ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/13 rup. 2
  • Inyishu Ku Bibazo Vyanyu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu Ku Bibazo Vyanyu
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu ku Bibazo Vyanyu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • “Gushinga intahe dukoresheje telefone tukererwa”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Nkwiye kumenya iki ku bijanye no kwandika amamesaje?
    Urwaruka ruribaza
  • Abana be na telefone: Igice ca 2: Kwigisha abana ingene bokoresha neza telefone
    Icofasha umuryango
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2013
km 4/13 rup. 2

Inyishu Ku Bibazo Vyanyu

◼ Ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya zikora ku bijanye no gukoresha telefone ngendanwa igihe turi mu makoraniro ya gikirisu n’igihe turi mu busuku?

“Ikintu cose kirafise igihe cashingiwe.” (Umus. 3:1): Telefone ngendanwa ziratuma abantu boroherwa no kwandikiranira ubutumwa canke kuvugana hafi umwanya uwo ari wo wose. Ariko rero, hariho ibihe abakirisu baba badakeneye gusamazwa na telefone zabo. Nk’akarorero, amakoraniro yacu ni ikiringo co gusenga Yehova, kuronswa inyigisho zo mu vy’impwemu no guhanahana indemesho. (Gus. 31:12; Zab. 22:22; Rom. 1:11, 12) Twoba twoshobora kuzimya telefone igihe dushitse ku makoraniro kandi tukaza kwishura abatwandikiye inyuma y’amakoraniro? Niba hari ikintu cihutirwa gisaba ko tuguma twakije telefone, turakwiye kuyiregera ku buryo idasamaza abandi.

‘Nukore vyose ku bw’inkuru nziza.’ (1 Kor. 9:23): Rimwe na rimwe, birakenerwa ko dukoresha telefone ngendanwa turi mu busuku. Nk’akarorero, umuvukanyi aba yahagarikiye ikiganiro arashobora kuyikoresha kugira ngo amenye ivyerekeye abariko baramamaza mu bindi bice vy’icibare. Rimwe na rimwe abamamaji barakoresha telefone ngendanwa zabo kugira ngo bakure umuntu yashimishijwe canke inyigisho ya Bibiliya imbere y’uko baja kumugendera, canecane igihe uwo muntu aba aba kure. Igihe tuba dufise telefone, turakwiye kwishingira ingingo zituma itaducira mw’ijambo igihe tuba turiko turayaga n’umunyamuhana. (2 Kor. 6:3) Igihe turindiriye abandi bamamaji, aho kuba turaterefona umugenzi canke kuba turamwandikira ubutumwa, ubwo ntivyoba vyiza kuruta tugumije umuzirikanyi wacu ku busuku no ku bo turiko turakorana?

Niwitwararike abandi. (1 Kor. 10:24; Flp. 2:4): Ntidukwiye kwigera dufata minenerwe ivyo gushika ku gihe ku makoraniro yo gusohoka mu ndimiro twiyumvira ko dushobora kwama duterefona canke twandikira umuntu kugira ngo tumenye aho umugwi munaka uriko uramamaza. Igihe dushitse twacerewe, akenshi bategerezwa guca bongera gupanga abagize umugwi. Ego ni ko, rimwe na rimwe harashobora gushika ibintu bitatuvuyeko vyotuma ducerwa. Ariko rero, igihe tugize akamenyero ko kwama dushika kare, tuba twerekanye ko twubaha intunganyo za Yehova, umuvukanyi ahagarikira ikiganiro be n’abamamaji bagenzi bacu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika