ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w24 Munyonyo rup. 31
  • Ivyogufasha kwiyigisha buri ndwi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyogufasha kwiyigisha buri ndwi
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Ivyo bijanye
  • Nokora iki kugira ngo mpimbarwe no kwiga Bibiliya?
    Be maso!—2012
  • Urutonde rw’ibikorwa vyo mu muryango—Inyigisho y’umuryango
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ntiwizitire—Nuvyifatemwo neza igihe ufise vyinshi ukora
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Kwiga Bibiliya birashoboka kuri bose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
w24 Munyonyo rup. 31
Mushiki wacu ariko ariyigisha akoresheje orodinateri ngendanwa, Bibiliya n’agakaye yandikamwo. Ariko arakoresha igicapo kivuga ngo «Intwaro nganzasi zavuzwe na Daniyeli» mu Nyongera ya B9 iri muri «Bibiliya y’isi nshasha.»

Ivyogufasha kwiyigisha buri ndwi

VYOBA bikugora kwiyigisha Bibiliya buri ndwi? Vyoba bishika ukumva umengo kwiyigisha Bibiliya birakurambira? Twese ivyo birashobora kudushikira. Ariko niwiyumvire ibindi bintu twama tugira buri musi nko kwiyoga. Kwiyoga bisaba umwanya n’akigoro. Ariko iyo tubigize duca twiyumva neza. No kwiga Bibiliya birashobora gutuma twiyumva neza bikamera nk’aho «[twiyuhagije] amazi biciye kuri rya jambo.» (Ef. 5:26) Reka twihweze ivyogufasha:

  • Nutegekanye umusi n’umwanya wo kwiyigisha. Kwiyigisha Bibiliya biri mu bintu bihambaye kuruta ibindi umukirisu adakwiye kwirengagiza. (Flp. 1:10) Kugira wubahirize urutonde rwawe, niwandike umusi n’umwanya wo kwiyigisha uce ubimanika ahantu bizokworohera kubona. Canke na ho, nuregere telefone ku buryo ikwibutsa imbere gato y’uko umwanya wo kwiyigisha ugera.

  • Niwiyumvire umwanya womara uriko uriyigisha. Vyoba bikworohera kumara umwanya munini uriko uriyigisha canke woshima kumara umwanya mutomuto ariko ukabigira kenshi? Ni wewe wiyizi. Rero nutegekanye umwanya wo kwiyigisha wisunze ivyokworohera. Nimba umwanya wo kwiyigisha ugeze ariko ukumva nta vyo ushaka, ubona gute ugerageje kwiyigisha iminota cumi gusa? Mu minota cumi urashobora kwiga ibintu vyinshi kuruta igihe utiyigishije. Kandi umaze gutangura, urashobora kwumva ushatse kubandanya kwiga kandi gato.—Flp. 2:13.

  • Nuhitemwo imbere y’igihe ivyo uzokwiga. Niwarindira umwanya wo kwiga akaba ari ho uhitamwo ivyo wiga, ntuzoba uriko «ukoresha neza umwanya [wawe].» (Ef. 5:16) Ubona gute ugize urutonde rw’ibiganiro canke ivyiyumviro woshima kwiga? Igihe cose ugize ikibazo ku kintu udatahura, candike. Vyongeye uhejeje kwiyigisha, urashobora gushiramwo ibindi vyiyumviro muri rwa rutonde rw’ivyo ushaka kwiga.

  • Nugire ivyo uhinduye igihe bikenewe. Nugerageze kugira ivyo uhinduye ku rutonde rwawe nk’umwanya umara uriko uriga canke ivy’uhitamwo kwiga. Igihambaye si igihe wigirako, umwanya umara uriko uriyigisha, canke ivyo wiyigisha, ahubwo igihambaye ni ukwiyigisha buri ndwi.

Nitwiyigisha buri ndwi bizotugirira akamaro. Bizotuma ubucuti dufitaniye na Yehova burushiriza gukomera, twige gufata ingingo nziza mu buzima bwacu kandi bizodukomeza.—Yos. 1:8

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika