ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 1/12 rup. 3
  • Imibabaro ikwiye kuvaho!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imibabaro ikwiye kuvaho!
  • Be maso!—2012
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki hari imibabaro myinshi gutyo?
    Be maso!—2012
  • Bibiliya ibivugako iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Ikibazo ca 3: Kubera iki Imana ireka ngashikirwa n’imibabaro?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ivyago vy’ivyaduka?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Be maso!—2012
g 1/12 rup. 3

Imibabaro ikwiye kuvaho!

Imibabaro ya Khieu yatanguye igihe se wiwe yicwa azira ko yaretse inka zikona umurima w’ibigori w’umubanyi. Mu nyuma, nyina wiwe na bashikiwe babiri barishwe n’umuhari w’Abakomunisita witwa Khmer Rouge wo muri Kamboje. Inyuma y’aho, Khieu yarakomerekejwe n’imine batega mw’ivu. Yamaze imisi 16 mw’ishamba arindiriye uwoza kumutabara. Vyabaye ngombwa ko acibwa ukuguru. Khieu avuga ati: “Sinashaka kubandanya kubaho.”

USHOBORA kuba warabonye yuko imibabaro idatoranya. Ivyago vy’ivyaduka, indwara n’ubumuga, ubukozi bw’ikibi bukaze n’ibindi vyago birashobora gushikira uwo ari we wese, bigashika aho ari ho hose n’umwanya uwo ari wo wose. Amashirahamwe ajejwe gutabara imbabare yarakoze yivuye inyuma kugira ngo akingire abantu ntibashikirwe n’imibabaro canke kugira n’imiburiburi abatabare abakure muri iyo mibabaro. None utwo twigoro twayo twashitse ku ki?

Rimbura ibijanye no kurwanya inzara. Nk’uko ikinyamakuru kimwe (Toronto Star) kibivuga, ivyago vy’ivyaduka vyatumye abantu benshi basigara batagira aho bakika umusaya n’ico bashira ku munwa. Ariko rero, ico kinyamakuru kivuga yuko “utwigoro amashirahamwe agira kugira ngo arwanye inzara usanga tuburabuzwa n’ubukazi bubandanya kwongerekana.”

Imboneza mu vya politike, mu vy’imibano no mu vy’amagara y’abantu zose zaragerageje gukuraho imibabaro, ariko ivyavuyemwo vyabaye ibivuna umutima. Amaporogarama ahimiriza ivyo guteza imbere ubutunzi ntiyakuyeho ubukene. Incanco, imiti hamwe n’ubuhinga buteye imbere bwo kubaga abantu ntibishobora gukuraho indwara. Inyamiramabi hamwe n’inteko zijejwe kubungabunga amahoro biritegereza ata co biri bufashe ukuntu ubukozi bw’ikibi bukaze bubandanya canke mbere bwongerekana.

Kubera iki none hari imibabaro myinshi gutyo? Imana yoba yitaho ibiriko birashikira abantu? Abantu amamiliyoni bararonse inyishu zihumuriza z’ivyo bibazo bazikuye muri Bibiliya, nk’uko tuza kubibona.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika