ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb23 Mukakaro rup. 11
  • Urashobora gufasha umuryango wawe kugira umunezero

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urashobora gufasha umuryango wawe kugira umunezero
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Ivyo bijanye
  • Impanuro Iranga Ubukerebutsi y’Umuvyeyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Ingene mwohimbarwa mu rugo
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Gutozwa indero birerekana ko Yehova adukunda
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • “Tera iteka so na nyoko”
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
mwb23 Mukakaro rup. 11
Udufoto: Amashusho yakuwe mw’ividewo “Nutume mu muryango iwanyu harangwa umunezero.” 1. Abakobwa bariko bitegereza abavyeyi babo bariko barya agakate. 2. Ba bakobwa bariko baramwenyura bari mu gusenga kwo mu muryango. 3. Umwe muri ba bakobwa ariko aritwararika nyina wiwe arwaye akaba aryamye kw’idiva.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Urashobora gufasha umuryango wawe kugira umunezero

Yehova yipfuza ko imiryango ihimbarwa. (Zb 127:3-5; Ums 9:9; 11:9) Ariko rero, turashobora kubura umunezero kubera ingorane zo muri iyi si be n’amakosa y’abagize umuryango. None umwe wese mu bagize umuryango yokora iki kugira atume haba agahimbare?

Umugabo aratera iteka umugore wiwe. (1Pt 3:7) Aramarana umwanya na we. Ntiyitega ku mugore wiwe ibirenze kandi aragaragaza ko akenguruka ivyo amukorera n’ivyo akorera umuryango. (Kl 3:15) Aragaragaza ko akunda umugore wiwe akongera akamushemeza.​—Img 31:28, 31.

Umukenyezi ararondera uturyo two gushigikira umugabo wiwe. (Img 31:12) Aramuyobokera akongera agasenyera ku mugozi umwe na we. (Kl 3:18) Amuyagisha neza akongera akamuvuga neza mu bandi.​—Img 31:26.

Abavyeyi baraha umwanya abana babo. (Gus 6:6, 7) Barabwira abana babo ko babakunda. (Mt 3:17) Igihe babatoza indero, babigirana urukundo n’ugutahura kwimbitse.​—Ef 6:4.

Abana baratera iteka abavyeyi babo bakongera bakabagamburukira. (Img 23:22) Barareka abavyeyi babo bakamenya ivyo biyumvira n’ukuntu biyumva. Baremera ko abavyeyi babo babatoza indero kandi bakabubaha.​—Img 19:20.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NUTUME MU MURYANGO IWANYU HARANGWA UMUNEZERO, MUCE MWISHURA IKI KIBAZO:

Umwe wese mu bagize uwo umuryango yakoze iki kugira atume harangwa umunezero?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika