ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • hdu ikiganiro 4
  • Akuma gafasha abantu kuronka ibifungurwa vy’impwemu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Akuma gafasha abantu kuronka ibifungurwa vy’impwemu
  • Ingene intererano mutanga zikoreshwa
  • Ivyo bijanye
  • Televiziyo ya JW kuri satelite iriko irashika mu mihingo itagira internet
    Ingene intererano mutanga zikoreshwa
  • Nukoreshe jw.org mu busuku—“Nube umugenzi wa Yehova”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Umuhora wacu wo kuri Internet wemewe—Wagenewe kudufasha no gufasha abandi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ingene Wokwiyigisha
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
Ibindi
Ingene intererano mutanga zikoreshwa
hdu ikiganiro 4
Akuma ka JW Box.

INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA

Akuma gafasha abantu kuronka ibifungurwa vy’impwemu

1 NYAKANGA 2020

Muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova bararonka ibitabu be n’amavidewo bishingiye kuri Bibiliya mu buryo bwa elegitoronike kuruta uko vyahora. Ariko, mu turere tumwetumwe, abavukanyi bacu nta buryo bafise bwo kuronka internet. Abandi baba mu turere aho usanga internet icika cane, yikwega canke mbere ata yo.

Naho biri ukwo, ubu benshi mu bavukanyi na bashiki bacu barashobora kuvoma ibitabu n’amavidewo vyo mu buryo bwa elegitoronike batarinze gukoresha internet. Uti ivyo bishoboka gute?

Amashengero ari mu turere aho usanga bigoye kuronka internet yararonkejwe akuma kitwa JW Box. Ako kuma karatanga wi-fi, kakaba karimwo programa yatunganijwe n’Urwego rujejwe ama orodinateri rwo kuri Beteli hamwe n’amavidewo be n’ibitabu vyo mu buhinga bwa none dusanga kuri jw.org. Akuma kamwekamwe kose kagurwa nk’amadolari 75 (amarundi arenga 140.000).

Abavukanyi na bashiki bacu bashitse ku Ngoro y’Ubwami, barakonekta telefone zabo kuri wi-fi iri muri ako kuma, maze bakavoma ibitabu n’amavidewo. N’abafise uduterefone twa kera canke tubayabaye, barashobora kwikonekta kuri ako kuma. None ako kuma ka JW Box gashobora gute kuguma gahuzwa n’igihe kandi ata internet ihari? Uko haciye igihe, ibiro vy’ishami biza birarungika udu flash tugurwa nk’amadolari 4 (amarundi nka 7.600 ), turimwo ibiheruka gushirwa kuri jw.org, bagaca babivomera muri ako kuma.

None JW Box iriko ifasha gute abavukanyi? Sebibondo yitwa Nathan Adruandra wo muri Kongo Kinshasa asigura ati: “Nari maze kugerageza kenshi kuvoma ca gikino kivuga ngo ‘Ewe Yehova, . . . ni wewe nizigiye’ hamwe na kimwe kivuga ngo Mwibuke muka Loti, ariko bikanka. Ivyo vyaranca intege cane. Mugabo ubu ndashobora kuvoma ayo mavidewo muri telefone yanje kandi ziradufasha twebwe abavyeyi kwigisha neza abana bacu.”

Umuvukanyi umwe wo muri Nijeriya afasha amashengero gukoresha JW Box avuga ati: “Abavukanyi babona ko JW Box ari ingabire idasanzwe yavuye kuri Yehova. Barahimbawe no kuba ubu bashobora kuvoma bitagoranye ibitabu n’amavidewo biri muri vya bikoresho bidufasha kwigisha.

JW Box zirenga 1.700 ziramaze kurungikirwa amashengero yo muri Afrika, Oseyaniya no muri Amerika y’Epfo, kandi hariko haratunganywa ivyo kuzirungika no mu yandi mashengero. None amahera akoreshwa mu kugura utwo twuma ava he? Ava mu ntererano zitangwa ku bwo gushigikira igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, nyinshi muri zo zikaba zitangwa biciye kuri donate.jw.org. Turabashimiye cane ku ntererano mutanga.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika