ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb21 Rusama rup. 7
  • Gutozwa indero birerekana ko Yehova adukunda

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gutozwa indero birerekana ko Yehova adukunda
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Ivyo bijanye
  • Gutahura intumbero y’ugutozwa indero
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Gutozwa indero ni icerekana ko Imana idukunda
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Ingene wotoza indero abana bawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • ‘Niwumvirize indero ube inkerebutsi’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
mwb21 Rusama rup. 7
Abavyeyi bariko baririra imbere y’umuryango igihe bihweza umuhungu wabo atigaya yomotse.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Gutozwa indero birerekana ko Yehova adukunda

Gutoza indero umuntu ahanini vyerekeza ku kumuha ubuyobozi no kumwigisha, ariko kandi birajamwo kumukosora no kumuhana. Yehova aradutoza indero kugira tumusenge mu buryo yemera. (Rm 12:1; Heb 12:10, 11) Hari aho gutozwa indero bitubabaza, ariko tuvyemeye bidushikana ku bugororotsi no ku mihezagiro. (Img 10:7) None ni ibiki abatanga indero n’abayihabwa bakwiye kugumiza ku muzirikanyi?

Uwuyitanga. Abakurambere, abavyeyi be n’abandi barihatira gutanga indero babigiranye ubuntu n’urukundo nka Yehova. (Yr 46:28) N’igihe batanga indero ikomeye, bakwiye kwisunga ingene ibintu vyifashe kandi babitumwe n’urukundo.​—Tt 1:13.

Uwuyihabwa. Uko indero iba imeze kwose ntidukwiye kuyanka, ahubwo twogerageza kuyishira mu ngiro tudatebaganye. (Img 3:11, 12) Kubera tudatunganye, twese turakeneye gutozwa indero, tukaba tuyironka mu buryo butandukanye. Turayitozwa biciye ku vyo dusomye muri Bibiliya canke ivyo twumvise mu makoraniro. Hari n’aho bamwe batozwa indero na komite ncarubanza. Iyo twisunze indero dutojwe, bidushikana ku buzima.​—Img 10:17.

RABA IVIDEWO IVUGA NGO ‘UWO YEHOVA AKUNDA ARAMUTOZA INDERO,’ MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ‘Uwo Yehova akunda aramutoza indero.’ Canon akiri umwana ariko aramamaza n’abavyeyi biwe.

    Mu ntango, ubuzima bwa Canon bwari bumeze gute kandi bwahindutse gute?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ‘Uwo Yehova akunda aramutoza indero.’ Canon amaze kuba umusore aritura abakurambere.

    Ni gute Yehova yamutoje indero abigiranye urukundo?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ‘Uwo Yehova akunda aramutoza indero.’ Inyuma y’igihe kitari gito, Canon ariko arayaga n’abakiri bato kw’ikoraniro.

    Niwige gukunda indero Yehova adutoza

    Ni ivyigwa ibihe dukura ku vyamushikiye?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika