ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwhf ikiganiro 13
  • Ingene wogumiza akazi mu mwanya wako

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene wogumiza akazi mu mwanya wako
  • Icofasha umuryango
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico ukwiye kumenya
  • Ivyogufasha kugumana uburimbane mu bijanye n’akazi
  • Ivyo mwoganirako
  • Ubuhinga bwa none bugira ingaruka izihe ku mubano wanyu?
    Be maso!—2021
  • “Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka”
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Ingene twokwiyemeza ko utwuma two mu buhinga bwa none tutatwaye ikibanza gihambaye mu buzima bwacu
    Icofasha umuryango
  • Igihe ubugenzi burenze urugero
    Be maso!—2013
Ibindi
Icofasha umuryango
ijwhf ikiganiro 13
Umugabo n’umugore bariko barasangira agakawa. Ibijanye n’akazi n’amatelefone babishize kure yabo.

ICOFASHA UMURYANGO | UMUBANO

Ingene wogumiza akazi mu mwanya wako

Muri ibi bihe aho ubuhinga bwa none bwateye imbere, umukoresha wawe, abo mukorana eka mbere n’abakiriya boshobora kwitega ko bakuronka umwanya uwo ari wo wose. Ivyo rero bica bituma bitoroha kugumiza ikintu kimwekimwe cose mu mwanya waco.

  • Ico ukwiye kumenya

  • Ivyogufasha kugumana uburimbane mu bijanye n’akazi

  • Ivyo abubakanye bavuga

  • Ivyo mwoganirako

Ico ukwiye kumenya

  • Ubuhinga bwa none burashobora gutuma umwanya wari kumara uri kumwe n’uwo mwubakanye uwumara uriko urakora. Rero iyo baguterefonye canke bakwandikiye bakubwira ibijanye n’akazi mu masaha atari ay’akazi, uca ubona umengo hari ibintu vyihutirwa bisabwa kwitwararikwa muri ako kanya nyene.

    “Ubu ibintu bisanzwe, nko kuva ku kazi ukamarana umwanya n’umuryango wawe, bisigaye bisa n’ibidashoboka kubera ko amatelefone n’amamesaje y’ivy’akazi aca yitamwo, uwo mwubakanye na we agaca yibagirwa.”​—Jeanette.

  • Kugira akazi ntikaze karinjira mu mwanya umarana n’umuryango, utegerezwa kugira ico ukoze. Atari ukwo, karashobora kwama kabinjiriramwo.

    “Uwo mwubakanye ni we akenshi agwa mu mporero, kubera uca wibwira uti: ‘Araza kubitahura, kandi ambabarire. Tuzomarana umwanya ikindi gihe.’”​—Holly.

Ivyogufasha kugumana uburimbane mu bijanye n’akazi

  • Nushire imbere umubano wanyu. Bibiliya ivuga iti: “Ico Imana yafatanije, umuntu ntakagitandukanye.” (Matayo 19:6, Bibiliya Nyeranda) Nimba utoreka ngo hagire umuntu ‘agutandukanya’ n’uwo mwubakanye, kubera iki woreka akazi kakabatandukanya?

    “Abakiriya bamwebamwe, kubera ko banyinjiriza amahera, bibaza ko bashobora kundonka umwanya uwo ari wo wose bankeneye. Ariko kwibuka ko uwo twubakanye ari we aza mu kibanza ca mbere bituma ndababwira ko ntaboneka mu misi ntakora ariko ko nzoca ndabarondera hanyuma.”​—Mark.

    Niwibaze uti: ‘Ivyo nkora vyoba vyerekana ko mpa agaciro umubano wanje kuruta akazi?’

  • Igihe bikenewe, niwanke ibikorwa bimwebimwe. Bibiliya ivuga iti: “Ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto.” (Imigani 11:2) Ukwifata ruto kwoshobora gutuma ubona ko bibereye kwanka akazi kiyongereye canke ukagashinga uwundi.

    “Ndi umufundi w’ivy’amazi. Iyo bishitse hakagira umuntu akenera ko ndamufasha vyihuta, maze nkabona ko ico kintu ntashobora kugikora mu mwanya yipfuza, nca ndamurangira uwundi mufundi yomufasha.”​—Christopher.

    Niwibaze uti: ‘Noba nemera kwanka akazi kiyongereye nimba kugakora vyotuma ntitwararika uwo twubakanye? Uwo twubakanye yovyemeza?’

  • Nuronderere umwanya uwo mwubakanye. Bibiliya ivuga iti: “Ikintu cose kirafise igihe cashingiwe.” (Umusiguzi 3:1) Igihe ufise akazi kenshi, aba ari co gihe bihambaye cane ko uronderera umwanya uwo mwubakanye kandi ukiyemeza kuwuronka.

    “Akenshi igihe ivyo dukora vyatubanye vyinshi, turarondera umwanya wo kuba turi babiri ata kiduciramwo, naho kwoba ari gusangirira hamwe udufungurwa canke gutembera ku kiyaga.”​—Deborah.

    Niwibaze uti: ‘Noba ntegekanya umwanya wo kuba kumwe n’uwo twubakanye ata kiduciramwo? Uwo twubakanye yovyemeza?’

  • Nuzimye utwuma twawe. Bibiliya ivuga iti: “Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.” (Abafilipi 1:10) Ubona rimwe na rimwe wozimya utwuma twawe kugira ntusamazwe n’ubutumwa bujanye n’akazi?

    “Ndihatira gushiraho umwanya ntarengwa wo gukora akazi. Rero akazi gaheze, nca ndegera telefone ku buryo ata butumwa busubira kuza.”​—Jeremy.

    Niwibaze uti: ‘Noba mbona ko ari ngombwa ko nguma ndi ku murongo kugira ngo bishitse umukoresha wanje canke umukiriya akandondera andonke? Uwo twubakanye abivugako iki?’

  • Nukore ibitegereka. Bibiliya ivuga iti: “Ukugira ibitegereka kwanyu kumenyekane.” (Abafilipi 4:5) Tuvugishije ukuri, birashobora gushika akazi kakagutwara umwanya wari kumarana n’uwo mwubakanye. Nk’akarorero, vyoshobora kuba ngombwa ko uwo mwubakanye akora inyuma y’amasaha y’akazi bivanye n’ubwoko bw’akazi akora. Ntuce umwitegako ibidashoboka.

    “Mu kazi umugabo wanje akora, harakunda kuba ibintu vyihuta bisaba ko akora amasaha yiyongereye. Birashika nkumva nshavuye, ariko ndavye umwanya dusanzwe tumarana, nca nsanga ataco bitwaye.”​—Beverly.

    Niwibaze uti: ‘Igihe uwo twubakanye afise ibikorwa vyinshi, noba ndamwereka ko ndamutahura mu kutamusaba umwanya urengeye uwo ashobora kuronka? Uwo twubakanye yovyemeza?’

Akamenyetso k’agatara.

Impanuro: Niwibuke ko dukwiye kwama dusuzuma ko turiko turaha akazi umwanya ubereye ariko kandi tukaraba ko n’ibindi bintu vyo mu buzima tubiha umwanya wavyo. Nimwisunge ivyiyumviro biri ahavuga ngo Ivyo mwoganirako kugira murabe nimba ata bintu wewe n’uwo mwubakanye mukeneye guhindura.

Ivyo abubakanye bavuga

Joseph na Hannah.

“Turakunda kuzimya utwuma twacu kugira twirinde gusamazwa n’amamesaje igihe turiko turafungura. Umwanya wahebewe umuryango urakwiye kwubahirizwa cane.”​—Joseph n’umukenyezi wiwe Hannah.

Kara na Daniel.

“Kuguma tworoheje ubuzima vyaradufashije cane. Igihe woroheje ubuzima, biroroha ko uguma ukora ibintu ku burimbane narirya ata bintu vyinshi uba ufise bigutwara umwanya wawe.”​—Kara n’umugabo wiwe Daniel.

Ivyo mwoganirako

Ubwa mbere, umwe wese yokwihweza bino bibazo ari wenyene. Mu nyuma, mwoca muganirira hamwe inyishu zavyo.

  • Uwo mwubakanye yoba amaze kukwidogera ko no muhira ubandanya akazi? Nimba amaze kubivuga, woba uvyemera?

  • Ku bijanye no kugira uburimbane mu vy’akazi, ubona ari ibiki ukwiye kuryohora?

  • Vyoba bimaze gushika ukabona ko uwo mwubakanye abandaniriza akazi muhira? Nimba bimaze gushika, hari nka ryari?

  • Ni ibiki woshima kubona uwo mwubakanye ahinduye?

Incamake: Ingene wogumiza akazi mu mwanya wako

  • Nushire imbere umubano wanyu. Ntureke ngo akazi kabinjirire mu mubano wanyu.

  • Igihe bikenewe, niwanke ibikorwa bimwebimwe. Mu bihe bimwebimwe, biraba vyiza akazi ugahaye uwundi canke ukakanka.

  • Nuronderere umwanya uwo mwubakanye. Igihe ufatirwa cane n’akazi, ntiwirengagize uwo mwubakanye.

  • Nuzimye utwuma twawe. Rimwe na rimwe nuzimye utwuma twawe kugira ntusamazwe n’ubutumwa bujanye n’akazi.

  • Nukore ibitegereka. Kugira tugire uburimbane ku bijanye n’akazi, bisaba ko tuguma dusuzuma ivyo dukora kandi tukagira ivyo duhinduye. Ntiwitege ibidashoboka.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika