Urwaruka ruribaza
Nokora iki kugira ngo mpimbarwe no kwiga Bibiliya?
Kubera iki none umuntu yokwiga Bibiliya? Ng’ibi ivyotuma ayiga:
Bibiliya irashobora kugufasha kuronka itunga. Ico gitabu kigurwa cane kuruta ibindi kirashobora
● Kukwereka ingene wokwitegurira kugira ubuzima bwiza kuruta
● Kukubwira ibintu vyerekeye kazoza na kahise utoshoboye kumenyera ahandi
● Kugufasha kwimenya no kurushiriza kuba umuntu ameze nezaa
KWIGA Bibiliya bisaba akigoro, mugabo ivyiza bivamwo ni vyinshi cane! Woba ushaka kumenya ukuntu abakiri bato bamwebamwe bariko barabigira? Nukate urupapuro rukurikira maze uruzinge. Uraza kuronka agatabu k’impapuro zine koroshe gukoresha kazokwereka ukuntu abo mu runganwe rwawe bariko baratsinda intambamyi zijanye no kwiyigisha Bibiliya be n’ukuntu bariko baravyungukirako.
“Umuntu wese arashobora gusanga muri Bibiliya ikintu kimugirira akamaro. Ibintu vyo kwiga ntibigira uko bingana!”—Valerie.b
Ibindi biganiro vyo mu rukurikirane ruvuga ngo “Urwaruka ruribaza” (mu gifaransa), urashobora kubisanga ku muhora wa Internet witwa www.watchtower.org/ypf
[Utujambo tw’epfo]
a Kugira ngo umenye n’ibindi ku bijanye n’ukuntu Bibiliya ishobora kugufasha muri ivyo bintu vyose, nubaze Ivyabona vya Yehova b’aho uba canke wandike ukoresheje aderese ibereye mu ziri ku rupapuro rwa 5.
b Bamwebamwe mu bavugwa muri iki kiganiro si ko bitwa kubera bitashimwe ko bamenyekana.
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 13]
INGENE WOKWIGA BIBILIYA
Ingorane: NTA VYO WIPFUZA
“Sinumva ko nomara isaha yose nicaye ndiko ndiyigisha.”—Lena.
Ico ukeneye: ICOTUMA UBIGIRA
Kugira ngo kwiyigisha Bibiliya biguhimbare, urakeneye kumenya ico uzohakura. Woba wipfuza kuba umugenzi w’Imana, kurushiriza gutahura ibiba mw’isi, canke kurushiriza kuba umuntu ameze neza? Bibiliya irashobora kugufasha muri ivyo bintu no mu bindi!
“Kwiga Bibiliya ntubifate nk’igikorwa canke nk’ivyigwa vyo kw’ishure. Ahubwo, nubibone nk’uburyo bwo kurushiriza kwiyegereza Umugenzi ahambaye kuruta abandi bose wogira, uwo na we akaba ari Yehova Imana.”—Bethany.
“Ikiringo co kwiyigisha ni umwanya wewe ubwawe umara uri kumwe na Yehova Imana. Nimba umarana umwanya n’umuntu igihe gusa uri kumwe n’abavyeyi bawe, uwo muntu yoba vy’ukuri ari umugenzi wawe canke yoba gusa ari umugenzi w’abavyeyi bawe? Igihe wewe ubwawe wiyigisha, Yehova arashobora kuba umugenzi wawe.”—Bianca.
Niwibuke ibi: “Ikintu cose kiri mu Vyanditswe ni Ijambo ry’Imana. Cose ni ngirakamaro ku kwigisha, ku gufasha abantu, ku kubakosora no ku kubereka ukuntu bobaho.” (2 Timoteyo 3:16, Contemporary English Version) Na wewe Bibiliya irashobora kugufasha muri ubwo buryo!
“Ndagerageza kuguma niyumvira ivyo nzohakura. Mu gihe hari ikintu kinaka kitagenda neza kuri jewe, kwiyigisha biramfasha kumenya ico nokora maze nkagira ico mpinduye.”—Max.
Ikibazo co kuzirikanako:
Ni igiki cotuma wewe wiyigisha?
Ingorane: KURAMBIRWA
“Haciye iminuta 10 ndiko ndiyigisha, nca ntangura kuruha; mu minuta 20 mba numva nokora ikindi kintu; haciye iminuta 30, mba narambiwe rwose!”—Allison.
Ico ukeneye: UBUSHOBOZI BWO KWIYUMVIRA
Nukoreshe ubwenge bwawe, haba mu bijanye n’ivyo wiga, ukuntu wiga, canke aho uhitamwo kwigira.
“Nufate umwanya wo kugirira ubushakashatsi ibibazo ufise. Igihe wiga ikintu umaze igihe wiyumvira, ukirangiza wumva ushize akanyota, mbere unezerewe.”—Richard.
“Igihe usoma inkuru yinaka, numere nk’uwuri muri yo. Nufate ko uri umuntu nyamukuru avugwa muri iyo nkuru canke umuntu ahagaze ng’aho yihweza ibiriko biraba. Nugerageze kubona ivyo bintu mu bwenge.”—Steven.
“Nutume kwiyigisha bikuryohera. Niwicare mu kigo ufise iruhande yawe ikinyobwa kitaboreza. Igihe ndiko ndiyigisha ndakunda kugira utwo mpekenya. Erega nta we twogwa nabi!”—Alexandra.
Niwibuke iki kintu: Kurambirwa ni ikintu umuntu yishiramwo, ntivyama ari ko biri. Aho kuvuga rero ngo “kwiyigisha birarambira,” nuvuge uti “Ndarambiwe.” Nuhindure ukuntu ubona ibijanye no kwiyigisha. Ivyo bizogufasha kwicungera vyongere bitume uronka inguvu zo kugira ico uhinduye.—Imigani 2:10, 11.
“Si ngombwa ngo kwiyigisha bikurambire. Niwishiramwo ko birambira bizokurambira.”—Vanessa.
Ikibazo co kuzirikanako:
Ushobora gute gukoresha ubushobozi bwo kwiyumvira mu bijanye no kwiyigisha?
Ingorane: KUBURA UMWANYA
“Ndipfuza kurushiriza kwiyigisha Bibiliya, mugabo kubera ko mfise ibintu vyinshi vyo gukora, ingorane ikomeye kuruta izindi mfise ni ukuronka umwanya wo kwicara ngo niyigishe!”—Maria.
Ico ukeneye: GUSHINGA IBIKWIYE KUJA IMBERE Y’IBINDI
Kimwe mu bintu vyerekana ko umuntu akuze ni ukumenya “[kwiyemeza] neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.”—Abafilipi 1:10.
“Mawe yaramfashije gutahura ko ntazokwigera ndonka umwanya urenze ku wusanzwe uhari. Nategerezwa kurondera umwanya. Igihe icipfuzo nari mfise co kwiyigisha carushiriza gukomera, nararondeye umwanya wo kubigira.”—Natanya.
“Uko nagenda ndakura, ni ko nagenda ndatahura ko mbwirizwa kwishingira umwanya wo kwiyigisha, kandi ndawubahiriza naho hoza iki.”—Yolanda.
“Mu gihe ukwiyigisha ugushize imbere y’ukwiruhura, ndakubwije ukuri yuko kwiyigisha bizorushiriza kuguhimbara, kandi uzoheza wiruhure umutima uri mu nda.”—Diana.
Niwibuke iki kintu: Nutashinga ibikwiye kuja imbere y’ibindi, ntuzoshobora gucungera umwanya wawe kandi ntuzokwigera ushobora gukora ivyo wipfuza mu mwanya ufise. Birarushiriza kuba vyiza igihe wibwirije maze ugategekanya umwanya wo kwiyigisha.—Abanyefeso 5:15, 16.
“Kubera ko niga mu mashure yisumbuye, ndashobora gutwarwa bitagoranye n’ibindi bintu! Ariko rero, ndagira akigoro gakomeye ko gushira ukwiyigisha Bibiliya imbere y’ibindi bintu.”—Jordan.
Ikibazo co kuzirikanako:
Wotegekanya kwiyigisha ryari?
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 19]
IMPANURO ZITANGWA N’ABO MU RUNGANWE RWAWE
Zachary—Ntiwige gusa ivyo abavyeyi bawe canke abandi biga. Igihe wiga ikintu wewe ubwawe wipfuza kumenya ni ho vy’ukuri uba uriko uriyigisha.
Kaley—Mu ntango, nuze uramara umwanya mutomuto naho yoba ari iminuta itanu gusa, mugabo ubigire buri musi. Mu nyuma urashobora kugenda urongereza uwo mwanya ukamara iminuta 10, hanyuma 15 gutyogutyo. Amaherezo kwiyigisha bizoguhimbara!
Daniela—Utuntu dutoduto na two nyene turashobora gufasha cane. Nurondere amakaramu y’amabara atandukanye be n’agakaye keza, canke utegekanye ahantu muri orodinateri yawe maze uhite ngo: Ukwiyigisha.
Jordan—Igihe mpisemwo iciyumviro kinshimisha, ndamara umwanya muremure ndiko ndiyigisha. Vyongeye, ndakenera kuba ndi ahantu hatekanye. Sinshobora kwigira ahantu hari urwamo rwinshi.
[Igicapo ku rup. 14]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Rukate
Ruzinge