UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Yemwe bakiri bato, nimwugurukire abavyeyi banyu
Kubera iki ukwiye kwugurukira abavyeyi bawe? (Img 23:26) Kubera ko ari bo Yehova yajeje ibanga ryo kukwitwararika no kukuyobora. (Zb 127:3, 4) Ntivyoborohera kugufasha hamwe woguma ubahisha ibikuraje ishinga n’ibiguhagaritse umutima. N’ikindi kandi, wohomba ivyigwa ngirakamaro bigiye ku vyabashikiye mu buzima bwabo. Vyoba ari bibi kutababwira amakuru yose? Ntivyama ari bibi, ukire gusa kutabahisha amakuru bari bakwiye kumenya.—Img 3:32.
None woganira gute n’abavyeyi bawe? Nuhitemwo umwanya ubereye kuri mwese. Nimba ivyo bitakworohera, woshobora kwandikira umwe muri bo agakete ukamubwira ukuntu wiyumva. Bite ho hamwe boba bipfuza ko muyaga ku kintu wewe udashaka ko muganirako? Niwibuke ko bipfuza cane kugufasha. Nubone abavyeyi bawe nk’abagenzi, ntubabone nk’abansi. Utwigoro ugira kugira uganire n’abavyeyi bawe utabahisha tuzotuma wironkera ivyiza mu buzima bwawe bwose, uzoronke n’ubuzima budahera.—Img 4:10-12.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO UBUYABAGA BWANJE—NOYAGA GUTE N’ABAVYEYI BANJE? MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
Esther na Partik batahuye iki ku biberekeye?
Wokwigira iki ku karorero ka Yezu?
Abavyeyi bawe berekana gute ko bakwitwararika?
Abavyeyi bawe bakwipfuriza ineza
Ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya zogufasha kuganira n’abavyeyi bawe?