Urutonde rw’ibikorwa vyo mu muryango—Inyigisho y’umuryango
1 Ingabirano ihambaye kuruta izindi mwebwe abavyeyi bakirisu mushobora guhako abana banyu, ni urukundo mufitiye Yehova. Igihe gihambaye ivyo bishobora kugirirwamwo ni “iyo mwicaye mu nzu”, muri mu nyigisho ya Bibiliya y’umuryango ya buri mushamvu (Gus. 6:5-7). Waba wubakanye n’uwizera, uri mu rugo mwese mudasangiye idini canke ukaba wireranye abana, urashobora gufasha abana bawe kukwiyegereza no kwiyegereza Yehova, biciye ku kugira inyigisho y’umuryango idahorereza.
2 Ingene mwobitangura: Intambwe ya mbere ni ugushiraho akamenyero ko kwigira hamwe mu muryango. Nimba mutazi neza igihe mwogirira iyo nyigisho, mubona gute mubiyaze mu muryango (Imig. 15:22)? Nimba mufise abana bakiri bato cane, kumbure wohitamwo kuza muriga kenshi mu ndwi, akanya gatogato. Nimurabe ikibereye urugo rwanyu. Nimushinge umwanya ntabanduka wo kugirirako inyigisho y’umuryango wanyu, kandi mwiyemeze kuwubahiriza.
3 None mwokwiga ibiki? Hari abategura icigwa kizorimburwa mu Nyigisho y’igitabu y’ishengero ikurikira canke mu Nyigisho y’Umunara w’Inderetsi ikurikira. Abandi na bo barimbura amayagwa yagenewe canecane urwaruka. Se w’umukobwa umwe n’umuhungu umwe yavuze ati: “Ikintu kimwe gituma ku bana inyigisho yacu iba ikintu gihambaye mu bigirwa mu mushamvu, ni uko dukina udukino dukuye mu Gitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya. Ukuntu bibakora ku mutima be n’ukuntu babitahura cane ni vyo bihambaye kuruta igitigiri c’ingingo duhetura”.
4 Nimwige buri mushamvu: Inyigisho y’umuryango ikwiye kugirwa ubudahorereza kandi abagize umuryango bose bakama bayirindirana igishika. Igihe hashitse ibintu bitari vyitezwe, murashobora guhindura umusi n’isaha iyo nyigisho iberako. Birashobora kandi gushika bigakenerwa ko amayagwa mwari kurimbura ahindurwa. Ariko rero, igihe cose hari igikeneye guhindurwa, ntibikwiye gutuma mumara igihe kirekire mwataye urutonde rwari rwarashingiwe inyigisho y’umuryango. Mu rugo rumwe, umukobwa waho avuga ati: “Igihe isaha dusanzwe tugirirako inyigisho yaba ihindutse, Dawe yama nantaryo amanika ku muryango wa firigo [ahantu bose bashobora kubona] isaha nshasha iberako inyigisho, kugira ngo tumenye igihe izoberako”. Ese ingene abagira utwigoro nk’utwo two kudahorereza mu nyigisho y’umuryango bakwiye gushimwa! Uko ubandanya kurera abana bawe ‘ubahana, ubahanura nk’uko Umwami wacu agomba’, uba uriko ugaragaza ko ubakunda be n’uko ukunda Dawe wa twese wo mw’ijuru.—Ef. 6:4.