Urwaruka ruribaza
Mbega yemwe nabivugiye iki?
Iki kiganiro kizogufasha kumenya
IGITUMA bishika ukavuga ikintu kibi
ICO wokora igihe utsitaye ku muntu
INGENE wocungera ururimi rwawe
“Muri rusangi, ndacungera ururimi rwanje, mugabo birashika nkavuga ikintu kitabereye maze nkumva ndabuze iyo nkwirwa!”—Chase
“Birashika nkavuga ibintu abantu bose bashobora kuba bariko bariyumvira mugabo bitari bikwiye kuvugirwa hejuru!”—Allie
IGITUMA BISHIKA
Icanditswe c’ishimikiro: “Nimba hari umuntu atigera akora ikosa mu vyo avuga, aratunganye.” (Yakobo 3:2, Good News Translation) Ivyo bisobanura iki? Nta n’umwe ashobora gucungera ururimi ijana kw’ijana. Abantu benshi barashobora kuba bameze nka Annette,a uwiyemerera ati: “Nkira kwiyumvira ikintu ngasanga nakivuze.”
Ivyabaye koko: “Hari umukobwa umwe w’umugenzi yambwiye ko akunda impuzu zimwezimwe nagira mpebe. Naciye ndamubwira ntabanje kwiyumvira, nti: ‘Nibaza ko zitogukwira.’ Yishuye ati: ‘Uti iki? Ushaka kuvuga ko ndi munini?’”—Corrine.
Kugira ngo utahure igituma vyoshika bikakugora gucungera ururimi, nugerageze ibi bintu bikurikira.
● Numenye ubugoyagoye bwawe.
․․․․․ Ndakunda kuvuga iyo nshavuye
․․․․․ Ndakunda kuvuga ntabanje kwiyumvira
․․․․․ Ndakunda kuvuga ntabanje kwumviriza
․․․․․ Ikindi ․․․․․
Akarorero: “Ndafise ingorane yo kujajura cane, kandi rimwe na rimwe abantu batahura ukutari kwo ivyo mvuze.”—Alexis.
● Ni nde ukunda gutsitarako?
․․․․․ Umuvyeyi
․․․․․ Uwo muvukana
․․․․․ Umugenzi
․․․․․ Uwundi ․․․․․
Akarorero: Uwitwa Christine w’imyaka 20 avuga ati: “Birababaje kubona abantu nkunda kuruta abandi ari bo nkunda kubabaza kuruta abandi. Nibaza ko ari kubera yuko mba numva nisanze igihe ndi kumwe na bo ku buryo mpfa kuvuga ibinjemwo.”
ICO WOKORA IGIHE UTSITAYE KU MUNTU
Icanditswe c’ishimikiro: “Dukurikirane ibiremesha amahoro.” (Abaroma 14:19) Uburyo bumwe bwo gukurikiza iyo mpanuro ni ugusaba ikigongwe.
Ivyabaye koko: “Mawe yapfuye igihe nari maze amezi cumi kandi sinigeze mbana na dawe, nkaba rero narezwe na mamawacu be n’umugabo wiwe. Igihe kimwe mfise imyaka nka 10 canke 11, narumva mfise irungu cane nkongera ngashavuzwa cane n’uko mawe yari yarapfuye, nkaba nabona yuko hariho umuntu abibazwa. Igihe rero mamawacu yansaba kumufasha ikintu kimwe, naciye ntangura kuvugira hejuru amajambo menshi maze mu gusozera mvuga nti: ‘Ndakwanka,’ nongerako nti: ‘Nturi mawe.’ Mamawacu yarakubiswe n’inkuba. Yaciye aja mu cumba ciwe maze arugara umuryango. Naramwumvise ariko ararira. Vyarambabaje cane. Uwambungabunga akongera akandonsa ivyo nkeneye vyose, nari ndamufashe nk’umuntu ata co amaze. Umugabo wiwe yarambwiye ivyari vyabaye, maze aranyereka ivyanditswe bijanye no gucungera ururimi. Mu nyuma, narasavye ikigongwe mamawacu ndabikuye ku mutima. Nari nkeneye gutahura ko nakoze ikosa.”—Karen.
Niwandike aho hepfo imvo imwe yoshobora gutuma bikugora gusaba ikigongwe.
․․․․․
Ni kubera iki gusaba ikigongwe vyoshobora gutuma wumva umerewe neza?
․․․․․
Icogufasha: Rimbura ingingo ngenderwako ziri mu Migani 11:2 no muri Matayo 5:23, 24.
Ariko ntiwumve, vyoba vyiza wirinze ikintu nk’ico kugira ngo ntibibe ngombwa ko usaba ikigongwe. Wobigenza gute none?
INGENE WOCUNGERA URURIMI RWAWE
Icanditswe c’ishimikiro: ‘Utebuke kwumva, utebe kuvuga, utebe kuraka.’ (Yakobo 1:19) Ng’ibi ibintu bimwebimwe vyogufasha gushira iyo mpanuro mu ngiro.
Soma ivyanditswe bikurikira, maze urondere iciyumviro kijanye na kimwe cose muri vyo.
1 “Ntugerageze kuba umuntu adafyina na gato; ivyo bizotuma utaba inkomwahato.” —Danette.
2 “Ndagenda gutembera. Biratuma ndonka akaryo ko kuba ndi jenyene bikongera bigatuma ndonka umwanya wo guturura.”—Brielle.
3 “Nkiri muto, nahora niyumvira ko umuntu wese ambwiye nabi ntegerezwa kumwishura, kandi akantu kose nakagira agahambaye. Mugabo nahavuye ntahura ko ari vyiza kwirengagiza ibintu.”—Celia.
4 “Iyo umuntu ariko arakuvuzako induru maze ntihagire ico umwishura, arateba akarambirwa maze akakureka. Wewe niwihangane gusa. Ntusongere isibe.”—Kerrin.
5 “Birashika umuntu akanshavuza. Nca niyumvira ibintu vyinshi nipfuza kumubwira. Mugabo iyo ndetse hagaca akanya, nca ntahura yuko ivyo nari kumubwira ata co vyari kuba bimaze na gato. Ico nahigiye ni uko ntakwiye guca nishura.”—Charles.
Ibindi biganiro vyo mu rukurikirane ruvuga ngo “Urwaruka ruribaza” (mu gifaransa), urashobora kubisanga ku muhora wa Internet witwa www.watchtower.org/ypf
[Akajambo k’epfo]
a Bamwebamwe mu bavugwa muri iki kiganiro si ko basanzwe bitwa kubera bitashimwe ko bamenyekana.
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 20]
Allie—Imbere y’uko ngira ico mvuze, ndibaza nti: ‘Iki kintu coba kiri butume ibintu birushiriza kumera neza? Ivyo ngira mvuge biza kugira ico bikoze gute ku wo ndabibwira?’ Nimba ivyo ugira uvuge biguteye amakenga, birashoboka rwose ko udakwiye kubivuga.
Chase—Igihe nipfuza kugira ico mvuze, ndagerageza kwiyumvira ingaruka kiza kugira ku bo turi kumwe. Nibaza yuko uko nkura, ari ko ngenda ndarushiriza gucungera ururimi rwanje. Mu vy’ukuri umuntu arigira ku bimushikira.
[Uruzitiro ku rup. 21]
UBONA GUTE UBAJIJE ABAVYEYI BAWE?
Yakobo yanditse ko “twese dutsitara kenshi” kubera ko tudatunganye. Ku bw’ivyo, nubaze abavyeyi bawe urugamba barwanye mu bijanye no gucungera ururimi.—Yakobo 3:2.
[Ifoto ku rup. 20]
“Ufyonze umuti w’amenyo ugasohoka, ntushobora kuwusubizayo. Ukwo nyene ni ko bimeze ku bijanye n’ivyo tuvuga. Tumaze kuvuga ikintu kibabaza abandi, ntidushobora kugisubiza inyuma.”—James.