ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwfq ikiganiro 15
  • Ivyigwa mutanga vya Bibiliya bigirwa gute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyigwa mutanga vya Bibiliya bigirwa gute?
  • Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyo vyigwa bigirwa gute?
  • Ivyo vyigwa vyoba bisaba amahera?
  • Icigwa kimara umwanya ungana gute?
  • Nobigenza gute kugira ntangure kwiga?
  • Vyoba vyokunda ko niga ivyigwa bikeyi kugira ndabe ko nobishima?
  • Nemeye kwiga Bibiliya, boba bazoca bampata ngo mbe Icabona ca Yehova?
  • Noba nokoresha Bibiliya yanje?
  • Noba notumira abandi ngo baze kwifatanya nanje ndiko ndiga Bibiliya?
  • Bite ho hamwe noba narigeze kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova muri kahise? Noba nosubira kwiga?
  • Vyoba bikunda ko umuntu yiga Bibiliya ari wenyene?
  • Kwiga Bibiliya birashoboka kuri bose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyo wize vyoba vyarakuryoheye?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Raba ico Bibiliya ibivugako
  • Ukuntu twokoresha amavidewo afasha abantu kwiga Bibiliya
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Woba ushaka kumenya vyinshi ku vyerekeye Bibiliya?
    Woba ushaka kumenya vyinshi ku vyerekeye Bibiliya?
Ibindi
Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
ijwfq ikiganiro 15
Icabona ca Yehova ariko yigisha umuntu Bibiliya akoresheje agatabu “Urashobora kwiberaho ibihe bidahera.”

Ivyigwa mutanga vya Bibiliya bigirwa gute?

Ivyabona vya Yehova barashiraho uburyo bwiza bwogufasha kumenya ivyo Bibiliya yigisha. Ivyigwa vya Bibiliya dutanga birashobora kugufasha:

  • Kugira ubuzima buhimbaye

  • Kuba umugenzi w’Imana

  • Kumenya ivyo Bibiliya isezerana muri kazoza

Aha munsi urahasanga inyishu z’ibi bibazo:

  • Ivyo vyigwa bigirwa gute?

  • Ivyo vyigwa vyoba bisaba amahera?

  • Icigwa kimara umwanya ungana gute?

  • Nobigenza gute kugira ntangure kwiga?

  • Vyoba vyokunda ko niga ivyigwa bikeyi kugira ndabe ko nobishima?

  • Nemeye kwiga Bibiliya, boba bazoca bampata ngo mbe Icabona ca Yehova?

  • Noba nokoresha Bibiliya yanje?

  • Noba notumira abandi ngo baze kwifatanya nanje ndiko ndiga Bibiliya?

  • Bite ho hamwe noba narigeze kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova muri kahise? Noba nosubira kwiga?

  • Vyoba bikunda ko umuntu yiga Bibiliya ari wenyene?

Ivyo vyigwa bigirwa gute?

Uwukwigisha azogufasha gutahura neza Bibiliya uko muzogenda murarimbura iciyumviro kimwekimwe. Ukoresheje igitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera uzogenda uramenya ivyo Bibiliya yigisha hamwe n’ukuntu bishobora kugufasha. Kugira umenye n’ibindi nurabe iyi videwo.

Ivyo vyigwa vyoba bisaba amahera?

Oya. Dukurikiza ivyo Yezu yabwiye abigishwa biwe. Yababwiye ati: “Mwahawe ku buntu, mutange ku buntu.” (Matayo 10:8) Abazokwigisha Bibiliya ntibahembwa kandi nta mahera bazogusaba kugira baguhe Bibiliya canke igitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera.

Icigwa kimara umwanya ungana gute?

Ivyo vyigwa vyose ni 60. Ni we wihitiramwo ukuntu ivyo mwokwiga bizoba bingana, ariko abenshi bashima kwiga icigwa kimwe canke birenga mu ndwi.

Nobigenza gute kugira ntangure kwiga?

  1. 1. Niwuzuze kuri internet ahagenewe gusaba kwigishwa Bibiliya. Amakuru akwerekeye uzorungika tuzoyakoresha gusa mu kurondera uwogufasha.

  2. 2. Uwuzokwigisha azokurondera. Azogusigurira ingene ivyo vyigwa bigenda kandi akwishure ibibazo vyose woba ufise.

  3. 3. Murashobora kwivuganira n’uwukwigisha Bibiliya ingene mwokwiga. Murashobora kwiga muri kumwe canke mukoresheje telefone. Murashobora gukoresha ubundi buhinga bwa none mukayaga mubonana canke mukandikiranira kuri email. Mu bisanzwe, ivyigwa bimara nk’isaha ariko irashobora kudashika canke ikarenga bivanye nawe.

Vyoba vyokunda ko niga ivyigwa bikeyi kugira ndabe ko nobishima?

Egome. Kugira bishoboke, niwuzuze kuri internet ahagenewe gusaba kwigishwa Bibiliya. Uvuganye n’uwuzokwigisha Bibiliya, numubwire ko wipfuza kubanza kwiga bikeyi kugira urabe ko bizokuryohera. Azoca akoresha agatabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera karimwo ivyigwa bitatu vy’intango kugira urabe nimba bizokuryohera.

Ibikoresho dukoresha mu kwigisha Bibiliya harimwo “Urashobora kwiberaho ibihe bidahera” na “Bibiliya y’isi nshasha.”

Nemeye kwiga Bibiliya, boba bazoca bampata ngo mbe Icabona ca Yehova?

Oya. Twebwe Ivyabona vya Yehova turakunda kubwira abantu ivyerekeye Bibiliya. Ariko ntitwigera tubahata ngo baze mw’idini ryacu, ahubwo turabwira abandi ivyo Bibiliya yigisha tubigiranye icubahiro tuzi yuko umuntu wese afise uburenganzira bwo kwihitiramwo ivyo yokwemera.​—1 Petero 3:15.

Noba nokoresha Bibiliya yanje?

Ego, urashobora gukoresha Bibiliya yose wipfuza. Turakunda gukoresha Bibiliya y’isi nshasha kubera ko ihinduye mu buryo butarimwo amakosa kandi ikaba yoroshe gutahura. Naho ari ukwo turatahura ko abantu bashima gukoresha Bibiliya bamenyereye.

Noba notumira abandi ngo baze kwifatanya nanje ndiko ndiga Bibiliya?

Egome. Urashobora gutumira umuryango wawe wose canke abagenzi bawe.

Bite ho hamwe noba narigeze kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova muri kahise? Noba nosubira kwiga?

Mu bisanzwe, igitabu dukoresha ubu mu kwiga kirashobora kukuryohera kuruta ivyo twakoresha kubera ko cashizwe ku gihe kugira kirushirize gufasha abantu muri iki gihe. Kirimwo amafoto n’amavidewo agufasha kwiga kandi gitunganijwe mu buryo butuma ugira uruhara muri ico kiyago kuruta uko vyahora.

Vyoba bikunda ko umuntu yiga Bibiliya ari wenyene?

Ego. Naho abenshi biga neza bari kumwe n’uwubigisha, hari abashima kubanza kwiga bari bo nyene. Ku rubuga rwacu rwa internet, mu gice kivuga ngo “Ibintu bifasha kwiga Bibiliya,” urahasanga ibintu vyinshi bigufasha kwiga Bibiliya. Ng’ibi ivyoshobora kugufasha:

  • Ivyigwa bishingiye kuri videwo. Utwo tuvidewo dutoduto turasigura inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya. Ivyo biganiro biratanga inyishu z’ibibazo bitandukanye bishingiye kuri Bibiliya.

  • Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya. Urahasanga insobanuro y’amajambo n’imirongo yo muri Bibiliya abantu benshi bazi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika