Dawidi ariko arereka Salomo abahinguzi b’utugenegene n’ibikoresho vyo kwubaka urusengero
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Nufashe abakiri bato kuroranirwa
Dawidi yari azi ko Salomo abifashijwemwo na Yehova yororaniwe mu guhagarikira igikorwa co kwubaka urusengero (1Ng 22:5; w17.01 29 ing. 8)
Dawidi yararemesheje Salomo kwiheka kuri Yehova hanyuma akagira ico akoze (1Ng 22:11-13)
Dawidi yarakoze uko ashoboye kwose kugira afashe Salomo (1Ng 22:14-16; w17.01 29 ing. 7; raba ishusho iri ku gipfukisho)
NIWIBAZE UTI: ‘Nofasha gute abakiri bato bo mw’ishengero kuronka agahimbare no kuroranirwa mu murimo wa Yehova?’—w18.03 11-12 ing. 14-15.