ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwex ikiganiro 33
  • Kuyobora inyigisho za Bibiliya hakoreshejwe telefone ya bose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kuyobora inyigisho za Bibiliya hakoreshejwe telefone ya bose
  • Inkuru z’ivyabaye
  • Ivyo bijanye
  • “Gushinga intahe dukoresheje telefone tukererwa”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Inyishu Ku Bibazo Vyanyu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Gutanguza inyigisho za Bibiliya muhagaze imbere y’umuryango canke hakoreshejwe telefone aho bishoboka, cabure mu kwandika amakete
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ubwira Iki Icuma Cishura?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
Ibindi
Inkuru z’ivyabaye
ijwex ikiganiro 33
Umusore ariko akoresha telefone ya bose mu kwiga Bibiliya.

Kuyobora inyigisho za Bibiliya hakoreshejwe telefone ya bose

Daiane ni Icabona ca Yehova kandi amara umwanya munini ariko aramamaza muri Brezile. Umusi umwe ariko aramamaza kuri telefone, yarayaze n’umugore be n’umugabo bamaze igihe gito bubakanye kandi barashimishijwe cane. Babwiye Daiane ko bazokwimukira mu gasagara kari kure cane, ahatagira umuyagankuba canke internet. Vyongeye, nta cabona ca Yehova aba muri ako karere. Kugira babandanye kwiga Bibiliya, uwo mugabo n’umugore bubakanye barahaye Daiane inomero ya telefone ya bose ikoreshwa muri ako gasagara. Baciye bashinga umusi n’isaha boza baraganirako.

Kuri ya sango bahanye, Daiane yaraterefonye kuri ya nomero hanyuma wa mugabo n’umugore baritaba. Mu ndwi zibiri zakurikiye, bari bamaze kuyaga kuri Bibiliya incuro zitatu bakoresheje ya telefone.

Mugabo inyuma y’aho, ntibasubiye kumwitaba. Daiane ntiyacitse intege, yagumye aterefona kuri ya telefone gatatu mu ndwi. Yaca aganiriza uwitavye ivyerekeye Bibiliya. Icavuyemwo, ni uko Daiane yatanguje inyigisho za Bibiliya zitari nke muri ako gasagara.

Umusi umwe, Daiane n’umugabo wiwe bariko barigisha Bibiliya umusore umwe kuri ya telefone, hari umukuru w’idini ryo muri ako gasagara yumvise bariko barayaga. Yaciye yegera uwo musore kugira yumvirize neza ico kiyago. Uwo mukuru w’idini yaciye asaba Daiane n’umugabo wiwe ko boyaga. Ico kiyago cari camuryoheye cane ku buryo yaciye asaba ko na we nyene bomwigisha Bibiliya.

Muri ico gihe, Daiane n’umugabo wiwe barigisha Bibiliya abantu batandatu bakoresheje telefone ya bose yo muri ako gasagara, harimwo na wa mukuru w’idini. Bamwe muri abo biga Bibiliya, baramaze gukurikirana amakoraniro bakoresheje ya telefone. Hari mbere umwe muri bo yakoze intebe kugira abiga Bibiliya baronke aho bicara bariko bariga.

Daiane n’umugabo wiwe barahimbawe cane kuba bararonse akaryo ko kumenyesha inkuru nziza y’Ubwami muri ako karere kari kure cane. Daiane avuga ati: «Yehova arashobora gutuma umuntu yumva inkuru nziza naho yoba aba mu karere ka kure cane.»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika