ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb14 rup. 99
  • “Mu mwaka umwe uzoba upfuye”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Mu mwaka umwe uzoba upfuye”
  • Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
  • Ivyo bijanye
  • Narakunze Sierra Leone
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
  • Igikorwa co guhindura abantu abigishwa caratumye ngira intumbero nziza mu buzima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Twari twiyemeje gusukurira Yehova
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
  • Kubera iki twoja ku makoraniro ku Ngoro y’Ubwami?
    Urwaruka ruribaza
Ibindi
Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
yb14 rup. 99

SIERRA LEONE NA GUINÉE

“Mu mwaka umwe uzoba upfuye”

Zachaeus Martyn

  • YAVUTSE 1880

  • YABATIJWE 1942

  • IVYIWE MURI MAKE Yatanguye ubutsimvyi igihe yari afise imyaka 72.

ZACHAEUS nta n’umwe yigeze amwigisha Bibiliya. Ahubwo aho amariye gusoma igitabu citwa Salut be n’icitwa La Harpe de Dieu, yaciye abona ko yubuye ukuri.

Umusi umwe ku w’iyinga mu gitondo ca kare mu 1941, Zachaeus yarafashe urugendo agiye kw’ikoraniro ry’Ivyabona ari bwo bwa mbere, rikaba ryabereye ku bilometero umunani, munsi y’umusozi muremure. Kubera ko atari azi igihe ikoraniro ritangurira, yashitse hagisigaye amasaha atari make ngo ritangure. Zachaeus yaricaye ararindira ko abavukanyi bashika. Amaze kwitaba amakoraniro yo ku w’iyinga incuro zitatu ku Ngoro y’Ubwami, yaciye abwira ishengero rya Anglikane ryo ng’aho ngo bamukure ku rutonde rw’abanywanyi baryo.

Umugenzi wiwe somambike basenga hamwe yamubwiranye ishavu ati: “Wa mutama we, niwabandanya kuza uragira ivyo bilometero umunani uduga wongera umanuka uwo musozi ugiye ku ngoro y’abo bantu, mu mwaka umwe uzoba upfuye.” Yaramaze imyaka itanu abona Zachaeus aduga yongera amanuka uwo musozi kabiri mu ndwi. Mu nyuma, uwo mugenzi wiwe yarapfuye giturumbuka! Mu myaka 25 yakurikiye, Zachaeus yari akidora.

Zachaeus yarakoreye Yehova adahemuka gushika apfuye afise imyaka 97.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika