ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb22 Nyakanga rup. 5
  • Umubano ukwiye kumara ubuzima bwose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umubano ukwiye kumara ubuzima bwose
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
  • Ivyo bijanye
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kwubaka be no kutubaka?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Umubano w’ababiranye ni ingabirano iva ku Mana y’urukundo
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Kwitegurira Umubano w’Ababiranye Uroranirwa
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Umubano w’ababiranye ni ingabire iva ku Mana
    Nugume mu rukundo rw’Imana
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
mwb22 Nyakanga rup. 5
Umugabo n’umugore bariko barakorana indimiro.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Umubano ukwiye kumara ubuzima bwose

Imibano y’abakirisu ihimbawe iratera iteka Yehova kandi igatuma abayigize bagira umunezero. (Mr 10:9) Kugira ngo abakirisu bagire umubano uramba kandi urangwa agahimbare, bategerezwa gukurikiza neza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya igihe bahitamwo abo bubakana.

Nuje mu vyo kureshanya igihe gusa “[u]maze kurengana ishurika ry’ubuto.” Ishurika ry’ubuto ni igihe inambu y’umubiri iba ikomeye ku buryo ishobora gutuma umuntu adahitamwo neza. (1Kr 7:36) Nukoreshe neza imyaka umara ukiri umwirebange mu gukomeza ubucuti ufitaniye n’Imana no mu gutsimbataza kamere ziranga abakirisu. Ivyo bizotuma ushobora kugira ikintu kinini uterereye kugira umubano wawe uzororanirwe.

Imbere y’uko wemerera umuntu ko mwokubakana, nubanze ufate umwanya uhagije wo kumenya “wa muntu yihishije wo mu mutima.” (1Pt 3:4) Nimba hari ibintu bikomeye biguteye amakenga, nubiganire n’uwo muntu yipfuza ko mwokwubakana. Mu mubano ukwiye kwibanda ku vyo utanga atari ku vyo uronka, nk’uko bigenda no ku bundi bucuti tugiranira n’abandi. (Fp 2:3, 4) Nimba ushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya igihe ukiri umwirebange, uzoba uriko urashinga umushinge mwiza uzotuma ugira umubano uhimbawe.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO KWITEGURIRA UMUBANO​—IGICE CA 3: ‘NUHARURE IVYOSOHOKA,’ MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ubucuti bwakomeye gute hagati y’uwo mudada na Shane?

  • Uko ubwo bucuti bwabandanya, ni igiki uwo mudada yabonye?

  • Abavyeyi biwe bamufashije gute, kandi ni ingingo iranga ubukerebutsi iyihe yafashe?

Umuvukanyi ariko ararondera uwo bokwubakana arakwiye kurimbura ibi bibazo:

Ni kamere ziranga abakirisu izihe afise? Yerekana gute ko ariko arabanza kurondera Ubwami? Yerekana gute ko yubaha ubuyobozi bwa gitewokarasi? Yoba yitwararika abandi bantu?

Mushiki wacu ariko ararondera uwo bokwubakana arakwiye kurimbura ibi bibazo:

Ni kamere ziranga abakirisu izihe afise? Ibijanye no gusenga hamwe n’amabanga ajejwe mw’ishengero vyoba ari vyo ashira imbere y’akazi, amahera, inkino no kwiruhura? Afata gute abo mu muryango wiwe? Yoba yitwararika abandi bantu?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika