Twisunze Bibiliya
Kunywa inzoga ukarenza urugero vyoba vy’ukuri ari bibi?
HARACIYE imyaka itari mikeyi ibikino vy’akaborerwe ata co gatwaye, bikinwa ku bwo gutwenza abantu, ari vyo canecane vyerekanwa ahabera ibikino canke kuri televiziyo. Naho bene kubikina baba bariko barikinira gusa, ivyo bikino vy’ugutwenza birerekana inyifato zitabereye abenshi bafise ku bijanye n’akaborerwe, bakakabona yuko gatuma umuntu atakaza inguvu, mugabo ku bwa ngingo ntihagire ico konona.
Ariko rero, akaborerwe si ikintu co gutwenza gusa. Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi ryerekana yuko kunywa inzoga kurengeje urugero ari kimwe mu bintu bibangamira amagara kuruta ibindi vyose mw’isi yose. Bivugwa yuko, turetse itabi, kunywa inzoga kurengeje urugero ari co kintu gituma abantu benshi bapfa n’abandi benshi bakarwara kuruta abarwara be n’abapfa biturutse ku kumogorera ibindi bintu biyayura umutwe. Vyongeye, mu butunzi bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, inzoga zonyene zitwara amadolari arenga imiliyaridi 184 ku mwaka [amafaranga y’amarundi arenga imiliyaridi 184.000].
Naho ari ukwo, benshi babandanya gufatira mu rwara ivyo kunywa inzoga zirenze urugero. Naho bashobora kuba bazi ingaruka mbi ziterwa n’ukumara igihe kirekire umuntu anywa inzoga zirenze urugero, babona yuko ukuza baraborerwa rimwerimwe ata kibi birimwo. Mu bakiri bato bo mu mihingo imwimwe y’isi, kuborerwa bibonwa yuko ari umugenzo wo kurengana ikiringo kanaka co mu buzima. N’ikindi kandi, naho amashirahamwe yitaho amagara atanga imburizi zikomeye, kunywa birenze urugero, ibisigurwa yuko ari ukwihereza uducupa dutanu canke turenga icarimwe, biriko birongerekana bimwe bikomeye mu bantu bose, baba abato canke abakuze. Birumvikana rero kubona abantu benshi bibaza nimba kunywa birenze urugero ari bibi vy’ukuri. Bibiliya ibivugako iki?
Vino be n’izindi nzoga ni ingabirano ziva ku Mana
Hari ahantu henshi muri Bibiliya havuga ivyerekeye vino be n’ubundi bwoko bw’inzoga. Umwami Salomo yanditse ati: “Ni wīgīre, wīrīre ivyo kurya vyawe unezerewe, winywere vino yawe n’umutima uhimbawe; kukw Imana imaze kwemera ibikorwa vyawe” (Umusiguzi 9:7). Umwanditsi wa Zaburi yaremeye icese yuko Yehova Imana ari we Mutanzi wa “vino inezereza imitima y’abantu” (Zaburi 104:14, 15). Biragaragara yuko vino ari imwe mu ngabirano Yehova aha umuryango w’abantu.
Biboneka yuko Yezu atarwanya ivyo kunywa vino. Kukaba nkako, igitangaro ca mbere yakoze cabaye ico guhindura amazi vino iryoshe cane mu gihe c’amazimano y’ubugeni (Yohana 2:3-10). Yarakoresheje kandi umuvinyu bwa kimenyetso kibereye kigereranya amaraso yiwe igihe yatanguza Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba (Matayo 26:27-29). Bibiliya mbere ivuga ko vino ifise agaciro mu vy’ukuvura, kubera ko intumwa Paulo yaremesheje Timoteyo ‘kunywa utuvino duke kubgo mu nda hiwe’.—1 Timoteyo 5:23; Luka 10:34.
Ukwigerera ni co kintu nyamukuru
Urabona yuko Paulo yavuze ko umuntu yonywa “utuvino duke” gusa. Bibiliya iriyamiriza mu buryo butomoye ukurenza urugero kwose mu vyo kunywa inzoga. Abaherezi b’Abayuda bari barekuriwe kunywa ku rugero igihe bataba bari ku murimo. Ariko rero, ntibari barekuriwe kunywa inzoga igihe baba bari mu mirimo yabo ijanye n’ubuherezi (Abalewi 10:8-11). Haciye imyaka myinshi, abakirisu bo mu kinjana ca mbere baragabishijwe yuko imborerwa “[zi]tazoragwa ubgami bg’Imana”.—1 Ab’i Korinto 6:9, 10.
Vyongeye, mu macishabwenge Paulo yahaye Timoteyo, avuga yuko abaja imbere abandi mw’ishengero badashobora kuba ari abantu ‘banohowe na vino’ canke “batwawe na vino nyinshia” (1 Timoteyo 3:3, 8). Nkako, Bibiliya itegeka yuko imborerwa zitigaya zicibwa mw’ishengero rya gikirisu (1 Ab’i Korinto 5:11-13). Nk’uko Ivyanditswe bibivuga mu buryo bukwiriye, “vino ni yo mucokoranyi” (Imigani 20:1). Kunywa inzoga zirenze urugero birashobora kugabanya ubushobozi bwo kwigumya bwa nyene kuzinywa maze ntabe aciyumvira mu buryo bugororotse.
Igituma Ijambo ry’Imana ryiyamiriza ukunywa inzoga zirenze urugero
Yehova, umwe ‘atwigisha ibitugirira ikimazi’, arazi yuko igihe turengeje urugero mu kintu ico ari co cose, bidushikana ku kwigirira nabi no ku kugirira nabi abandi (Yesaya 48:17, 18). Ivyo ni ko biri ku bijanye no kunywa inzoga. Ijambo ry’Imana ribaza riti: “Ni nde agira ngo Yō! Ni nde agira ngw Agwē! Ni nde afise imitongano? Ni nde afise imyidodombo? Ni nde afise inguma ata nyanduruko? Ni nde afise amaso atukuye?”. Ryishura riti: “N’abatavīrīra vino, n’abaja kurondera izituriranije”.—Imigani 23:29, 30.
Bivuye ku kunywa inzoga zirenze urugero, abantu barakoze ibintu vyinshi bitaranga ukwiyumvira kandi biteye akaga nk’ibi: Gutwara umuduga baborewe gutyo bakishira mu kaga bakongera bagashira n’abandi mu kaga, kugaragariza igishika kirenze urugero umuntu afise uwo bubakanye gutyo bigatuma ubucuti bwo mu rugo bwononekara bimwe bikomeye, kuvuga no gukora ibintu ata kwiyumvira canke mbere bakavuga ibidadi (Imigani 23:33). Kunywa inzoga zirenze urugero vyavuzwe mu buryo bubereye yuko ari kimwe mu bintu vyonona kuruta ibindi mu mabi yose yo mu kibano yugarije abantu muri iki gihe. Ntibitangaje rero kubona Imana ihimiriza iti: “Ntukabe mu gitigiri c’abanohowe na vino”!—Imigani 23:20.
Mu b’i Galatiya 5:19-21, Paulo avuga yuko ukuborerwa be n’ukudandahirwa ari “ibikorwa vy’akameremere”, akabihushanya n’ivyamwa vy’impwemu y’Imana. Ukunywa inzoga zirenze urugero bironona ubucuti umuntu afitaniye n’Imana. Rero, biratomoye yuko abakirisu bakwiye kwirinda ukunywa inzoga ukwo ari kwo kwose kutarimwo ukwigerera.
[Akajambo k’epfo]
a Kubera yuko abacungezi bakwiye kuba uburorero ku mukuku mu kuntu babona ibintu no mu nyifato yabo, bakagendera ingingo mfatirwako za Yehova ziri hejuru gushika aho ubushobozi bwabo bugarukira, birumvikana ko ico kintu cosabwa no ku bandi bakirisu.