ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwbr22 Mukakaro rup. 1-10
  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
  • Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2022
  • Udutwe
  • 4-10 MUKAKARO
  • 11-17 MUKAKARO
  • 18-24 MUKAKARO
  • 25-31 MUKAKARO
  • 1-7 MYANDAGARO
  • 8-14 MYANDAGARO
  • 15-21 MYANDAGARO
  • 22-28 MYANDAGARO
  • 29 MYANDAGARO–4 NYAKANGA
Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2022
mwbr22 Mukakaro rup. 1-10

Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

4-10 MUKAKARO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 SAMWELI 18-19

“Baruzilayi ni intangakarorero mu kwifata ruto”

w07 15/7 14 ing. 5

Baruzilayi yari umuntu azi aho ubushobozi bwiwe bugarukira

Nta gukeka ko Dawidi yari yarakengurutse cane kuba Baruzilayi yaramufashije. Bisa n’uko uwo mwami atashaka gusa kumusubiriza mu ndumane mu kumuronsa ibintu vy’umubiri. Uwo mutunzi Baruzilayi ntiyari akeneye imfashanyo mwene iyo. Dawidi ashobora kuba yashaka kubana n’uwo mutama ku kirimba kubera kamere z’igikundiro yari afise. Kuronka ikibanza ntayegayezwa aho i bwami kobaye ari agateka kotumye Baruzilayi yungukira ku bugenzi yari afitaniye n’umwami.

w07 15/7 14 ing. 7

Baruzilayi yari umuntu azi aho ubushobozi bwiwe bugarukira

Imvo imwe yatumye Baruzilayi afata iyo ngingo ishobora kuba ari iy’uko yari yitereye mu myaka be n’uko ivyo vyatuma ubushobozi bwiwe bugira aho bugarukira. Baruzilayi ashobora kuba yabona ko atobandanije kubaho igihe kirekire (Zaburi 90:10). Yari yarakoze ivyo ashoboye vyose kugira ngo ashigikire Dawidi, mugabo yari azi neza kandi ko hari ivyo atagishoboye kubera ko yari yitereye mu myaka. Baruzilayi ntiyaretse ngo iciyumviro co kwidibamira no kuba rurangiranwa kimubuze gusuzuma atibesha ubushobozi yari afise. Baruzilayi ntiyari ameze nka Abusalomu uwahahamira ubukuru, wewe yaragaragaje ukwifata ruto abigiranye ubukerebutsi.​—Imigani 11:2.

w07 15/7 15 ing. 1-2

Baruzilayi yari umuntu azi aho ubushobozi bwiwe bugarukira

Iyo nkuru yerekeye Baruzilayi irashimika ku vy’uko dukeneye kugira uburimbane. Ku ruhande rumwe, ntidukwiye kwanka agateka k’umurimo twoba dutewe canke kwirinda kurondera kugashikira ngo n’uko dushaka kwiberaho atakitugora canke ngo n’uko twumva tudashoboye kurangura ibanga rinaka. Twihetse ku Mana tukayisaba inkomezi n’ubukerebutsi, irashobora kudukomeza mu ntege nke zacu.​—Ab’i Filipi 4:13; Yakobo 4:17; 1 Petero 4:11.

Ku rundi ruhande, turakeneye kwemera aho ubushobozi bwacu bugarukira. Dufate ko hari umukirisu asanzwe afise ibikorwa vyinshi cane vyo mu vy’impwemu arangura. Arabonye yuko mu gihe yokwemera guterwa uduteka twiyongereye yohava ahakwa gufata minenegwe amabanga asabwa n’Ivyanditswe, nko kuronsa urugo rwiwe ivyo rukeneye. Igihe ibintu vyifashe gutyo, uwo mukirisu ntiyoba none agaragaje ukwifata ruto n’ukugira ibitegereka yanse muri ico gihe guterwa utwo duteka twiyongereye?​—Ab’i Filipi 4:5; 1 Timoteyo 5:8.

Ducukure ubutunzi bwo muri bibiliya

w20.04 30 ing. 19

‘Niwiruke kugeza kw’iherezo’

19 Nimba ufise amagara make kandi ukaba wiyumvira ko abandi batagutahura, akarorero ka Mefibosheti karashobora kukuremesha. (2 Sam. 4:4) Uretse ko yari asanzwe amugaye, n’Umwami Dawidi yaramutahuye nabi. Nta co Mefibosheti yari yakoze kugira izo ngorane zose zimushikire. Ariko ivyo ntivyamuciye intege. Yarashima ivyiza yagiye aribonera mu buzima. Yarakenguruka ingene Dawidi yari yarigeze kumugaragariza ubuntu. (2 Sam. 9:6-10) Igihe rero Dawidi yamutahura nabi, Mefibosheti ntiyaciye agwiza n’ubusa ivyiza vyose yari yaramukoreye. Ntiyaretse ngo ikosa rya Dawidi ritume agira inzigo. Vyongeye, ntiyegetse kuri Yehova iryo kosa rya Dawidi. Mefibosheti yashize umutima ku vyo yari gushobora gukora kugira ashigikire uwo mwami yari yagenywe na Yehova. (2 Sam. 16:1-4; 19:24-30) Ako karorero keza ka Mefibosheti, Yehova yarakandikishije mw’Ijambo ryiwe kugira kadufashe.​—Rom. 15:4.

11-17 MUKAKARO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 SAMWELI 20-21

“Yehova ni Imana y’ubutungane”

it-1 1047 ing. 3

Gibeyoni

Mu binjana n’ibindi, Abanyagibeyoni barabandanije kubaho ari ihanga naho Umwami Sauli yagize umugambi wo kubahonya. Bararindiriye bihanganye gushika Yehova ashize ahabona akarenganyo bakorewe. Ivyo yabikoze biciye ku kigoyi camaze imyaka itatu ku ngoma ya Dawidi. Dawidi yarasiguje Yehova na we aramubwira ko ico kigoyi kivuye ku kuba bagirwa n’amaraso. Dawidi yaciye abaza Abanyagibeyoni icokorwa kugira batangirwe impongano. Abanyagibeyoni bamuhaye inyishu y’ukuri. Bamubwiye ko “ikibazo [atari] ic’ifeza canke izahabu,” kuko nk’uko Itegeko ryavyerekana, ata ncungu yari gutangirwa umwicanyi. (Gh 35:30, 31) Bariyemereye kandi ko batari gushobora kwica umuntu n’umwe batabiherewe uburenganzira. Dawidi yarasubiye kubabaza ico yobakorera, baca basaba ko bohabwa abagabo indwi bo mu “bahungu” ba Sauli kugira babamanike. Sauli n’urugo rwiwe bose baragirwa n’amaraso kuko naho Sauli ashobora kuba ari we yafashe iya mbere muri ubwo bwicanyi, abagabo bo mu “bahungu” biwe bashobora kuba barabigizemwo uruhara mu buryo buboneka canke butaboneka. (2Sm 21:1-9) Muri ivyo, tuca tubona ko abo bana batapfuye kubera amakosa ya ba se. (Gus 24:16) Ahubwo kwabaye ugushitsa ubutungane mu buryo buhuye n’itegeko rivuga ngo “ubuzima ku bundi.”​—Gus 19:21.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w13 15/1 31 ing. 14

Abakurambere ni ‘abakozi bagenzi bacu ku bw’akanyamuneza kacu’

14 Hirya no hino kw’isi, twebwe abasavyi ba Yehova turarangura ubusuku bwacu naho Shetani n’abakozi biwe bashira intambamyi mu nzira ducamwo. Bamwebamwe muri twebwe barahanganye n’ingorane z’ibigatanya, mugabo kubera ko twihetse kuri Yehova bimwe bishitse, twararwanije ivyo bintu twokwita vya Goliyati maze turabitsinda. Ariko rero, rimwe na rimwe urugamba twama turwana n’imikazo iva kuri iyi si ruratuma turuha tukongera tugacika intege. Muri ico gihe c’intege nke, tuba duhakwa ‘kugarikwa’ n’imikazo twari gushobora gutsinda iyo tutaba tumerewe gutyo. Mu bihe nk’ivyo, imfashanyo ije ku gihe kibereye duhawe n’umukurambere irashobora kudufasha gusubira kugira akanyamuneza n’udutege, nk’uko abatari bake bavyiboneye. Umutsimvyi umwe afise imyaka nka 65 yiganye ati: “Mu gihe giheze, numva ntamerewe neza, kandi umurimo wo mu ndimiro waranduhisha. Umukurambere umwe yarabonye ko ntagira inkomezi maze aranyegera. Twaragiranye ikiyago kiremesha gishingiye ku canditswe kinaka. Narashize mu ngiro inama yangiriye, kandi vyarangiriye akamaro.” Yongeyeko ati: “Ese ukuntu biranga urukundo kuba uwo mukurambere yarabonye ubugoyagoye bwanje hanyuma akamfasha!” Egome, bireza umutima kumenya ko dufise abakurambere baguma badushinze ijisho babigiranye urukundo kandi baguma biteguriye ‘kuza kudutabara,’ nka kumwe kwa Abishayi wa kera.

18-24 MUKAKARO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 SAMWELI 22

“Niwiheke kuri Yehova kugira agufashe”

cl 19 ing. 11

Woba vy’Ukuri Ushobora ‘Kwiyegereza Imana’?

11 Turashobora gusoma yuko Imana iri n’“inkomezi . . . nyinshi.” (Yesaya 40:26) Mugabo, biratandukanye no gusoma ivyerekeye ukuntu yarokoye Abisirayeli ibacishije mu Kiyaga Gitukura maze ikababungabunga mu bugaragwa imyaka 40. Urashobora kwiha ishusho y’amazi asurirana yigaburamwo kubiri. Urashobora kwiha ishusho y’iryo hanga, bose hamwe ari nk’abantu 3.000.000, bariko baraca ahumutse muri ico kiyaga, amazi yahagaze ameze nk’ibihome amahanga ku mpande zompi. (Kuvayo 14:21; 15:8) Urashobora kubona ikimenyamenya c’uko Imana yababungabunze ikabakingira mu bugaragwa. Amazi yaradudubije ava mu gitandara. Imfungurwa zimeze nk’utubuto twera zarabonetse ku mbuga. (Kuvayo 16:31; Guharūra 20:11) Ngaha Yehova ntahishura gusa yuko afise ububasha, mugabo ahishura kandi yuko abukoresha ku neza y’abasavyi biwe. Mbega ntibidusubiriza umutima mu nda kumenya yuko amasengesho yacu aduga ku Mana y’inyabubasha “yo buhungiro bgacu n’inkomezi zacu, n’umufasha atabura guseruka mu magorwa”?​—Zaburi 46:1.

w10 1/6 26 ing. 4-6

“Uzokwerekana ko udahemuka”

Reka twihweze twitonze ayo majambo Dawidi yavuze. Imvugo y’igiheburayo yahinduwe ngo “kwerekana ko udahemuka” yoshobora kandi guhindurwa ngo “kwerekana ubuntu-mvarukundo.” Ukudahemuka nyakuri gushingiye ku rukundo. Yehova aguma yumiye ku bantu b’intahemuka kuri we abigiranye urukundo

Urabona kandi yuko ukudahemuka atari inyiyumvo gusa. Kubonekera mu bikorwa. Yehova arerekana ko ari intahemuka, nk’uko Dawidi yavyiboneye. Mu bihe bigoye cane Dawidi yagiye aracamwo mu buzima, Yehova yagiye aramuserukako mu gukingira no mu kuyobora adahemuka uwo mwami w’umwizigirwa. Dawidi yarakengurukiye Yehova, arabona vy’ukuri ko ari we yamurokoye “akamukūra mu maboko y’abansi biwe bose.”​—2 Samweli 22:1.

None amajambo Dawidi yavuze atwigisha iki? Yehova ntiyihindukiza mw’ijambo canke ngo ahindagurike. (Yakobo 1:17) Aguma yumiye ku ngingo ngenderwako ziwe, akama ashitsa ico yasezeranye. Dawidi yaranditse mu yindi zaburi ati: “Uhoraho . . . ntaheba abakunzi biwe,” ni ukuvuga intahemuka ziwe.​—Zaburi 37:28.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w12 15/11 17 ing. 7

Nutsimbataze agatima nk’ak’umuto

7 Akarorero k’Imana ko kwicisha bugufi karagize ikintu gikomeye gakoze ku mwanditsi w’amazaburi Dawidi. Yaririmbiye Yehova ati: “Uzompa inkinzo yawe y’ubukiriro, kandi ukwicisha bugufi kwawe ni kwo kungira uwuhambaye.” (2 Sam. 22:36) Dawidi yavuze yuko ubukuru ubwo ari bwo bwose yari afise muri Isirayeli yabukesha ukwicisha bugufi kwa Yehova, ni ukuvuga ukuba Imana yarimanura ari kwo kwicisha bugufi kugira ngo imwitwararike. (Zab. 113:5-7) Ukwo none si ko biri no kuri twebwe? Zaba kamere, ububangukirwe canke uduteka, ni igiki dufise ‘tutahawe’ na Yehova? (1 Kor. 4:7) Umuntu yigenza nk’umuto ni “mukuru” mu buryo bw’uko arushiriza kuba umusavyi wa Yehova kirumara. (Luka 9:48) Nimuze twihweze ukuntu ivyo ari ko biri.

25-31 MUKAKARO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 SAMWELI 23-24

“Igihe utanga woba wemera kugira ivyo uhevye?”

it-1 153

Arawuna

Biboneka ko Arawuna yatanze ku buntu ikibanza, inka n’inkwi ku bw’ikimazi. Ariko Dawidi yarasavye ashimitse ko yobigura amahera. Inkuru yo muri 2 Samweli 24:24 yerekana ko Dawidi yaguze imbuga y’ikubitiro n’inka kuri shekeli z’ifeza 50 (nk’amarundi 200.000). Ariko inkuru iri muri 1 Ngoma 21:25 yerekana ko Dawidi yaguze aho hantu shekeli z’inzahabu 600 (nk’amarundi arenga imiliyoni 153). Uwanditse igitabu ca Samweli wa Kabiri avuga gusa ibijanye no kugura ikibanza cubatswemwo igicaniro hamwe n’ibikoresho vyakoreshejwe ku bw’ikimazi. Biboneka rero ko avuga igiciro caguzwe ivyo bintu gusa. Ariko uwanditse igitabu ca Ngoma za Mbere avuga afatiye ku rusengero rwahavuye rwubakwa muri ico kibanza. Rero avuga igiciro caguzwe ico kibanza cose. (1Ng 22:1-6; 2Ng 3:1) Kubera ko ikibanza cubatswemwo urusengero cari kinini cane, biboneka ko shekeli 600 z’inzahabu zaguzwe ico kibanza cose, ntizaguzwe agace gatoya Dawidi yubatsemwo igicaniro.

w12 15/1 18 ing. 8

Igira kuri vya bintu vy’ishimikiro vyerekeye ukuri

8 Nimba Umwisirayeli yarashikanira Yehova ikimazi avyishakiye kugira ngo yerekane ko amukengurukira bivuye ku mutima, canke kugira ngo asabe kwemerwa na we nk’uko vyagenda kw’ishikanwa riturirwa, birashoboka rero ko vyamworohera guhitamwo igitungwa kibereye. Uwo musavyi wa Yehova yohimbawe no kumuha ikintu ciza kuruta ibindi vyose mu vyo atunze. Muri iki gihe, abakirisu ntibatanga ibimazi nka bimwe vyasabwa n’Itegeko rya Musa; yamara baratanga koko ibimazi mu buryo bw’uko bakoresha umwanya wabo, inguvu zabo be n’ivyo batunze kugira ngo bakorere Yehova. Intumwa Paulo yavuze ko ‘gushingira intahe icese’ icizigiro abakirisu bafise no “gukora iciza be no gusangira ibintu n’abandi” ari ibimazi bihimbara Imana. (Heb. 13:15, 16) Agatima abasavyi ba Yehova bakorana bene ivyo bikorwa karerekana ukuntu bakenguruka bakongera bagaha agaciro ibintu vyose Imana yabahaye. Nk’uko rero vyari biri ku Bisirayeli, turakeneye gusuzuma ukuntu tubona ibijanye no gukorera Imana be n’igituma tuyikorera.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w05 15/5 19 ing. 6

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Samweli wa Kabiri

23:15-17. Dawidi yarubaha rwose itegeko ry’Imana ryerekeye ubuzima n’amaraso ku buryo ico gihe yanse gukora n’ikintu casa n’ukurenga kuri iryo tegeko. Dutegerezwa gutsimbataza agatima nk’ako ku bijanye n’amategeko y’Imana yose.

1-7 MYANDAGARO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 ABAMI 1-2

“Woba wigira ku makosa yawe?”

it-2 870 ing. 3

Salomo

Igihe Adoniya n’abari bifatanije na we mu mugambi mubi bumva urwamo rw’umuziki i Gihoni, ahatari kure cane yo ng’aho, bakumva n’abantu basemerera bati: “Umwami Salomo nabeho,” baragize ubwoba barazazanirwa. Salomo yarerekanye ko intwaro yiwe yoranzwemwo amahoro mu kwanka kwihora akija ku ngoma. Iyaba Adoniya ari we yemerewe kuja ku ngoma, birashoboka cane ko Salomo yari kuhasiga ubuzima. Adoniya yaciye ahungira ahantu heranda maze Salomo aca aramutumako ngo bamumuzanire. Salomo yaramenyesheje Adoniya ko yobandanije kubaho hamwe ata kibi coboneka muri we, aca aramurungika i muhira iwe.​—1Bm 1:41-53.

it-1 48

Adoniya

Ariko inyuma y’urupfu rwa Dawidi, Adoniya yarituye Batisheba amutuma ngo aje kumusabira Salomo ko yomuha Abishagi ngo amubere umugore. Abishagi yari incoreke yitwararika Umwami Dawidi. Adoniya yavuze ati: “Ingoma yobwirijwe kuba iyanje, [kandi] Isirayeli yose yari yashize amaso kuri jewe kugira ngo mbe umwami.” Ivyo birerekana ko Adoniya yabona ko yarenganijwe naho yivugishije ko yemera ko Imana ari yo yatoreye umuti ico kibazo. (1Bm 2:13-21) Naho ashobora kuba yasavye ico kintu ahanini bivuye ku cipfuzo yari afise co guhabwa indishi ku kuba atahawe ingoma, vyarerekanye cane ko agatima ko guhahamira ingoma kari kakiri muri we, kuko mu turere two muri Aziya ya kera abagore b’umwami n’incoreke ziwe baca begukira uwamusubiriye. (Gereranya na 2Sm 3:7; 16:21.) Salomo yaramenye ico kintu Adoniya yasavye abicishije kuri nyina wiwe aca ategeka ko Adoniya yicwa. Benaya yaciye ashira mu ngiro iryo tegeko adatebaganye.​—1Bm 2:22-25.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w05 1/7 30 ing. 1

Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Abami ba Mbere

2:37, 41-46. Ese ingene ari ukwita mu kaga umuntu yiyumviriye yuko ashobora kurenga amategeko ntabihanirwe! Abata ‘ya nzira ntoya ijana mu buzima’ n’ibigirankana bazokwibonera inkurikizi z’iyo ngingo itaranga ubukerebutsi bafashe.​—Matayo 7:14.

8-14 MYANDAGARO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 ABAMI 3-4

“Agaciro k’ubukerebutsi”

w11 15/12 8 ing. 4-6

Yoba akubera akarorero keza canke akubera imburi?

4 Mu ntango y’ingoma ya Salomo, Imana yaramubonekeye mu ndoto maze imusaba ngo agire ico asavye. Kubera ko Salomo yari azi yuko atazi utuntu n’utundi, yasavye ubukerebutsi. (Soma 1 Abami 3:5-9.) Imana yaranezerejwe n’uko uwo mwami asavye ubukerebutsi aho gusaba ubutunzi n’ubuninahazwa, ica imuha “umutima ukerebutse kandi utahura” hamwe n’itunga. (1 Abm. 3:10-14) Nk’uko Yezu yabivuze, ubukerebutsi bwa Salomo bwari bwinshi cane ku buryo umwamikazi wa Sheba yumvise ibijanye na bwo bigatuma agira urugendo rurerure kugira ngo abwibonere.​—1 Abm. 10:1, 4-9.

5 Ntitwitega kuronka ubukerebutsi ku gitangaro. Salomo yavuze yuko “Yehova ubwiwe atanga ubukerebutsi,” mugabo yanditse yuko dukwiye kwihatira kuronka iyo kamere iva ku Mana, ati: “Utege ugutwi kwawe ubukerebutsi, [kugira] ngo ushire umutima wawe ku gutahura.” Yaravuze kandi yuko dukwiye ‘guhamagara’ ubukerebutsi no ‘kuguma tuburondera.’ (Imig. 2:1-6) Biragaragara yuko dushobora kuronka ubukerebutsi.

6 Vyoba vyiza twibajije duti: ‘Noba mfata nka nkama akarorero Salomo yatanze ko guha agaciro ubukerebutsi buva ku Mana?’ Ingorane z’ivy’ubutunzi ziratuma abantu benshi bitwararika cane ibijanye n’akazi be n’amahera canke zikagira ico zikoze ku ngingo bafata ku bijanye n’amashure biga ayo ari yo be n’ukuntu angana. Bite ho ku bikwerekeye wewe n’umuryango wawe? Amahitamwo mugira yoba yerekana yuko muha agaciro ubukerebutsi buva ku Mana be n’uko muriko muraburondera? Kugira ico muhinduye ku vyo mwitwararika canke ku migambi mwishingiye vyoba vyotuma murushiriza kuronka ubukerebutsi? Mu vy’ukuri, kuronka ubukerebutsi no kubukoresha birashobora kubaronsa ivyiza biramba. Salomo yanditse ati: “Aho ni ho uzotahura ubugororotsi n’urubanza n’ukugororoka, inzira yose y’iciza.”​—Imig. 2:9.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w98 1/2 21 ing. 15

Yehova Ni Imana y’Amasezerano

15 Aho abakomoka kuri Aburahamu bamariye kwungunganywa bakagirwa ihanga riganzwa n’Ivyagezwe, Yehova yarabahunze imigisha nk’uko umuhango yahaye uwo muvyaramiryango wari. Mu 1473 B.G.C., Yosuwa uwasubiriye Musa yararongōye Isirayeli ayinjiza i Kanani. Ukugabanganiriza ico gihugu nya miryango kwagizwe mu nyuma kwarasohoje umuhango Yehova yari yaratanze wo kwegurira ico gihugu urubuto rwa Aburahamu. Igihe Isirayeli yari nyizerwa, Yehova yarasohoje umuhango yatanze wo kubaha intsinzi ku bansi babo. Ivyo ni ko vyagenze canecane mu gihe c’inganji y’Umwami Dawidi. Mu gihe ca Salomo umuhungu wa Dawidi, hari umuce ugira gatatu w’isezerano rya Aburahamu wasohoye. “Abayuda n’Abisirayeli bār’isinzi, bangana n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga; kandi bārarya, bāranywa, bakanezerwa.”​—1 Abami 4:20.

15-21 MYANDAGARO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 ABAMI 5-6

“Barakoze baratama babitumwe n’urukundo”

w11 1/2 15

Woba wari ubizi?

Ibiti vy’amasederi vyo muri Libani vyari bizwi canecane kubera ukuntu imbaho zavyo zaramba, zigasa neza kandi zikamota neza, tutavuze ukuntu wasanga zitabangamirwa n’udukoko. Salomo rero yakoresheje igikoresho ciza kuruta ibindi mu kwubaka urusengero. Muri kino gihe, ahahoze amashamba y’amasederi apfutse imisozi yo muri Libani hasigaye utugwitugwi dukeyi tw’amasederi.

it-1 411

Isederi

Ibiti vy’amasederi vyarakoreshwa cane. Ivyo vyasaba ko abantu ibihumbi bakora bagatama mu kuvyicira, mu kubitwara i Tiro canke i Sidoni ku nkengera y’ikiyaga Mediterane, mu kubifatanya bikamera nk’amasaso, no mu kubicisha mu kiyaga kumbure gushika i Yopa. Baca babidugana i Yeruzalemu. Ivyo vyakorwa ukwo kubera amasezerano yari hagati ya Salomo ya Hiramu. (1Bm 5:6-18; 2Ng 2:3-10) Ivyo biti vyarabandanije kurungikwa ku buryo vyavuzwe ko Salomo ‘ibiti vy’amasederi yabigize nk’ibiti vy’imisukomora mu bwinshi’ ku ngoma yiwe.​—1Bm 10:27; gereranya na Yes 9:9, 10.

it-2 1047 ing. 8

Urusengero

Mu gutunganya ico gikorwa, Salomo yaradugana abagabo 30.000 abakuye muri Isirayeli akabarungika i Libani ari abantu ibihumbi cumicumi ku kwezi, bakaza barakurakuranwa. Ukwezi kumwe bakumara i Libani, amezi abiri bakayamara muhira. (1Bm 5:13, 14) Mu kwikorera imizigo, yakoresha abantu 70.000 bo muri “ba kavamahanga” n’abandi 80.000 baringaniza amabuye. (1Bm 5:15; 9:20, 21; 2Ng 2:2) Salomo yaragenye abagabo 550 ngo bahagarikire ico gikorwa, n’abandi 3.300 biboneka ko babafasha. (1Bm 5:16; 9:22, 23) Muri abo, biboneka ko 250 bari Abisirayeli, abandi 3.600 na bo bakaba “ba kavamahanga” baba muri Isirayeli.​—2Ng 2:17, 18.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

g 7/12 18, uruzitiro

Bibiliya​—Igitabu c’ubuhanuzi bw’ukuri​—Igice ca 1

NTIYIHENDA MU BIJANYE N’IBIHE

Akarorero kerekana ukuntu Bibiliya itihenda mu bijanye n’ibihe tugasanga mu 1 Abami 6:1, aherekana igihe Umwami Salomo yatangura kwubaka urusengero i Yeruzalemu. Hagira hati: “Mu mwaka ugira amajana ane na mirongo umunani [imyaka 479 yuzuye] inyuma y’aho bene Isirayeli baviriye mu gihugu ca Misiri, mu mwaka ugira kane [w’ingoma ya Salomo], mu kwezi kwa Zivu, ni ukuvuga ukwezi kugira kabiri, inyuma y’aho Salomo abereye umwami wa Isirayeli, atangura kwubakira inzu Yehova.”

Duharuye twisunze ibivugwa muri Bibiliya, dusanga umwaka ugira kane w’ingoma ya Salomo watanguye mu 1034 B.G.C. Duciye duharura dusubira inyuma, imyaka 479 yuzuye idushikana mu 1513 B.G.C., ari na wo mwaka Isirayeli yava mu Misiri.

22-28 MYANDAGARO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 ABAMI 7

“Ico twokwigira ku nkingi zibiri”

w13 1/12 13 ing. 3

‘Mu misozi muzohacukura umujumpu’

Umwami Salomo yarakoresheje ubutare bwinshi cane bw’umujumpu mu guhingura ibintu vyo ku rusengero rw’i Yeruzalemu. Bwinshi muri bwo ni ubwo se Dawidi yari yarakuye muri Siriya igihe yahanesha. (1 Ngoma 18:6-8) Ca kibesani amahero abaherezi bakoresha mu gukaraba, icitwa “ikiyaga gishongeshejwe,” cajamwo amalitiro 66.000, kikaba gishobora kuba capima amatoni 30. (1 Abami 7:23-26, 44-46) Hari hariho na za nkingi zibiri amahero z’umujumpu zari zihagaze ku bwinjiriro bw’urusengero. Zari zifise uburebure bw’imetero 8, imitwe yazo na yo ikagira uburebure bw’imetero 2 na santimetero 20. Zari zifise umuheha hagati, zikagira intimbatimba ya santimetero 7,5 n’ubwaguke bw’imetero 1 na santimetero 70. (1 Abami 7:15, 16; 2 Ngoma 4:17) Wiyumviriye ubutare bw’umujumpu bwakoreshejwe mu guhingura ivyo bintu vyonyene, emwe birasiga ubwenge!

it-1 355

Bowazi

Inkingi ndende y’umujumpu yashinzwe mu buraruko kw’ibaraza rya rwa rusengero rwiza cane rwa Salomo yiswe Bowazi, ibishobora kuba bisobanura ngo “Mu nkomezi.” Inkingi yashinzwe mu bumanuko na yo yiswe Yakini, ibisobanura ngo “Ese [Yehova] yoshimangira.” Rero, ivyo bintu bibiri umuntu abishize hamwe, akabisoma ahereye i buryo aja i bubamfu nk’aho yoba ahagaze araba mu buseruko, vyosobanuye ngo ‘Ese [Yehova] yoshimangira [urusengero] mu nkomezi.’​—1Bm 7:15-21.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

it-1 257

Kwiyoga

Isuku ry’umubiri cari igisabwa ku basenga Yehova mu buryo bweranda kandi budahumanye. Ivyo vyaragaragarira mu ntunganyo zagizwe kw’itaberenakulo mu nyuma na ho ku rusengero. Igihe Umuherezi Mukuru Aroni n’abahungu biwe bagenwa mw’ibanga ryabo, babanje kwiyoga imbere y’uko bambara umwambaro wabo. (Kv 29:4-9; 40:12-15; Lw 8:6, 7) Mu gukaraba ku maboko no ku birenge, abaherezi bakoresha amazi ari mu kibesani c’umujumpu cari mu kigo c’itaberenakulo, mu nyuma na ho ayari muri ca kiyaga kinini gishongeshejwe cari ku rusengero rwa Salomo. (Kv 30:18-21; 40:30-32; 2Ng 4:2-6) Ku Musi w’impongano, umuherezi mukuru yiyoga kabiri. (Lw 16:4, 23, 24) Abatwara hanze y’ikambi ya mpene ya Azazeli, ibisigarira vy’ibitungwa vyaba vyatanzweko ikimazi, na ya nka y’akagajo yaba yatanzweko ikimazi, babwirizwa kwiyoga no kumesa impuzu zabo imbere y’uko basubira kwinjira mw’ikambi.​—Lw 16:26-28; Gh 19:2-10.

29 MYANDAGARO–4 NYAKANGA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 ABAMI 8

“Isengesho riranga ukwicisha bugufi kandi rivuye ku mutima Salomo yatuye ku mugaragaro”

w09 15/11 9 ing. 9-10

Nuryohore amasengesho yawe biciye ku kwiyigisha Bibiliya

9 Kugira ngo isengesho ryumvirwe, ritegerezwa kuba rivuye ku mutima. Salomo yaratuye isengesho rivuye ku mutima dusanga mu 1 Abami ikigabane ca 8, imbere y’uko amasinzi y’abantu akoranira i Yeruzalemu kugira ngo begurire Yehova urusengero rwiwe mu 1026 B.G.C. Inyuma y’aho isandugu ry’isezerano rishiriwe Ahera Cane maze igicu ca Yehova kikuzura nya rusengero, Salomo yaciye ashemeza Imana.

10 Niwihweze witonze iryo sengesho Salomo yatuye, maze urabe ukuntu riguma ryerekeza ku mutima. Salomo yaremeye icese ko Yehova ari we wenyene azi umutima w’umuntu. (1 Abm. 8:38, 39) Iryo sengesho rirekana yuko umucumuzi ‘agaruka ku Mana n’umutima wiwe wose’ azororanirwa. Bishitse umwansi akagira imbohe abasavyi b’Imana, amasengesho yabo yokwumviwe mu gihe umutima wabo wobaye utunganiye Yehova. (1 Abm. 8:48, 58, 61) Nta gukeka ko rero amasengesho utura akwiye kuba avuye ku mutima.

w99 1/2 15 ing. 7-8

Nutarike Amaboko Yera mu Gusenga

7 Twaba turiko turasengera ku mugaragaro canke mu mwiherero, ingingo ihambaye yo mu Vyanditswe twogumiza mu muzirikanyi ni iyi: Dukwiye kugaragaza agatima ko kwicisha bugufi mu masengesho dutura. (2 Ngoma 7:13, 14) Umwami Salomo yaragaragaje ukwicisha bugufi mw’isengesho yatuye ku mugaragaro mu gihe co kwinjira urusengero rwa Yehova i Yeruzalemu. Salomo niho yari agiheza imwe mu nyubakwa z’akaroruhore gusumba izari zarigeze kwubakwa zose kw’isi. Yamara rero, yasenganye ukwicisha bugufi ati: “N’ivy’ukuri Imana yoza kuba mur’iyi si? Rāba ijuru, mbere n’ijuru risumba ayandi, ntushobora kurikwirwamwo, nkanswe iyi nzu nubatse!”​—1 Abami 8:27.

8 Nka kumwe kwa Salomo, dukwiye kwicisha bugufi igihe duserukira abandi mw’isengesho dutura ku mugaragaro. Naho nyene dukwiye kwirinda uburyarya mu vy’ugusenga Imana, ukwicisha bugufi kurashobora kugaragarira kw’ijwi dukoresha. Amasengesho agiranywe ukwicisha bugufi ntaranga ukwishira hejuru canke ngo akwegere inyiyumvo gusa. Akwegera ivyiyumviro ku Wo tuba turiko turasenga si ku wushikiriza isengesho. (Matayo 6:5) Vyongeye, ukwicisha bugufi kugaragarira mu vyo tuvuga mw’isengesho. Iyo dusenze twicishije bugufi, ntibizokwumvikana nk’aho turiko dusaba yuko Imana igira ibintu binaka mu buryo dushaka ko bigirwa. Ahubwo, tuzotakambira Yehova ngo akore ibintu mu buryo bujanye n’ukugomba kwiwe kweranda. Umwanditsi wa Zaburi yaratanze akarorero mu vy’ukugira inyifato ikwiriye igihe yatakamba ati: “Dukize turakwinginze, ewe [Yehova: Yehova] turakwinginze, uduhe kugubga neza.”​—Zaburi 118:25; Luka 18:9-14.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

it-1 475 ing. 3

Ijuru

Salomo, uwubatse rwa rusengero rw’i Yeruzalemu, yavuze ko Imana idashobora gukwira mu “majuru, egome, ijuru ry’amajuru.” (1Bm 8:27) Yehova wa Muremyi w’amajuru, ari hejuru cane yayo kandi “izina ryiwe ryonyene [ni] ryo riri hejuru hadashikwa. Iteka ryiwe riri hejuru y’isi n’ijuru.” (Zb 148:13) Amajuru ari mu kirere kiboneka Yehova arayagera vyoroshe nka kurya umuntu agera ikintu akoresheje intoke ziwe, ku buryo ico kintu kija hagati y’urukumu n’agahererezi. (Yes 40:12) Amajambo Salomo yavuze ntasigura ko Imana idafise ahantu kanaka iba. Eka kandi ntasigura ko Imana iba hose nk’aho yoba iri ahantu hose no mu bintu vyose. Ivyo biragaragarira mu kuba Salomo yavuze kandi ko Yehova yumva ari “mu majuru, ahantu hashimangiye [a]ba,” ni ukuvuga mu majuru ari mu kirere tutabonesha amaso.​—1Bm 8:30, 39.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika