Inyishu ku bibazo vyanyu
◼ Inyigisho ya Bibiliya y’umuryango yoba ikwiye gushirwa kuri raporo itangwa mw’ishengero?
Mu gihe umuvyeyi w’umukirisu arongora inyigisho ya Bibiliya y’umuryango hakaba harimwo abana batarabatizwa, uwo muvyeyi arashobora gushira muri raporo yiwe isaha imwe itarenga ku ndwi, isubirayo rimwe ku ndwi be n’inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana imwe ku kwezi. Ivyo ni ko bigenda no mu gihe iyo nyigisho imara umwanya urenga isaha imwe, ikarongorwa incuro zirenga imwe ku ndwi, canke mu gihe iyo nyigisho igiriwe abana umwe wese ukwiwe.—Raba igitabu Ubusuku Bwacu, rup. 106.
Nimba abo mu rugo bose ari Ivyabona babatijwe, ico gihe waba umwanya iyo nyigisho imara canke iyo nyigisho ubwayo ntibishirwa kuri raporo y’umurimo wo mu ndimiro (kiretse harimwo umwana akibandanya kwiga igitabu kigira kabiri inyuma y’ukubatizwa). Ivyo ni ko biri kubera yuko raporo y’umurimo wo mu ndimiro y’ishengero yerekana ahanini ibiriko birarangurwa mu bijanye no kubwira inkuru nziza no mu kwigisha ukuri kwa Bibiliya abatari abasavyi ba Yehova biyeguye bakabatizwa (Mat. 24:14; 28:19, 20). Ariko rero, ivyo ntibigabanya na gato akamaro ko kurongora mwene iyo nyigisho ubudahorereza.
Abavyeyi bakirisu ni bo bajejwe ibanga ryo kwigana n’abana babo. Abakeneye gusahirizwa mu vyo gutanguza canke kuryohora inyigisho y’umuryango boshobora gusaba imfashanyo abakurambere. Nimba ukuntu ibintu vyifashe bigaragaza ko vyoba vyiza uwundi mwamamaji agiriye inyigisho ya Bibiliya umwana w’umuhungu canke w’umukobwa atarabatizwa wo mu muryango w’abakirisu wifatanya n’ishengero, umucungezi muhagarikizi canke umucungezi w’umurimo akwiye kugishwa inama. Nimba vyemejwe ko iyo nyigisho irongorwa, uwujejwe kuyirongora yoyishira kuri raporo yiwe nk’uko nyene abigira no ku zindi nyigisho za Bibiliya.
Kumenyereza abana mu nzira za Yehova, bisaba umwanya n’akigoro biruta kure n’iyo ibiboneka kuri raporo y’umurimo wo mu ndimiro (Gus. 6:6-9; Imig. 22:6). Abavyeyi bakirisu barakwiriye gukezwa ku bw’ibanga riremereye bikoreye ryo kurera abana babo ‘babahana babahanura, uko Yehova agomba’.—Ef. 6:4.