Icanditswe c’umwaka wa 2013
“Gira umutima rugabo kandi ukomere. . . . Yehova Imana yawe azobana nawe.”—Yosuwa 1:9
Mu 1473 B.G.C., Abisirayeli bari begereje kwinjira mu Gihugu c’isezerano, ariko imbere yabo hari abansi b’abanyenkomezi. Imana yategetse Yosuwa iti: “Gira umutima rugabo kandi ukomere.” Yosuwa agumye ari umwizigirwa, yororaniwe. Yabwiwe ati: “Nturanduke umutima canke ngo ucike ivutu, kuko Yehova Imana yawe azobana nawe aho uzoja hose.” Kandi Imana yarabanye na we koko, kuko mu myaka itandatu gusa Abisirayeli bari bamaze gutsinda abansi babo.—Yos. 1:7-9.
Abakirisu b’ukuri bari mu kwinjira mw’isi nshasha yasezeranywe; ku bw’ivyo barakeneye kugira umutima rugabo no gukomera. Nka kumwe kwa Yosuwa, duhanganye n’abansi b’abanyenkomezi barondera gusenyura ukudahemuka kwacu. Ntiturwana intambara dukoresheje amacumu n’inkota, ariko dukoresha ibirwanisho vyo mu buryo bw’impwemu, kandi Yehova aratumenyereza kubikoresha tubigiranye ubuhanga. Uko ivyawe vyoba vyifashe kwose, numenye neza ko mu gihe ufise umutima rugabo, ukomeye kandi uri umwizigirwa, Yehova azobana nawe kugira utsinde.