ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/7 rup. 28-rup. 31 ing. 12
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Abami ba Mbere

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Abami ba Mbere
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • UMWAMI W’INKEREBUTSI ATUMA HABA AMAHORO N’UGUSABAMBA
  • (1 Abami 1:1–11:43)
  • UBWAMI BWARI BWUNZE UBUMWE BWIGABURA
  • (1 Abami 12:1–22:53)
  • Ni ic’agaciro kanini kuri twebwe
  • 1 Abami: ibirimwo
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Salomo umwami w’inkerebutsi
    Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Yoba akubera akarorero keza canke akubera imburi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ubwami bugaburwamwo kubiri
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/7 rup. 28-rup. 31 ing. 12

Ijambo rya Yehova ni rizima

Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Abami ba Mbere

“IY’ABAGOROROTSI bagwiriye, abantu baranezerwa, arikw iy’umunyakibi aganza, abantu baraniha” (Imigani 29:2). Igitabu ca Bibiliya c’Abami ba Mbere kirerekana mu buryo butomoye ko ibivugwa muri uwo mugani ari ivy’ukuri. Kirigana inkuru y’ubuzima bwa Salomo, ku ntwaro yiwe Isirayeli ikaba igira umutekano ikongera igasagamba cane. Ico gitabu c’Abami ba Mbere kiravuga kandi ukuntu iryo hanga ryigabuye inyuma y’aho Salomo apfiriye, kikongera kikavuga inkuru y’abami 14 bamukurikiye, bamwe bakaba batwara muri Isirayeli abandi na bo bagatwara mu Buyuda. Babiri gusa muri bo ni bo bagumye ari intahemuka kuri Yehova. Vyongeye, ico gitabu kiravuga ivyerekeye ibikorwa vy’abahanuzi batandatu, dushizemwo na Eliya.

Iyo nkuru yanditswe n’umuhanuzi Yeremiya ayandikiye i Yeruzalemu no mu Buyuda, ivuga ivyabaye mu kiringo c’imyaka nka 129, guhera mu 1040 B.G.C. gushika mu 911 B.G.C. Biboneka yuko igihe Yeremiya yariko yegeraniriza hamwe ico gitabu, yikoze ku nzandiko za kera nka ca “Gitabo c’Ivyakozwe na Salomo”. Izo nzandiko zitandukanye ntizikiriho.​—1 Abami 11:41; 14:19; 15:7.

UMWAMI W’INKEREBUTSI ATUMA HABA AMAHORO N’UGUSABAMBA

(1 Abami 1:1–11:43)

Igitabu c’Abami ba Mbere gitangura n’inkuru y’inkoramutima ivuga ukuntu Adoniya umuhungu wa Dawidi agerageza kwigarurira ubwami bwa se. Ico umuhanuzi Natani aciye akora adatebaganye gituma umugambi wa Adoniya upfa, Salomo umuhungu wa Dawidi akaba ari we agirwa umwami. Yehova arahimbarwa n’ico uwo mwami aheruka kwimikwa asavye, maze akamuha “umutima w’ubgenge wo gutahura”, akongera akamuha “ubutunzi n’icubahiro” (1 Abami 3:12, 13). Ubukerebutsi bw’uwo mwami ni ntangere, ubutunzi bwiwe bukaba ata co umuntu yobugereranya. Ihanga rya Isirayeli riragira amahoro rikongera rigasagamba.

Zimwe mu nyubakwa Salomo yubaka akazinonosora ni urusengero rwa Yehova be n’izindi nyubakwa zikorerwamwo ivy’intwaro. Yehova arasezeranira uwo mwami Salomo yuko ‘azotuma ingoma yiwe ihangama mu Bisirayeli ibihe vyose’ aramutse abandanije kumugamburukira (1 Abami 9:4, 5). Imana y’ukuri iramubwira ibizoshika mu gihe atoyigamburukira. Ariko, mu nyuma Salomo arabira abagore benshi b’abanyamahangakazi. Akosho abo bagore bamugirako karatuma ahindukirira ugusenga kw’ikinyoma ageze mu zabukuru. Yehova aravuga yuko ubwami bwiwe buzokwigabura. Mu 997 B.G.C., Salomo arapfa, intwaro yiwe yari imaze imyaka 40 ikaba irarangiye. Umuhungu wiwe Rehobowamu araja ku ngoma.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

1:5​—Ni kubera iki Adoniya yagerageje gufata ubutegetsi kandi Dawidi yari akiriho? Bibiliya ntivuga igituma. Ariko rero, kubera ko bakuruwe Amunoni na Abusalomu bari bamaze gupfa, Kileyabu umuhungu wa Dawidi akaba ashobora kuba yari amaze gupfa, vyoba vyumvikana dushitse ku ciyumviro c’uko Adoniya yiyumviriye ko ari we akwiye kuja ku ngoma narirya ari we yakurira abahungu ba Dawidi bari bakiriho (2 Samweli 3:2-4; 13:28, 29; 18:14-17). Kubera ko yari ashigikiwe n’umukuru w’ingabo akomeye cane Yowabu be n’umuherezi mukuru afise ububasha Abiyatari, Adoniya ashobora kuba yariyumviriye adakeka ko atobuze gufata ubutegetsi. Bibiliya ntivuga nimba yari azi yuko Dawidi yipfuza ko Salomo aba ari we amusubirira ku ntebe y’ubwami. Ariko rero, Adoniya ntiyatumiye ku “kimazi” Salomo be n’abandi bantu bari ku ruhande rwa Dawidi (1 Abami 1:9, 10, NW). Ivyo bisa n’ivyerekana ko yafata Salomo nk’umukeba wiwe.

1:49-53; 2:13-25​—Ni kubera iki Salomo yishe Adoniya kandi yari yaramubabariye? Naho Batisheba atashoboye gutahura imvo nyakuri Adoniya yari afise igihe yamwinginga ngo amusabire umwami amuhe Abishagi amucure, Salomo wewe yarayitahuye. Naho Dawidi atari yararyamanye na we, Abishagi yafatwa nk’incoreke ya Dawidi. Hakurikijwe imigenzo yo muri ico gihe, Abishagi yokwegukiye gusa samuragwa wa Dawidi yemewe n’amategeko. Adoniya ashobora kuba yariyumviriye ko mu kwabira Abishagi yari gushobora kwongera kugerageza gushikira ubutegetsi. Salomo, kubera ko yabonye yuko ico Adoniya yariko arasaba cerekana ko arondera kwigarurira ubwami, yaciye akuraho ikigongwe yari yamugiriye.

6:37–8:2​—Urusengero rwinjiwe ryari? Urusengero rwarangiye mu kwezi kw’umunani mu 1027 B.G.C., hakaba hari mu mwaka ugira 11 Salomo ari ku ngoma. Bisa n’uko kwinjiza ibikoresho vyo mu rusengero no gutegura ibindi bintu, vyafashe amezi 11. Urusengero rutegerezwa kuba rwinjiwe mu kwezi kw’indwi mu mwaka wa 1026 B.G.C. Haravugwa ivyerekeye izindi nyubakwa zubatswe inyuma y’aho urusengero rurangiriye hakaba n’imbere y’uko havugwa ibijanye n’ukwinjira urwo rusengero, bikaba biboneka ko ari kugira ngo tumenye ayandi makuru ajanye n’iyubakwa ry’izo zindi nyubakwa.​—2 Ngoma 5:1-3.

9:10-13​—Kuba Salomo yaragabiye Hiramu umwami w’i Tiro ibisagara 20 vy’i Galilaya, vyoba vyari bihuje n’Ivyagezwe vya Musa? Icagezwe kiri mu Balewi 25:23, 24 gishobora kuba cafatwa ko gikora gusa ku bijanye n’akarere Abisirayeli babamwo. Birashoboka ko ibisagara Salomo yahaye Hiramu vyabamwo abatari Abisirayeli, naho ivyo bisagara vyari ivyo mu Gihugu c’Isezerano (Kuvayo 23:31). Ico kintu Salomo yakoze kirashobora kandi kuba cerekana ukuntu atashoboye gukurikiza neza na neza Ivyagezwe, nka ca gihe ‘yironderera amafarasi’ akongera akabira umukimba w’abagore (Gusubira mu vyagezwe 17:16, 17). Uko biri kwose, Hiramu ntiyashimye iyo ngabirano. Ivyo bisagara kumbure abantu b’abapagani babibamwo ntibabifata neza, canke bigashobora kuba bitari biherereye ahantu heza.

11:4​—Ubusaza bwoba ari bwo bwatumye Salomo ahemuka igihe yari ageze mu zabukuru? Bisa n’uko atari ukwo biri. Salomo yari akiri muto igihe yatangura gutwara, kandi naho yatwaye imyaka 40 ntiyashaje rwose. Ikindi kandi, ntiyataye Yehova buhere. Biboneka ko yabaye nk’uwugerageza gusukiranya ivy’ugusenga.

Ivyigwa tuhigira:

2:26, 27, 35. Ivyo Yehova avuga vyama biranguka. Ugukurwa mu mabanga kwa Abiyatari uwakomoka kuri Eli, kwarashikije ‘ijambo Yehova yari yaravuze ku nzu ya Eli’. Gushira Sadoki wo mu muryango wa Finehasi mu gishingo ca Abiyatari, vyarashikije ivyari vyaravuzwe mu Guharūra 25:10-13.​—Kuvayo 6:25; 1 Samweli 2:31; 3:12; 1 Ngoma 24:3.

2:37, 41-46. Ese ingene ari ukwita mu kaga umuntu yiyumviriye yuko ashobora kurenga amategeko ntabihanirwe! Abata ‘ya nzira ntoya ijana mu buzima’ n’ibigirankana bazokwibonera inkurikizi z’iyo ngingo itaranga ubukerebutsi bafashe.​—Matayo 7:14.

3:9, 12-14. Yehova arishura amasengesho abasavyi biwe bamutura bivuye ku mutima bamusaba ubukerebutsi, ugutahura be n’ubuyobozi kugira ngo barangure igikorwa yabashinze.​—Yakobo 1:5.

8:22-53. Ese ingene Salomo yaseruye ugukengurukira Yehova bimwe bivuye ku mutima, we Mana y’imbabazi canke ubuntu-mvarukundo, ishitsa ivyo yasezeranye, kandi yumva ivyo isabwa! Kuzirikana ku majambo Salomo yavuze mw’isengesho yatuye ku musi urusengero rwegurirwa Imana, bizotuma turushiriza gukenguruka izo kamere za Yehova be n’iyindi mice ya kamere yiwe.

11:9-14, 23, 26. Igihe Salomo yareka kugamburukira Imana ageze mu zabukuru, Yehova yaramuhagurukirije abarwanizi. Intumwa Petero avuga iti: “Imana irwanya abībona, arikw abicisha bugufi ikabaha ubuntu”.​—1 Petero 5:5.

11:30-40. Umwami Salomo yarondeye kwica Yerobowamu kubera ivyo Ahiya yari yavuze ko vyobaye kuri Yerobowamu. Ese ingene bitandukanye cane n’ukuntu yari yavyifashemwo imyaka 40 imbere y’aho, igihe yanka kurondera kwihora Adoniya be n’abandi bari bagerageje gutembagaza ubutegetsi (1 Abami 1:50-53)! Iryo hinduka mu nyifato yiwe ryatumwe n’uko yari yataye Yehova.

UBWAMI BWARI BWUNZE UBUMWE BWIGABURA

(1 Abami 12:1–22:53)

Yerobowamu n’abanyagihugu baraza gusaba Umwami Rehobowamu ngo abagabanirize umutwaro se wiwe Salomo yabashizeko. Aho guca akora ico bamusavye, Rehobowamu arababwira ko ahubwo agiye kurushirizaho kuremereza uwo mutwaro. Imiryango cumi iragumuka maze ikimika Yerobowamu ngo abe umwami wabo, ubwami buba burigabuye. Rehobowamu atwara ubwami bwo mu Bumanuko bugizwe n’umuryango wa Yuda n’uwa Benyamini, Yerobowamu na we agatwara ubwami bwo mu Buraruko bugizwe n’imiryango cumi.

Kugira ngo abuze abantu kuja gusenga i Yeruzalemu, Yerobowamu arashiraho inyana zibiri z’inzahabu, imwe akayishira i Dani iyindi na yo akayishira i Beteli. Bamwe mu bami baganza muri Isirayeli inyuma ya Yerobowamu ni Nadabu, Bayasha, Ela, Zimuri, Tibuni, Omuri, Ahabu, na Ahaziya. Abiya, Asa, Yehoshafati, na Yehoramu ni bo basubirira Rehobowamu mu Buyuda. Mu bahanuzi batumwe n’Imana bo mu gihe c’abo bami harimwo Ahiya, Shemaya, n’uwundi muntu w’Imana atavugwa izina, hamwe na Yehu, Eliya be na Mikaya.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

18:21​—Kubera iki abantu ata co bishuye Eliya igihe yabasaba gukurikira Yehova canke Bayali? Bashobora kuba baratahuye ko batashoboye kuyobokera Yehova we musa nk’uko abisaba, ivyo bica bituma biyagiriza. Canke kumbure ijwi ryabo ryo mu mutima ryari ryarakomantaye gushika n’aho babona ko ata kibi kiri mu gusenga Bayali mu gihe nyene bavuga ko basenga Yehova. Aho Yehova amariye kwerekana ububasha bwiwe ni ho gusa baciye bavuga bati: “Yehova ni we Mana y’ukuri! Yehova ni we Mana y’ukuri!”.​—1 Abami 18:39, NW.

20:34​—Aho Yehova amariye gufasha Ahabu gutsinda Abasiriya, ni kubera iki Ahabu yarekuye umwami wabo Beni-hadadi? Aho kwica Beni-hadadi, Ahabu yaragiraniye na we isezerano ry’uko amabarabara y’i Damasiko umugwa mukuru wa Siriya yokwegukiye Ahabu, bikaba biboneka ko kwari kugira ngo hashirweho ubuguriro canke amasoko. Imbere y’ico gihe, se wa Beni-hadadi na we nyene yari yarigaruriye amabarabara y’i Samariya kugira ngo ahakorere ivy’ubudandaji. Ku bw’ivyo, Beni-hadadi yarekuwe kugira ngo Ahabu ashobore gukorera ivy’ubudandaji i Damasiko.

Ivyigwa tuhigira:

12:13, 14. Igihe dufata ingingo zihambaye mu buzima, dukwiye gusaba impanuro abantu b’inkerebutsi kandi bahumuye bazi neza Ivyanditswe, vyongeye bubaha cane ingingo ngenderwako z’Imana.

13:11-24. Impanuro canke inama isa n’iyiteye amakenga, naho yoba itanzwe n’umuntu dusangiye ukwizera aturonderera ineza, ikwiye kurabirwa ku burongozi bwiza duhabwa n’Ijambo ry’Imana.​—1 Yohana 4:1.

14:13. Yehova aradusuzuma rwose aturonderamwo iciza. Naho ico ciza coba gisa n’aho ata co kivuze, arashobora kugikuza uko tumukorera twivuye inyuma.

15:10-13. Dukwiye kwamirira kure ubuhuni tubigiranye umutima rugabo, tugateza imbere ugusenga kw’ukuri.

17:10-16. Umupfakazi w’i Zarefati yaratahuye ko Eliya ari umuhanuzi yatumwe n’Imana yongera amufata nka we koko, kandi Yehova yarahezagiye ibikorwa yakoze biranga ukwizera. No muri iki gihe, Yehova arabona ibikorwa dukora biranga ukwizera, kandi araha impera abashigikira igikorwa c’Ubwami mu buryo butandukanye.​—Matayo 6:33; 10:41, 42; Abaheburayo 6:10.

19:1-8. Igihe bariko baraturwanya bimwe bikomeye, turashobora kwizigira ko Yehova azodushigikira.​—2 Ab’i Korinto 4:7-9.

19:10, 14, 18. Abasavyi b’Imana b’ukuri ntibigera baba bonyene. Bari kumwe na Yehova be n’abavukanyi babo bo kw’isi yose.

19:11-13. Yehova si imana yo mu bidukikije canke inguvu zo mu bidukikije zihawe kamere nk’iz’umuntu.

20:11. Igihe Beni-hadadi yihaya avuga ko agiye gusangangura igisagara c’i Samariya, umwami wa Isirayeli yishuye ati: ‘Uwucambara ibirwanishwa aja kurwana, ntiyihaye nk’uwuvyambura’ avuye kunesha. Igihe dushinzwe igikorwa gishasha, dutegerezwa kwirinda ukwiyemera kw’umuntu yirata.​—Imigani 27:1; Yakobo 4:13-16.

Ni ic’agaciro kanini kuri twebwe

Igihe Musa yariko yigana inkuru ijanye n’igihe Ivyagezwe vyatangwa ku musozi Sinayi, yabwiye Abisirayeli ati: “Rāba, uyu musi mbashize imbere umugisha n’umuvumo: uwo mugisha muzowuhabga ni mwitondera ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu, ivyo mbagera uyu musi; uwo muvumo muzowuvumwa ni mutumvira ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu, mugakīkama mugata inzira mbagera uyu musi”.​—Gusubira mu vyagezwe 11:26-28.

Ese ingene igitabu c’Abami ba Mbere kitwereka neza ukwo kuri guhambaye! Nk’uko twavyiboneye, ico gitabu kiratwigisha n’ibindi vyigwa ngirakamaro. Ubutumwa buri muri co ni buzima koko, kandi burafise ububasha.​—Abaheburayo 4:12.

[Ifoto ku rup. 29]

Urusengero be n’izindi nyubakwa Salomo yubatse

[Ifoto ku rup. 30]

Aho Yehova amariye kwerekana ububasha bwiwe, abantu baciye bavuga bati: “Yehova ni we Mana y’ukuri!”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika