ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 69
  • Kubera iki nosenga?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki nosenga?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Isengesho ni iki?
  • Imana yoba itwumviriza?
  • Ni ibiki novuga mw’isengesho?
  • Isengesho rirakomeza ubucuti ufitaniye n’Imana
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Kuganira n’Imana mw’isengesho
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Uburyo Ushobora Kwiyegereza Imana
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Niwiyegereze Imana mw’isengesho
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 69
Umwigeme yicaye iruhande y’ikiyaga

URWARUKA RURIBAZA

Kubera iki nosenga?

Nk’uko itohoza rimwe ryavyerekanye, ibice 80 kw’ijana vy’abana b’imiyabaga bo muri Amerika barasenga, ariko ica kabiri cabo ni bo gusa basenga buri musi. Nta gukeka ko bamwe muri bo bibaza bati: ‘Isengesho coba ari ikintu gituma gusa umuntu yumva amerewe neza canke rirafise akandi kamaro?’

  • Isengesho ni iki?

  • Imana yoba itwumviriza?

  • Ni ibiki novuga mw’isengesho?

  • Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Isengesho ni iki?

Gusenga ni ukuganira koko n’Umuremyi w’ibiriho vyose. Ibaze nawe iryo teka! Yehova araruta abantu kure n’iyo, yamara “[n]tari kure y’umwe wese muri twebwe.” (Ivyakozwe 17:27) Wanashima, Bibiliya idutera aka kamo gatangaje iti: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.”—Yakobo 4:8.

Wokwiyegereza Imana gute?

  • Uburyo bumwe, ni mu gusenga: Aho ni wewe uba uriko urayagira Imana.

  • Ubundi buryo, ni mu kwiga Bibiliya: Aho ni Imana iba iriko irakuyagira.

Kuyaga n’Imana muri ubwo buryo (gusenga no kwiga Bibiliya) bizogufasha gukomeza ubucuti ufitaniye na yo.

“Kuganira na Yehova, Imana Musumbavyose, ni iteka rikomeye kuri twebwe abantu.”​—Jeremy.

“Kubwira Yehova uko niyumva ata co ndamuhisha biratuma ndushiriza kumwiyegereza.”​—Miranda.

Imana yoba itwumviriza?

Naho woba wemera Imana, mbere ukaba uyisenga, birashobora kukugora kwemera ko ikwumviriza vy’ukuri. Yamara rero, Bibiliya ivuga ko Yehova “[y]umva amasengesho.” (Zaburi 65:2) Mbere iragutera akamo ngo ‘uterere amaganya yawe yose kuri we.’ Kubera iki? ‘Kuko akubabara.’—1 Petero 5:7.

Zirikana kuri ibi bintu: None ntiwama urondera umwanya wo kuganira n’abagenzi bawe somambike? Woshobora rero no kurondera umwanya wo kuganira n’Imana. Niwame uyisenga, kandi ukoreshe izina ryayo Yehova. (Zaburi 86:5-7; 88:9) Kanatsinda, Bibiliya idusaba ‘gusenga ubudahengeshanya.’—1 Abatesalonika 5:17.

“Iyo ndiko ndasenga mba ndiko ndaganira n’Umuvyeyi wanje wo mw’ijuru, nkamusukira ibiri mu mutima wanje vyose.”​—Moises.

“Yehova ndamubwira vyose ata co ndamuhisha, nk’aho noba ndiko nganira na mama canke umugenzi somambike.”​—Karen.

Ni ibiki novuga mw’isengesho?

Bibiliya ivuga iti: “Muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana.”—Abafilipi 4:6.

Vyoba bisobanura ko ushobora kubwira Imana ingorane zawe? Cane nyene! Nkako, Bibiliya ivuga iti: “Terera umuzigo wawe kuri Yehova ubwiwe, na we ubwiwe azogushigikira.”—Zaburi 55:22.

Ariko ntiwumve, ntukwiye kwama ubwira Imana ingorane zawe gusa. Umwigeme yitwa Chantelle avuga ati: “Hamwe nokwama nsenga Yehova ndamusaba gusa ngo amfashe, ubwo ntibwoba ari ubugenzi nyabwo. Mbona ko gushima ari vyo bikwiye kuza imbere, kandi ivyo noshimira Yehova bikwiye kuba vyinshi.”

Zirikana kuri ibi bintu: Ni ibiki ushimira Imana mu buzima bwawe? Niwiyumvire ibintu bitatu woshimira Yehova uno musi.

“Mbere n’akantu gatoyi nko gutangarira ishurwe riryoheye ijisho, birashobora gutuma dutura isengesho ryo gushimira Yehova.”​—Anita.

“Nuzirikane ikintu co mu vyaremwe kikuryohera cane canke umurongo wo muri Bibiliya ugukora ku mutima, uce ushimira Yehova kubera ico kintu.”​—Brian.

Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Moises

“Amasengesho yacu akwiye kuba agera kure nka kurya kw’ikiyaga, ntakwiye kuba ari ayo hejuruhejuru nka kurya kw’umugezi. Yehova aripfuza kudufasha, kandi naho aba azi ivyo dukeneye n’imbere y’uko tubimusaba, turashobora kwerekana ko tumwizigira mu kumubwira akari ku mutima.”​—Moises.

Miranda

“Isengesho rimeze nk’umugozi, Yehova akaba afashe ku mpera imwe nanje ku yindi. Igihe ndamuseruriye akari ku mutima, ni nk’aho mba mfashe wa mugozi nkagumya. Yehova na we aranyishura, bigatuma ubucuti dufitaniye bukomera.”​—Miranda.

Jeremy

“Tutabaye maso, twoshobora gusanga amasengesho yacu agizwe n’ugusaba gusa. Ariko gushimira Yehova birerekana ko dukenguruka ibintu vyinshi yaduhaye. Ivyo bituma amasengesho yacu ataba ay’ubwikunzi.”​—Jeremy.

Shelby

“Uko dushimira Yehova, ni ko turushiriza kuba abantu bakenguruka. Gukengurukira Yehova mw’isengesho biradufasha kwibanda ku mihezagiro aduha aho kwibanda ku ngorane dufise.”​—Shelby.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika