Ntiwizitire—Nuvyifatemwo neza igihe ufise vyinshi ukora
1. Kubera iki bamwebamwe bagonanwa gutanguza inyigisho ya Bibiliya?
1 Hari abagonanwa gutanguza inyigisho ya Bibiliya kubera ko bafise vyinshi bakora. Kwitwararika umutohoji wa Bibiliya bisaba umwanya. Umuntu arakenera umwanya wo kwitegurira iyo nyigisho, kuyiyobora no gufasha umutohoji gutsinda intambamyi aba afise. Intumwa Paulo yavuze ko yatanze ubuzima bwiwe kugira afashe Abatesalonika kumenya Yehova. (1 Tes. 2:7, 8) Dushobora gute none kuyobora inyigisho ya Bibiliya naho twoba dufise vyinshi dukora?
2. Ni gute urukundo dukunda Yehova rugira ico rukoze ku kuntu dukoresha umwanya wacu?
2 Gusukurira Yehova bisaba umwanya: Tubivuze ukwo biri koko, gusukurira Yehova bisaba umwanya. Nk’akarorero, twama dufata umwanya wo kwitaba amakoraniro, uwo kuja mu busuku, uwo gusoma Bibiliya n’uwo gutura isengesho. Umuntu yubatse arahimbarwa no kurondera umwanya wo kuba ari kumwe n’uwo bubakanye. Ese ukuntu dukwiye kurushiriza guhimbarwa no ‘kwicungurira’ umwanya wo gusenga Yehova kubera ko tumukunda! (Ef. 5:15-17; 1 Yoh. 5:3) Nk’uko Yezu yavyerekanye, umuce uhambaye wo gusukurira Imana ni mu guhindura abantu abigishwa. (Mat. 28:19, 20) Kuzirikana kuri ico kintu bizodufasha kutanka ibanga ryo kuyobora inyigisho ya Bibiliya.
3. Dushobora gute kwitwararika inyigisho ya Bibiliya no mu gihe hari ibintu bihungabanya urutonde rwacu rwo kuja mu busuku?
3 Bite ho igihe urutonde rwacu ruhungabanywa n’akazi, indwara idakira turwaye canke ayandi mabanga ya gitewokarasi dufise? Abamamaji bamwebamwe bishika bikaba ngombwa ko rimwe na rimwe bamara igihe atari ho bari, barayobora inyigisho zabo za Bibiliya bakoresheje telefone canke bakoresheje ubuhinga bwo kuri orodinateri. Abo urutonde rwabo ruhungabanywa n’ukuba barwaye indwara idakira baratunganije ivy’uko umutohoji wa Bibiliya abasanga i muhira iwabo kugira bige. Hari abatunganije ivy’uko hagira uwundi mwamamaji ayobora inyigisho mu gishingo cabo igihe bataronse akanya ko kuyiyoborera.
4. Ni imihezagiro iyihe iva ku kugira uruhara mu gikorwa co kwigisha abantu Bibiliya?
4 Paulo yaragize umunezero mwinshi kubera ko yatanze umwanya wiwe n’inguvu ziwe mu gufasha abandi kumenya ukuri. (Ivyak. 20:35) Igihe yazirikana abantu bose yafashije i Tesalonika, yarumvise avyuriwe umutima wo gushimira Yehova. (1 Tes. 1:2) Umunezero tugira mu busuku no kwumva dushize akanyota birashobora kwongerekana igihe tutaretse ngo ukuba dufise vyinshi dukora bitubuze kugira uruhara mu gikorwa co kwigisha abantu Bibiliya.