkuru nziza y’uko isi nziza kuruta iri hafi
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Ivyo bijanye
  • Isekeza ridasanzwe ryo kwamamaza Ubwami bw’Imana muri Munyonyo
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • Isekeza ridasanzwe ryo gutangaza Ubwami bw’Imana muri Nyakanga!
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Ivyabona vya Yehova bagizwe ishirahamwe ngo bamamaze inkuru nziza
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Isekeza ridasanzwe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
mwb21 Nyakanga rup. 15
Umugabo n’umugore wiwe bari mw’iparadizo, bakaba bariko bararamutsa abagenzi babo.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Niwamamaze inkuru nziza y’uko isi nziza kuruta iri hafi

Muri Munyonyo, tuzogira akigoro kadasanzwe ko kubwira abantu inkuru nziza y’uko isi nziza kuruta iri hafi. (Zb 37:10, 11; Ivy 21:3-5) Nutunganye ivyawe kugira uzogire uruhara bimwe bishitse muri iryo sekeza. Uhisemwo gukora ubutsimvyi bwo gufasha muri ukwo kwezi, uzoshobora gukora amasaha 30 canke 50.

Urama witeguriye gusomera abantu benshi bashoboka icanditswe kivuga ibijanye n’isi nshasha. Igihe uhitamwo ivyanditswe wosoma, nurabe ivyoshimisha abantu bo mu cibare cawe. Mugihura n’umuntu maze akerekana ko ashimishijwe, nuce umuha integuro ya bose y’Umunara w’Inderetsi No. 2 2021. Uraca rero usubira kuyaga na we vuba bishoboka maze ugerageze gutanguza inyigisho ya Bibiliya ukoresheje agatabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera. Ese ukuntu bihimbaye kugira uruhara bimwe bishitse mu kubwira abantu “inkuru nziza y’ikintu ciza kuruta”!​—Yes 52:7.

Nimba wipfuza kumenya ukuntu woshikiriza ubwo butumwa, nurabe ividewo ivuga ngo Mugihura: Inkuru nziza​—Zb 37:10, 11

NIMURABE RWA RURIRIMBO RUSANZWE RUVUGA NGO YA SI NSHASHA YIMIRIJE, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ni kazoza keza igitangaza akahe ako gakobwa kariko karabona mu bwenge?

  • Ni ibintu bimwebimwe ibihe ushashaye kubona mw’isi nshasha?

  • Kuzirikana ku cizigiro cawe vyogufasha gute kwitegurira kugira uruhara bimwe bishitse mw’isekeza ryo muri Munyonyo?​—Lk 6:45

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika