UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Isengesho riranga ukwicisha bugufi kandi rivuye ku mutima Salomo yatuye ku mugaragaro
Igihe co kwinjira urusengero, Salomo yaratuye isengesho rivuye ku mutima imbere y’abantu (1Bm 8:22; w09 15/11 9 ing. 9-10)
Salomo yashemeje Yehova, ntiyishemagije (1Bm 8:23, 24)
Salomo yaragaragaje agatima ko kwicisha bugufi mw’isengesho yatuye (1Bm 8:27; w99 1/2 15 ing. 7-8)
Salomo ni akarorero keza, canecane ku baserukira abandi mw’isengesho. Dukwiye kwibanda ku kuntu Yehova abona iryo sengesho aho kwibanda ku kuntu abantu baribona.