UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Nuhere amazinda ko Yehova agukunda urukundo rudahemuka
Yehova abona ko uri uw’agaciro. (Yes 43:4) Yaragukwegereye kuri we no kw’ishirahamwe ryiwe. Uri uwa Yehova kubera ko wamwiyeguriye ukabatizwa. Azokwitaho nk’inyegu yiwe idasanzwe, mbere no mu bihe bigoye. Azokugaragariza urukundo rudahemuka abicishije kw’ishirahamwe ryiwe.—Zb 25:10.
Kwihweza ingene ishirahamwe rya Yehova ryavyifashemwo mu vyago vy’ivyaduka biheruka kuba, birashobora gutuma turushiriza gukenguruka urukundo rudahemuka rwa Yehova.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO RAPORO YA KOMITE Y’ABAHUZABIKORWA YO MU 2019, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
Komite y’abahuzabikorwa yateguye gute ibiro vy’amashami hirya no hino kw’isi kugira bishobore guhangana n’ivyago vy’ivyaduka?
Ishirahamwe rya Yehova ryatanze gute ubuyobozi ryongera riratabara muri Endoneziya na Nijeriya?
Ni ibiki bigushimisha ku bijanye n’ivyo ishirahamwe rya Yehova ryakoze mu guhangana n’ikiza ca Korona?