ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 4/11 rup. 10-13
  • Igitabu wokwizigira—Igice ca 3

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igitabu wokwizigira—Igice ca 3
  • Be maso!—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inkuru ya kahise yo kwizigirwa
  • Ubuhanuzi bwo kwizigirwa
  • Umuhango ushobora kwizigira
  • Bibiliya—Igitabu c’ubuhanuzi bw’ukuri—Igice ca 2
    Be maso!—2012
  • Igitabu wokwizigira—Igice ca 4
    Be maso!—2011
  • Kuro Mukuru
    Be maso!—2013
Be maso!—2011
g 4/11 rup. 10-13

Igitabu wokwizigira​—Igice ca 3

Babiloni mu nkuru ya kahise ivugwa muri Bibiliya

Iki ni ikiganiro kigira gatatu muri rwa rukurikirane rw’ibiganiro indwi bizoza birasohoka mu nomero zikurikirana za “Be maso!”, bino bikaba bica irya n’ino za nganji nganzasi indwi zivugwa mu nkuru ya kahise dusanga muri Bibiliya. Intumbero yavyo ni iyo kwerekana yuko Bibiliya ari iyo kwizigirwa, ko yahumetswe n’Imana be n’uko ubutumwa buri muri yo butuma umuntu yizigira ko imibabaro iterwa no kuba umuntu ategeka mugenziwe mu buryo buranga ubunyamaswa izokurwaho.

IGISAGARA ca Babiloni ca kera, icari mu kiyaya cimbuka nko ku bilometero 80 mu bumanuko bwa Baghdad yo mu gihe ca none, mu vy’ukuri cari giteye igomwe. Kubera ko cari gikikujwe n’uruhome amahero rurimwo zibiri kikaba kandi cari gikikujwe n’umugende w’amazi, casa n’ikitomenwa. Ico gisagara cari kizwi cane kubera insengero zaho zibereye ijisho, ubusitani bwaho buri hejuru be n’insengero zaho zimeze nk’iminara. Kubera ko Babiloni cari kimwe mu bisagara bihambaye cane vyariho ico gihe, giheruka kuvugwa ko cari igisagara carimwo ibintu vy’akaroruhore.

Muri Bibiliya ciswe “Umugabekazi w’Ibihugu vy’abami” kikaba cari umurwa mukuru w’inganji nganzasi igira gatatu ivugwa mu nkuru ya kahise dusanga muri Bibiliya. (Yesaya 47:5) Cokimwe n’inganji nganzasi ya Misiri n’iya Ashuri zabayeho imbere yayo, inganji nganzasi ya Babiloni yaragize uruhara rukomeye mu nkuru ya kahise ivugwa muri Bibiliya, ivyo bikaba bituma dushobora kugereranya ivyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye iyo nganji be n’ivyo inkuru za kahise zitari izo muri Bibiliya zivuga.

Inkuru ya kahise yo kwizigirwa

Igitabu co muri Bibiliya ca Daniyeli kiratubwira yuko umuntu yitwa Belushazari yigeze gutwara ari umwami i Babiloni. (Daniyeli 5:1) Ariko rero, hariho amasôko adashingiye kuri Bibiliya yavuze muri kahise yuko, naho Belushazari yari akomeye, atigeze aba umwami. None Bibiliya yoba itavuze ukuri? Abacukuzi barubuye utubumbano tumeze nk’ingegene z’ibiti mu bisigarira vy’igisagara ca Uri muri Mezopotamiya. Kuri kamwe muri utwo tubumbano hari handitseko ibintu mu nyandiko yitwa cunéiforme, muri ivyo bintu hakaba harimwo isengesho ryatuwe n’Umwami wa Babiloni ari we Nabonide asabira “Bel-sar-ussur [ari we Belushazari], imfura [yiwe].” Mu nyuma, ibintu vyubuwe vyaremeje yuko Belushazari yari “yarakoze ari icegera c’umwami mu myaka irenga igice c’iyo se wiwe yamaze ari ku ngoma, muri ico kiringo akaba yari nk’umwami.”—Ivyo bivugwa n’inyizamvugo imwe y’ivya Bibiliya (New Bible Dictionary).

Inkuru ya kahise irerekana kandi yuko Babiloni ya kera cari igisagara cakorerwamwo ivyo gusenga mu buryo burenze urugero, cari cuzuyemwo ivyo kuragurira ku nyenyeri n’ivy’ubupfumu. Nk’akarorero, muri Ezekiyeli 21:21, dusoma yuko umwami wa Babiloni yikoze ku buraguzi kugira ngo amenye nimba yotera Yeruzalemu. Bibiliya ivuga yuko uwo mwami “yaravye mu gitigu.” Kubera iki igitigu ari co yaravyemwo? Abanyababiloni barakoresha ico gihimba barondera kumenya ibizoba. Igitabu kimwe (Mesopotamian Astrology) kitubwira ko mu gace kamwe gusa ka Babiloni ha kera, abacukuzi bahubuye “[utubumbano] 32 dufise imero y’igitigu, twose tukaba twari twanditsweko” ibimenyetso vyerekana ibizoba.

Umucukuzi azwi cane yitwa Nelson Glueck yarigeze kuvuga ati: “Maze imyaka mirongo itatu ngira ubucukuzi mfise Bibiliya mu kuboko kumwe mu kundi hari umwiko, kandi mu bijanye n’ibintu vyabaye muri kahise sinigeze mbona ko Bibiliya yihenda.”

Ubuhanuzi bwo kwizigirwa

Wovyakira gute nka hamwe hoba hari umuntu yakubwiye yuko umurwa mukuru ukomeye nka Beijing, Moscou, canke Washington D.C, uzocika ahantu h’umusaka hatakiba abantu? Birumvikana ko wokekeranya. Yamara, ivyo ni vyo vyashikiye Babiloni ha kera. Imyaka nka 200 imbere y’igihe, nko mu mwaka wa 732 B.G.C., Yehova Imana yarahumekeye umuhanuzi w’Umuheburayo yitwa Yesaya kugira ngo yandike ubuhanuzi bwerekeye iherezo ry’igisagara gihambaye ca Babiloni. Yanditse ati: “Babiloni, ca kirezi c’ubwami, . . . itegerezwa gucika nka ca gihe Imana yatembagaza Sodomu na Gomora. Nta wuzokwigera ahaba, eka ntizogira aho iba, uko iyaruka rikurikira irindi.”—Yesaya 13:19, 20.

Ariko none ni igiki catumye Imana ivuga imbere y’igihe ibijanye n’ugutikizwa kwa Babiloni? Mu 607 B.G.C., ingabo z’Abanyababiloni zaratikije Yeruzalemu maze abacitse kw’icumu zibatwara i Babiloni, aho bafashwe bunyamaswa. (Zaburi 137:8, 9) Imana yari yaravuze yuko abo basavyi bayo bobwirijwe kumara imyaka 70 bafatwa nabi muri ubwo buryo kubera ibikorwa vyabo bibi. Mu nyuma Imana yobarokoye ikabareka bagasubira mu gihugu cabo c’amavukiro.—Yeremiya 25:11; 29:10.

Mu buryo buhuye n’ayo majambo y’ubuhanuzi Imana yari yaravuze, mu 539 B.G.C., ya myaka 70 Abayuda bomaze mu bunyagano iri mu kurangira, ico gisagara ca Babiloni casa n’ikitoneshwa caratembagajwe n’ingabo z’Abamedi n’Abaperesi. Mu nyuma, ico gisagara caracitse ikirundo c’ibihomvagurike nk’uko nyene vyari vyaravuzwe. Nta muntu n’umwe yari gushobora kumenyesha imbere y’igihe ikintu gitangaje nk’ico. Nta gukeka ko igikorwa co kuvuga ubuhanuzi, ari kwo kumenyesha imbere y’igihe ibizoba, gituma Uwandikishije Bibiliya ari we Mana y’ukuri Yehova aba uwutandukanye n’iyindi mana iyo ari yo yose.—Yesaya 46:9, 10.

Umuhango ushobora kwizigira

Yamara, hariho ubundi buhanuzi buriko buraranguka mu buryo bwibonekeje muri iki gihe cacu. Ubwo buhanuzi bujanye n’Umwami Nebukadinezari wa Babiloni be n’ivyo yarose vyerekeye igishusho amahero. Ico gishusho cari kigabuwemwo ibihimba bitanu, ni ukuvuga umutwe, igikiriza n’amaboko, inda n’amatako, amaguru be n’ibirenge, kimwe cose kikaba cari kigizwe n’ubutare butandukanye. (Daniyeli 2:31-33) Ivyo bihimba vyo mu butare vyagereranya ukuntu intwaro canke ubwami, zogiye zirakurikirana, zikaba zahereye kuri Babiloni zirabandanya gushika ku nganji nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika, ari na yo igira indwi ivugwa mu nkuru ya kahise dusanga muri Bibiliya.—Daniyeli 2:36-41.

Daniyeli arahishura yuko ku birenge n’amano vy’ico gishusho habaye ihinduka riboneka ry’ibintu bigize ico gice. Uti gute? Ubutare butavanze n’ikindi kintu bwasubiriwe n’icuma kivanze n’ibumba ribisi. Daniyeli yasiguriye Nebukadinezari ati: “Ko wabonye icuma kivanze n’ibumba ribisi, bizovangana n’uruvyaro rw’abantu; ariko ntibizofatana, ngo kimwe gifatane n’ikindi, nk’uko nyene icuma kitavangana n’ibumba ribumbabumvye.” (Daniyeli 2:43) Egome, kuvanga icuma n’ibumba bivamwo ikintu kidakomeye; “ntibifatana.” Ese ukuntu ivyo bidondora mu buryo butagiramwo amakosa isi tubamwo muri iki gihe yiciyemwo ibice mu vya politike!

Daniyeli arahishura kandi ikindi kintu gihambaye kiba. Mu vyo Umwami Nebukadinezari yarose, yarabonye ibuye ryasituwe ku musozi munini. Iryo buye ryaradugijwe hejuru maze “rikubita ca gishusho ku birenge vyaco vy’icuma n’ibumba ribumbabumvye ri[r]abijanjagura.” (Daniyeli 2:34) Ivyo none bisobanura iki? Daniyeli ubwiwe arishura ati: “Mu misi y’abo bami, Imana yo mw’ijuru izoshinga ubwami butazokwigera busenyurwa. Kandi ubwo bwami ntibuzohabwa ikindi gisata c’abantu. Buzojanjagura ubwo bwami bwose bubuherengeteze, yamara bwobwo buzohangama gushika ibihe bitagira urugero.” (Daniyeli 2:44) Ubwo buhanuzi bwerekeza ku Bwami ata ho busa busana n’izindi ntwaro z’abantu. Umwami wabwo ni Yezu Kristu, ari we Mesiya. Nk’uko twabivuze mu biganiro vy’imbere y’iki vyo muri uru rukurikirane rw’ibiganiro, Yezu azojanjagura Shetani n’abayoboke biwe bose, ni ukuvuga abantu n’ibiremwa vy’impwemu bimushigikiye, gutyo atume mu vyaremwe vyose haba amahoro n’uguhuza.—1 Abakorinto 15:25.

“Maze imyaka mirongo itatu ngira ubucukuzi . . . , kandi mu bijanye n’ibintu vyabaye muri kahise sinigeze mbona ko Bibiliya yihenda.”—Vyavuzwe na Nelson Glueck

YARI YARAVUZWE IZINA

Bumwe mu buhanuzi buhambaye kuruta ubundi bwerekeye ugutemba kwa Babiloni bwari bujanye n’uwohigaruriye, uwo na we akaba ari Umwami Kuro w’Ubuperesi. Hagisigaye ibinjana hafi bibiri ngo Kuro aje ku ngoma, Yehova Imana yaramuvuze izina yongera aramenyesha yuko ari we yokwigaruriye Babiloni.

Mu kwerekeza ku ntsinzi ya Kuro, Yesaya ahumekewe n’Imana yanditse ati: “Ibi ni vyo Yehova abwiye uwo yarobanuje amavuta, Kuro, uwo mfashe ukuryo, ngo ntume amahanga ayoboka imbere yiwe, . . . ngo nugurure imbere yiwe ya miryango y’inzugi zibirizibiri, ku buryo n’amarembo atazokwugarwa.” Imana yari yaravuze kandi yuko Uruzi Efurate rwokamye mu buryo bunaka.—Yesaya 45:1-3; Yeremiya 50:38.

Abatohozakahise b’Abagiriki ari bo Herodote na Xénophon baremeza ko ubwo buhanuzi butangaje bwarangutse. Baravuga yuko Kuro yakebeje Uruzi Efurate, agatuma amazi yarwo agabanuka. Ivyo vyatumye ingabo za Kuro zishobora kwinjira muri ico gisagara ziciye mu marembo yaco, ano akaba yari yasizwe yuguruye. Nk’uko vyari vyaravuzwe, igisagara ca Babiloni gikomeye caratemvye “giturumbuka,” mw’ijoro rimwe.—Yeremiya 51:8.

BABILONI AKOMEYE

Igitabu ca Bibiliya c’Ivyahishuwe kiravuga ibijanye n’umumaraya w’ikigereranyo yitwa “Babiloni Akomeye.” (Ivyahishuwe 17:5) None uwo mumaraya agereranya iki? Ibimenyamenya vyerekana yuko uwo mumaraya ari umugwi w’ivy’idini.

Babiloni ya kera cari igisagara cagirirwamwo ivyo gusenga mu buryo burenze urugero, kikaba carimwo insengero zirenga 50 zari zareguriwe ibimana bitandukanye. Abanyababiloni baremera ibimana bifatiwe hamwe ari bitatubitatu, bakemera kandi yuko umuntu afise igihimba kidapfa kimanuka mu karere k’umwiza ko mu kuzimu iyo apfuye. Nk’uko iyo nyigisho ivyerekana, “ukubaho kw’abantu inyuma y’urupfu ni ishusho gusa y’ubuzima bwo kw’isi, mugabo bakaba babaho mu buryo bubi kandi bubabaje.”—Ivyo bivugwa n’inkoranyabumenyi imwe (Funk & Wagnalls New Encyclopedia).

Izo nyigisho zahavuye zikwiragira kw’isi. Muri iki gihe izo nyigisho, canke ivyagiye birahindurwa kuri zo, tuzisanga mu madini y’abiyita abakirisu. Ayo madini afatiwe hamwe agize igihimba nyamukuru c’ishirahamwe ry’ivy’ugusenga rikwiye kw’isi yose ari ryo Babiloni Akomeye!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika