ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g04 8/10/04 rup. 8-11
  • Ingene woba sebibondo mwiza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene woba sebibondo mwiza
  • Be maso!—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igituma bitoroshe
  • Uburorero Imana yatanze
  • Akarorero keza ni ntahara
  • Rondera umwanya womarana na bo!
  • Imfashanyo irahari
  • Bavyeyi, nimukingire intoranwa yanyu y’agaciro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ingene woba sebibondo mwiza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Niwigishe umwana wawe gukorera Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Sebibondo ntangere
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Be maso!—2004
g04 8/10/04 rup. 8-11

Ingene woba sebibondo mwiza

MU KINYAMAKURU kimwe (Economist), hari ikiganiro kivuga ibijanye n’itituka ry’ubuzima bwo mu rugo catanguye n’aya majambo akwegera agira ati: “Kuvyara biroroshe, ariko kuba sebibondo mwiza vyo si icoroshe”.

Naho hari ibintu vyinshi mu buzima usanga bitoroshe gukora, kimwe mu bigoye kuruta ibindi, ari na co gihambaye kuruta ibindi, ni ukuba sebibondo mwiza. Sebibondo uwo ari we wese akwiye kwipfuza kuba sebibondo mwiza, kubera yuko ukumererwa neza be n’agahimbare k’umuryango ari ho bihagaze.

Igituma bitoroshe

Tubivuze mu buryo bworoshe, imvo nyamukuru ituma kuba sebibondo mwiza bitaba ivyoroshe, ni agasembwa twarazwe, haba ku bavyeyi no ku bana babo. Bibiliya ivuga yuko “imitima y’abantu yamogoreye gukora ibibi uhereye mu bgana bgabo” (Itanguriro 8:21). Ni co catumye umwanditsi umwe wa Bibiliya yiyemerera icese ati: “Mu vyaha ni ho mama yamvyariye” (Zaburi 51:5; Abaroma 5:12). Impengamiro yo gukora ikibi kubera icaha twarazwe, ni imwe gusa mu ntambamyi zituma kuba sebibondo mwiza bitoroha.

Iyi si, ari yo runkwekwe rw’ibintu na yo nyene ni intambamyi ikomeye. Uti kubera iki? Kubera yuko, nk’uko Bibiliya ibivuga, “isi yose iri muri wa Mubi”, wa “Murwanizi, irindi [akaba ari] Satani”. Bibiliya yita kandi Shetani “imana y’iki gihe”. Ntibitangaje rero kubona Yezu yavuze yuko abayoboke biwe badakwiye kuba “ab’isi”, nk’uko na we nyene atari uw’isi!—1 Yohana 5:19; Ivyahishuriwe 12:9; 2 Ab’i Korinto 4:4; Yohana 17:16.

Ikintu gihambaye kugira tube ba sebibondo beza, ni ukwama tuzi yuko turi n’agasembwa twarazwe, be n’uko hariho Shetani wa Mucokoranyi be n’iyi si yifatiye mu minwe. Izo ntambamyi si indoto. Ziriho vy’ukuri! Ariko none umuntu yotumbera hehe kugira amenye ingene yozitsinda be n’ingene yoba sebibondo mwiza?

Uburorero Imana yatanze

Kugira ngo sebibondo aronke icomufasha gutsinda izo ntambamyi zivuzwe aho haruguru, yotumbera muri Bibiliya. Irimwo uburorero bwiza utoraba. Yezu yaradomye urutoke ku karorero ntangere igihe yigisha abayoboke biwe gusenga ngo: ‘Data wa twese uri mw’ijuru’. Mu kudondora uwo Data wa twese wo mw’ijuru, Bibiliya yivugira gusa iti: “Imana [ni] urukundo”. None sebibondo w’umuntu akwiye kubona gute ako karorero karangwa urukundo? Intumwa Paulo yahimirije ati: “Mwīgāne Imana . . . Kandi mugendere mu rukundo”.—Matayo 6:9, 10; 1 Yohana 4:8; Abanyefeso 5:1, 2.

Nimba uri sebibondo, raba ico wokwigira kuri iyi ncuro imwe gusa yerekana ukuntu Imana yafashe Umwana wayo Yezu. Muri Matayo 3:17 hatubwira yuko igihe Yezu yabatizwa mu mazi humvikanye ijwi ry’Imana rivuye mw’ijuru, rikavuga riti: ‘Uyu ni we Mwana wanje mukundwa, ampimbara’. Ni ibiki dushobora kwigira kuri ivyo?

Ica mbere: Iyumvire na we ingene umwana yiyumva igihe se wiwe n’ukwihaya n’akantu, abwiye umuntu ati: ‘Uyu ni umuhungu wanje’ canke ati: ‘Uyu ni umukobwa wanje’. Abana akamwemwe karabasya igihe abavyeyi baberetse ko babitwararika, na canecane igihe babakeje ku bw’ikintu ciza bakoze. Umwana arashobora guca yumva yogira uko ashoboye kwose kugira yerekane yuko akwiriye gukezwa.

Ica kabiri: Imana yaraseruye ukuntu yiyumva ku vyerekeye Yezu, mu kuvuga iti: ‘Mukundwa’. Ako kajambo k’igikundiro Yezu yabwiwe na Se wiwe gategerezwa kuba katumye yumva agatima keze. Abana bawe na bo nyene bazokwumva baremye niwabereka yuko ubakunda cane biciye mu mvugo, mu kubahebera umwanya, mu kubatega yompi no mu kubitwararika.

Ica gatatu: Imana yabariye Umwana wayo iti: ‘Urampimbara’ (Mariko 1:11). N’ico nyene ni ikintu gihambaye sebibondo akwiye kugira, ni ukuvuga kubwira abana biwe yuko bamunezera. Ni ivy’ukuri ko abana kenshi bakora amakosa. Kandi twese turayakora. Ariko none ko uri umuvyeyi, woba uza urarondera uturyo two guserura ko ushima ibintu vyiza abana bawe bakora canke bavuga?

Yezu yarigiye cane kuri Se wiwe wo mw’ijuru. Igihe yari kw’isi, yarerekanye biciye mu mvugo no ku karorero ingene Se wiwe yiyumva ku vyerekeye abana biwe bo kw’isi (Yohana 14:9). N’igihe nyene Yezu yaba afise vyinshi akora kandi akaba ari mu mukazo, yarafata akanya ko kwicarana n’abana maze akaganira na bo. Yabwiye abigishwa biwe ati: “Ni mureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze” (Mariko 10:14). None ga ba sebibondo ntimwokwigana akarorero ka Yehova Imana n’ak’Umwana wiwe bimwe birushirije kuba ibishitse?

Akarorero keza ni ntahara

Nta wokwirirwa arashimika ku vy’uko bihambaye guha akarorero keza abana bawe. Utwigoro ugira kugira ubandanye “[k]ubahana [u]bahanūra, uk’Umwami wacu agomba” bisa n’uko ata kintu kinini tuzoshikako nimba wewe ubwawe utumvira ugutozwa indero n’Imana ngo wongere ubeho ukwisunga (Abanyefeso 6:4). Ariko ntiwumve, ufashijwe n’Imana urashobora gutsinda intambamyi iyo ari yo yose yokubuza kugamburuka ibwirizwa ryayo ryo kwitwararika abana bawe.

Rimbura akarorero k’uwitwa Viktor Gutschmidt, Icabona ca Yehova wo bihugu vyahoze bigize Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti. Muri Gitugutu 1957, yaciriwe umunyororo w’imyaka cumi ahowe kubwira abandi ivyerekeye ukwizera kwiwe. Yagiye asize adukobwa twiwe tubiri be n’umugore wiwe Polina. Aho mw’ibohero, Viktor yari arekuriwe kwandikira umuryango wiwe, mugabo carazira ko acishamwo ikintu na kimwe cerekeye Imana canke idini. Naho Viktor yari ahanganye n’iyo ngorane, yari yiyemeje kuba sebibondo mwiza, kandi yari azi yuko kwigisha abana biwe ivyerekeye Imana cari ikintu gihambaye rwose. None yakoze iki?

Viktor yigana ati: “Nararondera ibiganiro mu binyamakuru vyo muri Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti bivuga ivy’ibidukikije (Young Naturalist na Nature). Naracapa ku dukarata twa posita amashusho y’ibikoko n’ay’abantu, ngaca nshiramwo inkuru canke icabonywe kivuga ivy’ibidukikije”.

Polina avuga ati: “Twapfa kuronka utwo dukarata, ubwo nyene tugaca tudusanisha n’ibivugwa muri Bibiliya. Nk’akarorero, igihe utwo dukarata twaba tuvuga ibijanye n’ubwiza bw’ibidukikije, amashamba canke inzuzi, naca nsoma Yesaya ikigabane ca 65”, ikivuga ivyerekeye umuhango Imana yatanze wo guhindura isi iparadizo.

Umukobwa wa Viktor yitwa Yulia yigana ati: “Mawe yaraheza agasenga turi kumwe, maze tugaca dukorora amosozi. Utwo dukarata twaragize uruhara ruhambaye mu ndero twahawe”. Polina avuga yuko ivyo vyatumye “abo bakobwa babo bakunda Imana kuva mu bwana bwabo”. None ubu uwo muryango wifashe gute?

Viktor asigura ati: “Ubu abo bakobwa banje bompi bubakanye n’abakurambere bakirisu, kandi bompi bafise imiryango ikomeye mu vy’impwemu irimwo abana bariko bakorera Yehova ari abizerwa”.

Gutanga akarorero keza kenshi ntibisaba ubwenge gusa, biranasaba akigoro gakomeye. Kumbure abana ntibazobura gukorwa ku mutima nibabona se wabo agira ukwo ashoboye kwose kugira abahe akarorero keza. Hari umusore yamaze imyaka myinshi mu busuku bw’igihe cose, yakengurukiye se wiwe mu kuvuga ati: “Rimwe na rimwe dawe yava ku kazi yarushe yasanzaye ku buryo vyari urugamba kugira agume ari maso, mugabo twaragira inyigisho ya Bibiliya y’umuryango naho yaba yarushe gute, kandi ivyo vyaradufashije gutahura yuko inyigisho y’umuryango atari ikintu co gufata minenegwe”.

Si ivy’imbeshere, gutanga akarorero keza biciye mu mvugo no mu ngiro birahambaye kugira ube sebibondo mwiza. Urakeneye kubigenza gutyo nimba ushaka kwibonera ukuri kw’uyu mugani wo muri Bibiliya ugira uti: “Toza umwana indero akwiye kwamana, azorinda asāza atarayivamwo”.—Imigani 22:6.

Uribuka rero yuko ivyo uvuga vyonyene atari vyo bihambaye, ahubwo ko igihambaye canecane ari ivyo ukora, ni ukuvuga akarorero utanga. Umuhinga w’Umunyakanada mu vyo kurera abana kuva bakiri bato yanditse ati: “Uburyo bwiza cane bwo gutuma abana bacu bigenza [nk’uko tuvyipfuza], ni ukwerekana ubwacu uburyo twipfuza ko bokwigenza”. Emwe, nimba wipfuza ko abana bawe baha agaciro ibintu vy’impwemu, birahambaye ko wewe ubwawe ubiha agaciro.

Rondera umwanya womarana na bo!

Abana bawe bategerezwa kubona akarorero keza ubaha. Ivyo bisigura yuko ukeneye kumarana umwanya na bo, na munini mbere, atari ukuza uramarana na bo akanya gatogato gusa. Ubigiranye ubukerebutsi nukurikize impanuro Bibiliya itanga yo ‘kwicungurira umwanya’, ni ukuvuga guheba ibikorwa bidahambaye cane kugira ushobore kuba kumwe na bo (Abanyefeso 5:15, 16). Vy’ukuri, ni igiki gihambaye kuruta abana bawe? Ni ukuraba cane televiziyo? Ni inkino? Ni inzu nziza? Ni akazi ukora?

Hari umugani umenyerewe cane ugira uti: ‘Wanka kugarura impene ikiri hafi yamara kurenga imirambi ukabira nka yo’. Ba sebibondo bafise abana bataye inzira bakisuka mu vy’ubushegabo canke mbere bakisuka mu buryo bwo kubaho buranga ukutitaho na gato ivy’Imana, kenshi baricuza rwose. Bidoga bavuga yuko batashoboye kuba bari kumwe n’abana babo batoyi incuro nyinshi igihe nyene abo bana baba bakeneye se.

Niwibuke yuko igihe abana bawe baba bakiri bato ari co gihe c’ukuzirikana ku nkurikizi z’amahitamwo ugira. Bibiliya yita abana bawe “[i]ngabire Uhoraho agaba”, ikintu Imana ubwayo yakujeje (Zaburi 127:3). Rero, ntiwigere wibagira yuko hari ico Imana izokubaza ku bijanye na bo!

Imfashanyo irahari

Sebibondo mwiza usanga ashashaye kuronka imfashanyo igirira akamaro abana biwe. Aho umumarayika abwiriye muka Manowa ko yari agiye kuvyara umwana, Manowa yasenze Imana ati: “Ndakwinginze, wa muntu wawe wadutumako ni yongere agaruke kuri twebge, atubarire uko tuzogenza uwo mwana azovuka” (Abacamanza 13:8, 9). Ni iyihe mfashanyo Manowa yari akeneye, ari na yo abavyeyi bo muri iki gihe bakeneye? Reka tuyirabe.

Uwitwa Brent Burgoyne, akaba ari umwigisha wo kuri kaminuza y’i Cape Town muri Afirika y’Epfo yavuze ati: “Imwe mu ngabirano ziruta izindi umuntu yoha umwana, ni ukumwigisha ingingo ngenderwako”. Ivy’uko abana bakeneye kwigishwa ingingo ngenderwako nk’izo birerekanwa na raporo yasohotse mu kinyamakuru kimwe (Daily Yomiuri) co mu Buyapani. Iyo raporo yavuze iti: “Itohoza [rimwe] ryagizwe ryerekana ko ibice 71 kw’ijana vy’abana bo mu Buyapani batarigera babwirwa na ba se yuko badakwiye kubesha”. None ga yemwe ivyo ntibiteye agahinda?

Ni nde ashobora gutanga ingingo ngenderwako zo kwizigirwa? Ni umwe nyene yaha Manowa ubuyobozi, na we akaba ari Imana ubwayo! Kugira ngo Imana itange imfashanyo, yarungitse Umwana wayo ikunda cane Yezu, bwa Mwigisha, akaba ari ryo zina bakunda kumuhamagara. Ubu ca gitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye, ikirimwo ivyigwa bishingiye ku nyigisho za Yezu, kiraboneka mu ndimi nyinshi, ukaba ushobora kucikorako igihe wigisha abana bawe batoyi.

Igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye ntigisigura gusa ingingo ngenderwako zishingiye kw’Ijambo ry’Imana, kiranashira ahabona ibiri mu gisomwa gikoresheje amashusho arenga 160 aherekejwe n’ibibazo bidomako. Nk’akarorero, ikigabane ca 22 kivuga ngo “Igituma tudakwiye kubesha”, kirimwo irya shusho yerekanywe ku rupapuro rwa 32 rw’iki kinyamakuru. Igisomwa kiri ku rupapuro ruriko iyo shusho kigira giti: “Kumbure hari agahungu kabwiye se gati: ‘Si jewe na[kini]ye umupira mu nzu’. Mugabo, mu gihe koba vy’ukuri [ari ko] kawu[kini]ye mu nzu, ubona koba kagize iki? Vyoba ari bibi kuvuga yuko atari ko kawu[kini]yeyo?”.

Ivyigwa bikomeye kandi birigishwa mu bigabane bivuga ngo “Ukugamburuka kuragukingira”, “Turakeneye kunanira ibitwosha nabi”, “Icigwa ku vyerekeye kugira umutima mwiza”, “Ntukigere uba umusuma!”, “Imisi mikuru yose yoba ihimbara Imana?”, “Ingene twohimbara Imana”, be no mu kivuga ngo “Igituma dukeneye gukora”. Aho tuvuze bikeyi gusa mu bigabane 48 biri muri ico gitabu.

Intangamarara y’ico gitabu isozera iti: “Abana barakeneye canecane kuyoborwa ku wo ubukerebutsi bwose bukomokako, uwo na we akaba ari Dawe wa twese wo mw’ijuru Yehova Imana. Yezu, wa Mwigisha Ahambaye, yamye nantaryo ayobora abantu muri ubwo buryo. Turizigiye tudakeka ko iki gitabu kizobafasha wewe n’umuryango wawe kugira ivyo muhinduye mu buzima bwanyu kugira ngo muhimbare Yehova, ivyo na vyo bikazotuma muhezagirwa ibihe bidahera”a.

Si agaseseshwarumuri, kuba sebibondo mwiza birimwo guha akarorero keza abana bawe, kumarana umwanya munini na bo, no kubafasha kubaho bisunga ingingo mfatirwako z’Imana, nk’uko yazihishuye muri Bibiliya.

[Akajambo k’epfo]

a Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya, Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakimazi hamwe n’Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo, ni ibindi bitabu Ivyabona vya Yehova basohoye kugira bifashe imiryango.

[Ifoto ku rup. 8]

Naho Viktor Gutschmidt yari mw’ibohero, yarashoboye kuba sebibondo mwiza

[Amafoto ku rup. 8, 9]

Igihe Viktor yari apfunzwe ahorwa ukwizera kwiwe, yaracafye aya mashusho kugira yigishe abana biwe

[Ifoto ku rup. 9]

Abakobwa ba Viktor mu 1965

[Ifoto ku rup. 10]

Ba sebibondo bakwiye kwigisha abana babo babigiranye umwete

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika