ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb14 rup. 100-101
  • Bamwita ngo Bibiliya Brown

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bamwita ngo Bibiliya Brown
  • Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
  • Ivyo bijanye
  • 1923: Imyaka 100 irarangiye
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Narakunze Sierra Leone
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
  • Igikorwa co guhindura abantu abigishwa caratumye ngira intumbero nziza mu buzima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ukumenyerezwa kudasanzwe naronse kwaratumye nshurika
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
Ibindi
Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
yb14 rup. 100-101

SIERRA LEONE NA GUINÉE

Bamwita ngo Bibiliya Brown

William R. Brown

  • YAVUTSE 1879

  • YABATIJWE 1908

  • IVYIWE MURI MAKE Ni we yayoboye igikorwa co kwamamaza kigitangura muri Afrika y’uburengero.

IGIHE William yariko arakora mu bwubatsi bwa wa muhora w’amazi witwa Canal de Panama mu 1907, yarumvise insiguro yariko irashikirizwa mw’ibarabara na Isaiah Richards, Umutohoji wa Bibiliya, ukwo akaba ari ko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe. Richards yashingiye iyo nsiguro yiwe ku gicapo kimwe (Carte des Âges), ico kikaba cari igicapo cakoreshwa mu gusigura imigambi y’Imana. William yaciye ubwo nyene yemera ukuri hanyuma aca asubira muri Jamayike kugira akubwire nyina wiwe na bashiki we. Mu nyuma, na bo nyene barabaye Abatohoji ba Bibiliya.

Umuvukanyi Brown yaramaze igihe asukurira mu gisagara citwa Panama, mu gihugu ca Panama. Aho yarahahuriye na Evander J. Coward, uwari yaje aserukira Abatohoji ba Bibiliya, akaba yariko aragendera Panama ashikiriza insiguro. Coward yari umushikirizansiguro avugana ubujijutsi kandi atwenza, vyongeye isinzi ryarasegenyuka riza kumwumviriza. Igihe yabona ko William yari afitiye umwete ukuri, yaciye amusaba ko bojana mu ngendo zo kwamamaza muri Trinité.

Mu myaka cumi canke irenga yakurikiye, William yaragize ingendo hirya no hino muri Karayibe, akora ubutsimvyi yongera akomeza imigwi mitomito. Mu 1920, yarubakanye na Antonia, mushiki wacu mukirisu w’umwizigirwa. Haheze imisi ibiri bagize ubugeni, William na Antonia barafashe ubwato baja mu kazinga gatoyi ka Montserrat ko mu mazinga ya Sous-le-Vent, bagenda bajanye ya senema yitwa “Urukurikirane rw’amafoto yerekeye ivyaremwe,” ikaba yari igizwe n’isenema y’ibice bine be n’amashusho ashingiye kuri Bibiliya. Baramamaje kandi mu mazinga ya Barbade, Dominique be na Grenade. Ntiworaba ukuntu imisi y’inyuma y’ubugeni bwabo bayiryohererewe bari mu murimo wa Yehova.

Haheze imyaka ibiri, William yarandikiye Joseph F. Rutherford, akaba ari we yari ahagarikiye igikorwa c’abasavyi ba Yehova ico gihe, ati: “Ndabifashijwemwo na Yehova narashinze intahe hirya no hino mu gice kinini c’amazinga ya Karayibe kandi muri menshi narahinduye abantu abigishwa. Noba nkwiye gusubirayo?” Mu misi mikeyi, umuvukanyi Rutherford yaramwishuye ati: “Nutere uja muri Sierra Leone, muri Afrika y’uburengero, ujane n’umugore wawe n’umwana wawe.”

Mu myaka 27 yose umuvukanyi Brown yamaze akorera muri Afrika y’uburengero, ntiyigeze ashima gukorera mu biro. Yashima kuja kwamamaza. Kubera ko yashimika ku kamaro Bibiliya ifise, abantu baciye batangura kumwita ngo Bibiliya Brown.

Mu 1950, igihe William Brown yari afise imyaka 71, we n’umugore wiwe barasubiye muri Jamayike gukora ubutsimvyi. William yarakoze ubutsimvyi gushika arangije ubuzima bwiwe bwo kw’isi mu 1967. Ese ukuntu yakunda ubutsimvyi! Yabona ko ari kamwe mu duteka ntangere umuntu yashobora guterwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika