ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/4 rup. 4-7
  • Kwiga Bibiliya birashoboka kuri bose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwiga Bibiliya birashoboka kuri bose
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INYISHU Z’IBIBAZO BIKUNZE KUBAZWA KU BIJANYE N’IGIKORWA CACU CO KWIGISHA BIBILIYA
  • Ivyigwa mutanga vya Bibiliya bigirwa gute?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Twokura he inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima?
    Twokura he inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima?
  • Nokora iki kugira ngo mpimbarwe no kwiga Bibiliya?
    Be maso!—2012
  • Ivyo wize vyoba vyarakuryoheye?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Raba ico Bibiliya ibivugako
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/4 rup. 4-7
Kwiga Bibiliya

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | WOSHIMA KWIGA BIBILIYA ?

Kwiga bibiliya birashoboka kuri bose

Abantu benshi barazi ko Ivyabona vya Yehova bamamaza inkuru nziza. Ariko wari uzi ko banafasha abantu kwiga Bibiliya?

Umugabo ariko yigira Bibiliya ku kazi

Mu 2014, Ivyabona vya Yehova barenga 8.000.000 bo mu bihugu 240 barigishije Bibiliya abantu hafi 9.500.000 ku kwezi ku kwezi.a Abo twigisha Bibiliya bararuta abanyagihugu bo mu bihugu nka 140 dufashe igihugu kimwekimwe ukwaco.

Kugira ngo Ivyabona vya Yehova barangure ico gikorwa, barasohora amabibiliya, ibitabu, ibinyamakuru n’ibindi bifasha abantu kwiga Bibiliya bishika hafi umuliyaridi umwe n’inusu, mu ndimi nka 700! Ico gikorwa c’akataraboneka co gusohora ivyo bitabu, gituma abantu bashobora kwiga Bibiliya mu rurimi bipfuza.

“Kw’ishure sinigeze nkunda kwiga, ariko kwiga bibiliya vyarandyoheye. vyongeye, ivyo nize vyarandemesheje cane!”​—katlego wo muri afrika y’epfo.

“Nararonse inyishu z’ibibazo vyanje vyose n’iz’ibindi bibazo vyinshi.”​—Bertha wo muri Megizike.

“Uwanyigisha Bibiliya yansanga i muhira, ku mwanya unyorohereza. Iyumvire nawe ico kintu!”​—Eziquiel wo muri Brezile.

“Rimwe na rimwe ivyigwa vyamara iminota iri hagati ya 15 na 30, ahandi na ho bikarenza 30 bivanye n’umwanya naba mfise.”​—Viniana wo muri Ostraliya.

“Ivyo vyigwa vyatangwa ku buntu. Vyari bitangaje cane!”​—Aimé wo muri Bénin.

“Uwanyigisha Bibiliya yari umuntu yihangana kandi w’umutima mwiza. Twahavuye tuba abagenzi.”​—Karen wo muri Irlande ya Ruguru.

“Abantu benshi bariga Bibiliya kandi ntibabe Ivyabona vya Yehova.”​—Denton wo mu Bwongereza.

INYISHU Z’IBIBAZO BIKUNZE KUBAZWA KU BIJANYE N’IGIKORWA CACU CO KWIGISHA BIBILIYA

Mwigisha abantu gute?

Turafata iciyumviro kanaka kijanye na Bibiliya, tugaca dusuzuma imirongo yo muri Bibiliya ijanye na co. Nk’akarorero, Bibiliya irishura ibibazo nk’ibi: Imana ni nde? Imeze gute? Yoba ifise izina? Iba he? Twoba dushobora kuyiyegereza? Ikigoye ni ukumenya aho uronderera inyishu muri Bibiliya.

Kugira dufashe abantu kuronka inyishu, dukunze gukoresha igitabu c’impapuro 224 citwa Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?b Ico gitabu kigenewe canecane gufasha abantu gutahura inyigisho z’ishimikiro za Bibiliya. Kirimwo ibigabane vyerekeye Imana, Yezu Kristu, imibabaro ishikira abantu, izuka, isengesho n’ibindi vyinshi.

Inyigisho igirirwa hehe kandi ryari?

Ushobora kwiga Bibiliya mu kibanza wipfuza no mu mwanya ukworohereza.

Ivyigwa bimara umwanya ungana gute?

Benshi barategekanya nk’isaha imwe buri ndwi kugira bige Bibiliya. Ariko umwanya urashobora guhinduka bivanye n’umuntu. Twisunga umwanya wawe. Hari abiga nk’iminota 10 canke 15 gusa buri ndwi.

Ivyigwa bisaba amahera angahe?

Ivyigwa ubwavyo hamwe n’ibitabu bikoreshwa, bitangwa ku buntu. Nakare Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Mwahawe ku buntu, mutange ku buntu.”​—Matayo 10:8.

Bimara igihe kingana gute?

Bikuvako. Igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? kigizwe n’ivyigwa 19. Urashobora guhitamwo kuvyiga vyose canke bimwebimwe gusa, kandi umwanya icigwa comara wovana n’ukuntu ivyawe vyifashe.

Nzoca mba Icabona ca Yehova?

Si ngombwa. Turubahiriza uburenganzira umuntu afise bwo kwihitiramwo ivyo yemera. Yamara rero, umuntu amaze kumenya ibintu vy’ishimikiro Bibiliya yigisha, yoshobora guca yifatira ingingo.

Nokura he ayandi makuru?

Umuhora wa internet jw.org uriko amakuru y’ukuri yerekeye ivyo Ivyabona vya Yehova bakora be n’ivyo bemera.

Nosaba gute kwiga Bibiliya?

  • Abantu bariko barakoresha uburyo butandukanye bwo gusaba kwiga Bibiliya: biciye kuri internet, mu kwandika ikete, no mu guterefona bakoresheje inomero baronse mu gitabu c’inimero za telefone

    Urashobora kubisaba biciye kuri internet kuri www.pr418.com.

  • Urashobora kwandikira Ivyabona vya Yehova ukoresheje aderese iri ku rupapuro rwa kabiri rw’iki kinyamakuru.

  • Urashobora kurondera Ivyabona vya Yehova bari hafi y’aho uba. Ushaka inomero zabo za telefone, woraba mu gitabu kirimwo urutonde rw’amatelefone yo mu gihugu iwanyu, ukarondera ahanditse ngo “Ivyabona vya Yehova.”

a Kenshi twigisha Bibiliya umuntu umwumwe ukwiwe canke imigwi mitomito.

b Casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Haramaze gucapurwa amakopi yaco arenga imiliyoni 230 mu ndimi zirenga 260.

BIRAFASHA IMIRYANGO

Eziquiel

“Igihe umukenyezi wanje yatangura kwiga Bibiliya, yaragize amahinduka akomeye. Umubano wacu wararushirije kumera neza. Kubera ko nashaka kumenya ivyo yariko ariga, nanje naciye ntangura kwiga. Ivyo nize vyatumye mba umuntu mwiza. Kwiga Bibiliya vyatumye urugo rwacu rukomera.”​—Eziquiel.

Karen

“Maze gutangura kwiga Bibiliya, narahevye kunywa ibiyayuramutwe, ndaheba inzoga zirenze urugero, ndiga no gucungera ishavu. Iwanje hasigaye hari isuku n’urutonde. Nditwararika cane umuryango wanje kandi ndahimbarwa no kubakorera ibintu bituma baryoherwa. Ndahimbawe cane ntiworaba!”​—Karen.

Viniana

“Abantu bamwebamwe barantyekeje kubera ko nariko ndiga Bibiliya. Ariko umugabo wanje yaranshigikiye ambwira ati: ‘Nibavuge ivyo bashaka. Igihambaye kuri jewe ni uko mbona uriko uraba umuntu mwiza. Komera kw’ibanga.’ Umubano wacu ntiwari bwigere umera neza ukuraho!”​—Viniana.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika