ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 160
  • Kubera iki Yezu yitwa Umwana w’Imana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki Yezu yitwa Umwana w’Imana?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Yezu yoba yarabaye mw’ijuru imbere y’uko avukira kw’isi?
  • Yezu ataraza kw’isi yakora iki?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Yezu Kirisitu ni nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Yezu Kristu ni nde?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Yezu ni nde?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 160
Yezu ariko arasenga Se wiwe wo mw’ijuru

Kubera iki Yezu yitwa Umwana w’Imana?

Inyishu Bibiliya itanga

Bibiliya ikunze kwita Yezu “Umwana w’Imana.” (Yohani 1:49) Imvugo “Umwana w’Imana” yerekana ko Imana ari yo Muremyi, ni ukuvuga ko ari yo Soko ry’ubuzima bwose, harimwo n’ubwa Yezu. (Zaburi 36:9; Ivyahishuwe 4:11) Bibiliya ntiyigisha ko Imana yavyaye Yezu nka kurya abantu bavyara.

Abamarayika na bo nyene Bibiliya ibita “abana b’Imana y’ukuri.” (Yobu 1:6) Bibiliya kandi ivuga ko wa muntu wa mbere Adamu yari “umwana w’Imana.” (Luka 3:38) Ariko rero, kubera ko Yezu ari we Imana yatanguriyeko kurema akaba ari na we wenyene Imana yiremeye ata wundi biciyeko, Bibiliya yerekana ko ari we Mwana w’Imana aruta abandi bose.

  • Yezu yoba yarabaye mw’ijuru imbere y’uko avukira kw’isi?

  • Yezu ataraza kw’isi yakora iki?

Yezu yoba yarabaye mw’ijuru imbere y’uko avukira kw’isi?

Ego. Imbere y’uko Yezu avukira kw’isi, yari ikiremwa c’impwemu mw’ijuru. We ubwiwe yivugiye ati: “Namanutse mva mw’ijuru.”​—Yohani 6:38; 8:23.

Imana yaremye Yezu imbere y’uko irema ikindi kintu na kimwe. Ku bijanye na Yezu, Bibiliya ivuga iti:

  • “Ni . . . imfura mu biremwa vyose.”​—Abakolosayi 1:15.

  • Ni “intango y’ivyaremwe n’Imana.”​—Ivyahishuwe 3:14.

Yezu yarashikije ubuhanuzi bwerekeye umwe “amamo yiwe . . . ari ayo kuva mu bihe vya kera, kuva mu misi ya kera.”​—Mika 5:2; Matayo 2:4-6.

Yezu ataraza kw’isi yakora iki?

Yari afise ikibanza kininahaye mw’ijuru. Yezu yaravuze ivyerekeye ico kibanza igihe yasenga ati: “Data, [nuninaharishe] bwa buninahazwa nari mfise ndi kumwe nawe imbere y’uko isi ibaho.”​—Yohani 17:5.

Yarafashije Se kurema ibindi bintu vyose. Yezu yarakoranye n’Imana ari “umukozi w’umuhanga.” (Imigani 8:30) Ku vyerekeye Yezu, Bibiliya ivuga iti: “Biciye kuri we [ni] ho ibindi bintu vyose vyaremwe mw’ijuru no kw’isi.”​—Abakolosayi 1:16.

Imana yakoresheje Yezu mu kurema ibindi bintu vyose. Muri ivyo harimwo abamarayika hamwe n’isi n’ijuru. (Ivyahishuwe 5:11) Mu buryo bunaka, ukuntu Imana na Yezu bakoranye twobigereranya n’ukuntu umu enjeniyeri akorana n’umwubatsi. Umu enjeniyeri aracapa imigero, umwubatsi na we agaca yubaka yisunze iyo migero.

Yari Jambo. Iyo Bibiliya iriko iravuga ivyerekeye Yezu imbere y’uko aba umuntu, imwita “Jambo.” (Yohani 1:1) Nta gukeka ko ivyo bisigura ko Imana yakoresha uwo Mwana wayo kugira ihe amakuru n’ubuyobozi abandi bamarayika.

Yezu kandi ashobora kuba ari we Imana yakoresha mu gushikiriza ubutumwa abantu. Imana ishobora kuba yabicishije kuri Yezu igihe yaha ubuyobozi Adamu na Eva mw’itongo rya Edeni. (Itanguriro 2:16, 17) Yezu ashobora kuba ari wa mumarayika yayobora Abisirayeli mu bugaragwa, akaba ari na we bategerezwa kugamburuka ijwi ryiwe.​—Kuvayo 23:20-23.a

a Jambo si we mumarayika wenyene Imana yakoresheje mu gushikiriza ubutumwa bwayo. Nk’akarorero, yarakoresheje abandi bamarayika mu guha Abisirayeli rya Tegeko.​—Ivyakozwe 7:53; Abagalatiya 3:19; Abaheburayo 2:2, 3.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika