ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 68
  • Noba ndondera ko ibintu vyose biba ibitunganye?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Noba ndondera ko ibintu vyose biba ibitunganye?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kurondera ko vyose biba ibitunganye, hari ico bitwaye?
  • Nugire ibitegereka
  • Kuki nshaka ko vyose biba ibitunganye?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Nokora iki igihe bankosoye?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Ingene wokoresha neza umwanya wawe
    Be maso!—2014
  • Noshobora gute kwihanganira amaganya?
    Be maso!—2012
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 68
Umuhungu w’umuyabaga yagerageje kenshi gucapa ifarasi

URWARUKA RURIBAZA

Noba ndondera ko ibintu vyose biba ibitunganye?

Nimba

  • wama ushaka kuronka yose kuri yose mu bibazo vyose

  • uca kure ibigeragezo kuko utinya ko bizohava bikunanira kwihanganira

  • uwuguhanuye wese ubona ko agusize iceyi

. . . , inyishu y’ico kibazo kiri aho hejuru ica iba egome. Ariko none, kurondera ko ibintu vyose biba ibitunganye hari ico bitwaye?

  • Kurondera ko vyose biba ibitunganye, hari ico bitwaye?

  • Nugire ibitegereka

  • Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Kurondera ko vyose biba ibitunganye, hari ico bitwaye?

Nta kibi kiri mu kugerageza gukora ivyo ushoboye vyose. Ariko rero, igitabu kimwe kivuga giti: “Hariho itandukaniro rinini hagati yo kurondera gukora ibintu neza cane no kwiva inyuma urondera gukora ibidashoboka.” Congerako giti: “Kurondera ko vyose biba ibitunganye birashobora kuba nk’umuzigo uremereye kuko ata n’umwe atunganye.”​—Perfectionism​—What’s Bad About Being Too Good?

Ivyo na Bibiliya irabishigikira. Ivuga iti: “[N]ta muntu w’umugororotsi ariho mw’isi aguma akora ivyiza ntacumure.” (Umusiguzi 7:20) Kubera ko udatunganye, bizoshika ntukore ibintu neza nk’uko wavyipfuza.

Ivyo vyoba bikugoye kwemera? Nimba ari ukwo, raba ingene kurondera ko vyose biba ibitunganye bishobora kukugirira nabi mu mice ine.

  1. Ingene wibona. Abarondera ko vyose biba ibitunganye usanga bishingira amategeko ahanitse, ivyo bigashobora gutuma bacika intege. Uwitwa Alicia avuga ati: “Tuvugishije ukuri, ntidushobora kwama dukora ibintu vyose neza, kandi igihe twoguma twisuzugura ngo ni uko tutakoze vyose neza, twosanga tutaciyizigira na gato. Ivyo birashobora gutuma ducika intege.”

  2. Ingene wakira impanuro. Umuntu arondera ko vyose biba ibitunganye usanga naho bomuhanura mu buryo bwiza aca abona ko bagomba kumucafuza. Umusore yitwa Jeremy avuga ati: “Iyo bampanuye, ndababara cane.” Yongerako ati: “Kurondera ko vyose biba ibitunganye bituma utabona ko hari ivyo udashoboye be n’uko ukeneye abogufasha.”

  3. Ingene ubona abandi. Umuntu arondera ko vyose biba ibitunganye usanga akunda gutora amahinyu abandi, kandi biroroshe gutahura igituma abigira. Uwitwa Anna w’imyaka 18 avuga ati: “Igihe witeze ko ivyo ukora vyose biba ibitunganye, uca witega nk’ivyo nyene no ku bandi. Usanga wama washavuriye abandi igihe bishitse ntibakore ibintu nk’uko wabishaka.”

  4. Ingene abandi bakubona. Nimba witega ibirenze ku bandi, ntuze utangare batanguye kuza barakwinuba! Uwitwa Beth avuga ati: “Gukurikiza amategeko ahanitse y’umuntu arondera ko vyose biba ibitunganye biraruhisha. Nta woshima kuguma iruhande y’umuntu nk’uwo!”

Nugire ibitegereka

Bibiliya ivuga iti: “Ukugira ibitegereka kwanyu kumenyekane ku bantu bose.” (Abafilipi 4:5) Umuntu agira ibitegereka ntiyitega ibidashoboka ku bandi no kuri we ubwiwe.

“Dusanzwe twifitiye ibindi bigorane biduhanze. None duce dusongera isibe mu kurondera ko vyose biba ibitunganye? Emwe, aho ntitworica!”​—Nyla.

Bibiliya ivuga iti: “[Gendana] n’Imana yawe wifashe ruto.” (Mika 6:8) Abantu bifata ruto baratahura ko hari ivyo badashoboye. Ntibihanga ivyo badashoboye; eka kandi ntibemera gukora ibintu bibasaba umwanya badafise.

“Kugira ndangure neza ivyo njejwe, bisaba ko nkora bikebike. Siniremereza ivyo ntashoboye.”​—Hailey.

Bibiliya ivuga iti: “Ikintu cose ukuboko kwawe kuronse co gukora, nugikorane ububasha bwawe.” (Umusiguzi 9:10) Kurera amaboko rero si wo muti wo kwirinda agatima ko kurondera ko vyose biba ibitunganye. Umuti ni ugukura amaboko mu mpuzu bifatanije no gukora ibitegereka hamwe no kwifata ruto nk’uko twamaze kubivuga.

“Ivyo nkora ndabikora nivuye inyuma, kandi nkagerageza kubikora mu buryo bwiza bushoboka. Ndazi ko ntashobora kubikora ata gahaze, ariko ndahimbarwa n’uko mba nakoze uko nshoboye kwose.”​—Joshua.

Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Sierra

“Kurondera ko vyose biba ibitunganye birashobora gutera umuntu amaganya, kandi bigatuma ababara igihe abandi bamukebuye. Igihe nkoze ikosa, sinca mbona ko kabaye, ahubwo mbona ko ari akaryo ko kwiga.”​—Sierra.

Bo

“Kurondera ko vyose biba ibitunganye birashobora gutuma utakaza umunezero. Birashobora kandi gutuma abagenzi bawe babura amahoro kubera bumva umenga uguma ubatora amahinyu canke ukamenga nta co bamaze.”​—Bo.

Sarina

“Umusi nturenza amasaha 24, kandi dufise vyinshi dutegerezwa gukora muri uwo mwanya. Rero dutaye umwanya ku tuntu dutoduto, usanga twabuze umwanya w’ibintu bihambaye, mbere n’uwo kurya no kuryama.”​—Sarina.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika