ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 86
  • Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye imyuzurira yonona ibintu?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye imyuzurira yonona ibintu?
  • Ibindi biganiro
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ikimenyetso cerekana ko tubayeho mu «misi ya nyuma»
  • Kubera iki twogira icizigiro?
  • Umwaka wa 2023 waranzwe n’ingorane: Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
  • Bibiliya ivuga iki ku bushuhe bukaze bwo mu ci ryo mu 2023?
    Ibindi biganiro
  • Ni nde azokiza abanyagihugu? Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
  • Imvo zotuma tugira icizigiro mu 2023​—Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 86
Umugore n’umwana bari mw’ibarabara ryatewe n’umwuzurira.

Ifoto tuyikesha Zhai Yujia/China News Service/VCG via Getty Images

NUGUME URI MASO!

Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye imyuzurira yonona ibintu?

Hirya no hino kw’isi abantu bariko barashikirwa n’ingaruka zivuye ku myuzurira. Raba amakuru amwamwe:

  • «Ku murwa mukuru w’Ubushinwa, haherutse kugwa imvura itari bwigere ihagwa muri iyi myaka 140 iheze, aho haguye imvura ingana na milimetero 744,8 kuva ku wa gatandatu gushika ku wa gatatu.»​—Vyavuzwe n’ikinyamakuru AP News, ku wa 2 Myandagaro 2023.

  • «Igihuhusi cataziriwe Khanun caratumye mu bumanuko bw’Ubuyapani hagwa imvura nyinshi cane irimwo n’imiyaga ikomeye. Ku wa kane wari umusi ugira kabiri iyo mvura iriko iragwa, bikaba vyatumye abantu babiri bahasiga ubuzima. . . . Vyitezwe ko ico igihuhusi kizotuma mu misozi yo hagati muri Tayiwani hagwa imvura igera ku metero 0,6 z’ubwimbike.»​—Vyavuzwe n’ikinyamakuru Deutsche Welle, ku wa 3 Myandagaro 2023.

  • «Muri wikendi, imvura nyinshi cane yaguye mu karere ka Atlantike ko muri Kanada yaratumye haba imyuzurira [muri Nova Scotia]. Imvura nk’iyo yaheruka kugwa mu myaka 50 iheze.»​—Vyavuzwe n’ikinyamakuru BBC, ku wa 24 Mukakaro 2023.

Ivyo none Bibiliya ibivugako iki?

Ikimenyetso cerekana ko tubayeho mu «misi ya nyuma»

Bibiliya irahishura ko tubayeho mu kiringo citwa «imisi ya nyuma.» (2 Timoteyo 3:1) Yezu yari yaravuze ko muri iki gihe cacu twobonye «ibintu biteye ubwoba» canke ibiringo biteye ubwoba. (Luka 21:11) Ihindagurika ry’ikirere ryaratumye ikirere cononekara biteye ubwoba ku buryo kenshi batamenya imbere y’igihe ingene kiza kuba kimeze.

Kubera iki twogira icizigiro?

Bibiliya iratubwira ko ibintu biteye ubwoba biba kw’isi muri iki gihe bituma tugira icizigiro. Uti kubera iki? Yezu yavuze ati: «Mukabona ivyo bintu biriko biraba, muze mumenye yuko ubwami bw’Imana buri hafi.»​—Luka 21:31; Matayo 24:3.

Ibintu tubona biriko biraba kw’isi birerekana ko vuba Ubwami bw’Imana bugiye gutuma ibidukikije bisubira kumera neza, harimwo n’inzinguzingu y’amazi.​—Yobu 36:27, 28; Zaburi 107:29.

Kugira umenye vyinshi ku bijanye n’ingene Ubwami bw’Imana buzotorera umuti ingorane ziri mu bidukikije kw’isi, soma ikiganiro kivuga ngo «Ni nde azotuma isi isubira kumera neza?»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika