UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Nuhitemwo neza uwo muzokwubakana
Salomo, n’ubujuju n’akantu, yarongoye abagore basenga imana z’ikinyoma (1Bm 11:1, 2; w18.07 18 ing. 7)
Buhorobuhoro abagore ba Salomo barakebeje umutima wiwe urava kuri Yehova (1Bm 11:3-6; w19.01 15 ing. 6)
Yehova yarashavuriye Salomo (1Bm 11:9, 10; w18.07 19 ing. 9)
Ijambo ry’Imana rihanura abakirisu b’abirebange kwubaka “mu Mukama gusa.” (1Kr 7:39) Ariko kuba umuntu yarabatijwe si vyo vyonyene vyotuma aba umugabo canke umugore abereye. Yoba azogufasha kuguma ukorera Yehova n’ubuzima bwawe bwose? Yoba amaze igihe yerekana ko akunda Yehova? Imbere y’uko umwemerera ko muzokwubakana, nubanze ufate akanya ko kumumenya neza.