ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbv ikiganiro 25
  • Mika 6:8: “[Nugendane] n’Imana yawe wicishije bugufi”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Mika 6:8: “[Nugendane] n’Imana yawe wicishije bugufi”
  • Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico muri Mika 6:8 hasobanura
  • Amakikuro ya Mika 6:8
  • Yehova atwitezeko ibiki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Tuzogendera mw’izina rya Yehova ibihe bidahera!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Abasavyi ba Yehova barafise icizigiro nyakuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • “Hari ikindi Yehova Imana yawe agusaba?”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
ijwbv ikiganiro 25

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Mika 6:8—“[Nugendane] n’Imana yawe wicishije bugufi”

“Yaraguhishuriye iciza ico ari co, ewe muntu yakuwe mw’ivu! None hari ikindi Yehova agusaba atari ugukurikiza ubutungane no gukunda ubuntu no kugendana n’Imana yawe wifashe ruto?”​—Mika 6:8, Bibiliya y’isi nshasha.

“Ko yakweretse iciza ic’ari co, ga yewe muntu: mbega har’ikindi Uhoraho akugombako, atar’ugukora ibiroranye, no gukunda kugira imbabazi, no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi?”​—Mika 6:8, Bibiliya Yera.

Ico muri Mika 6:8 hasobanura

Umuhanuzi Mika arasigura ko guhimbara Yehovaa Imana atari umuzigo. (1 Yohani 5:3) Muri uyu murongo, haravugwa ibintu bitatu Imana itwitezeko. Bibiri vya mbere bivuga ingene umuntu yofata abandi, ica gatatu na co cerekeye ubucuti umuntu afitaniye n’Imana.

“Gukurikiza ubutungane.” Imana isaba abasavyi bayo gukora ibigororotse. Ivyo birimwo kwiyumvira no gukora ibihuye n’amategeko y’Imana yerekana iciza n’ikibi. (Gusubira mu vyagezwe 32:4) Nk’akarorero, abakurikiza amategeko y’Imana barihatira kutarenganya abandi. Vyongeye, barihatira gufata abandi kumwe bataravye kahise kabo, igihugu bakomokamwo canke uko ivyabo vyifashe.​—Abalewi 19:15; Yesaya 1:17; Abaheburayo 13:18.

“Gukunda ubuntu.” Iyo mvugo irashobora kandi kuba “gukunda urukundo rudahemuka.” (Mika 6:8) Mu giheburayo, ijambo “ukudahemuka” ririmwo kuba umwizigirwa. Ariko kandi ririmwo no kugaragariza abandi ubuntu n’imbabazi kuruta uko amategeko abidusaba. Imana isaba abipfuza kuyihimbara kugaragaza ubuntu n’imbabazi, ikabasaba kandi guha agaciro canke gukunda izo kamere. Ivyo birakwiye gutuma abasavyi b’Imana bahimbarwa no gufasha abandi na canecane abari mu nkenero. Gutanga birazana agahimbare.​—Ivyakozwe 20:35.

“Kugendana n’Imana yawe wifashe ruto.” Muri Bibiliya, ijambo “kugenda” rirashobora gusigura “gukurikira ingendo.” Umuntu agendana n’Imana mu kubaho mu buryo buyihimbara. Nowa yaratanze akarorero keza. “Yagendana n’Imana y’ukuri” kubera ko yari umugororotsi mu maso y’Imana kandi “[akerekana] ko atagira amahinyu mu bo mu gihe ciwe.” (Itanguriro 6:9) Muri kino gihe, ‘tugendana n’Imana’ mu kubaho twisunga ivyo Ijambo ryayo Bibiliya ryigisha. Ivyo bisaba ko twifata ruto ni ukuvuga tukemera ko turi n’aho tugarukiriza kandi ko ivyo dukora vyose tubikesha Imana.​—Yohani 17:3; Ivyakozwe 17:28; Ivyahishuwe 4:11.

Amakikuro ya Mika 6:8

Mika yari umuhanuzi muri Isirayeli ya kera mu kinjana c’umunani imbere ya Kristu. Muri ico gihe, igihugu cari cuzuyemwo ugusenga ibigirwamana, amanyanga be n’agahahazo. (Mika 1:7; 3:1-3, 9-11; 6:10-12) Abisirayeli benshi barirengagiza amabwirizwa y’Imana, ayari mw’Itegeko Imana yari yahaye Musa, rikaba ryitwa Itegeko rya Musa. Muri ico gihe nyene, abantu benshi bariyumvira ko Imana yobemeye kubera imigenzo canke imigirwa y’idini be no kubera bashikana ibimazi.​—Imigani 21:3; Hoseya 6:6; Mika 6:6, 7.

Imyaka amajana inyuma ya Mika, Yezu yaravuze ko Se wiwe ashima abagaragaza urukundo, ubutungane n’imbabazi ariko ko yanka abantu bakora ibintu bituma baboneka ko bihebeye Imana kandi atari vyo. (Matayo 9:13; 22:37-39; 23:23) Amajambo ya Yezu aradufasha gutahura ivyo Imana yiteze ku basavyi bayo muri iki gihe.

Nusome Mika ikigabane ca 6 hamwe n’utujambo tw’epfo be n’ivyanditswe vy’inyongera biri ku mubari.

Nurabe aka kavidewo kugira ubone incamake y’igitabu ca Mika.

a Izina Yehova mu giheburayo rigizwe n’indome zine יהוה (YHWH). Muri uyu murongo, iryo zina ryahinduwe ngo “UHORAHO” muri Bibiliya yera. Kugira umenye n’ibindi ku vyerekeye Yehova n’igituma Bibiliya zimwezimwe zidakoresha iryo zina, raba ikiganiro kivuga ngo “Yehova ni nde?”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika