Ntukareke kubikora!
1. Ni mu buryo ubuhe ‘tutareka kugira ivyiza’?
1 Igihe tugira uruhara n’umwete mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, tuba twerekanye ko ‘tutareka kugirira ivyiza’ abari mu vyibare twakebewe (Imig. 3:27). Nta butumwa twobwira abantu bwoza buruta ubwerekeye ibihe vyiza utoraba vyimirije kuzoza mu gihe c’ubutegetsi bw’Imana. Naho woba ugira uruhara cane mu kubwira abandi icizigiro c’Ubwami ufise, igihe ushinga intahe akaryo kizanye canke igihe ushikiriza abantu ibitabu, ni kubera iki utokwishingira umugambi wo kurongora inyigisho ya Bibiliya nimba ata yo urongora?
2. Ni ibiki vyotuma tureka gutanguza inyigisho ya Bibiliya?
2 Rimwe na rimwe, imwe mu ntambamyi zikomeye cane zituma tutarongora inyigisho ya Bibiliya, ni ukuntu twiyumva ku bijanye n’ico kintu. Bamwebamwe barareka kurongora inyigisho ya Bibiliya kubera ko bikengera canke kubera ko baguma birukanga muri twinshi. Inama zikurikira zoshobora kukubera ngirakamaro kugira ngo ntureke kugira uruhara mu gikorwa co kurongora inyigisho za Bibiliya.—Mat. 28:19; Ibik. 20:20.
3. Ni kubera iki turi abashoboye kwigisha Bibiliya?
3 Kwikengera: Kumbure wize udushure dukeya canke, kubera izindi mvo, urumva ko utoshobora kurongora inyigisho ya Bibiliya. Abasuku kirumara bo mu kinjana ca mbere, ntibari ‘barize kandi bari abantu basanzwe’. Ni igiki cabafashije kwigisha abandi ukuri? “Bahoranye na Yezu” (Ibik. 4:13). Barigiye kuri wa Mwigisha Ahambaye Yezu, ivyo yigisha be n’uburyo yavyigisha na vyo bikaba vyarazigamwe mu Vyanditswe ku bwacu. Naho woba wize amashure make, uriko uraronka inyigisho yo mu vy’impwemu ihambaye kuruta izindi zose.—Yes. 50:4; 2 Kor. 3:5.
4. Ni igiki dushobora kwigira ku karorero ka Amosi?
4 Rimwe na rimwe, Yehova yarakoresheje abahanuzi kugira ngo akosore abategetsi be n’abandi bantu bahambaye baba bakoze amakosa. Bamwe muri abo bahanuzi, nka Amosi, bari banyarucari. Amosi yiyemereye ibi: “Sinigeze kuba ūvugishwa n’Imana, canke ngo mbe umwigishwa w’uwo yavugisha, ariko nari nibereye umwungere, nkaba n’umurimyi w’ibiti vy’imisukomora” (Am. 7:14). Naho ari ukwo, Amosi ntiyaretse gushikiriza ubutumwa bwa Yehova bwerekeye urubanza yaciriye umuherezi Amaziya yasenga inyana (Am. 7:16, 17). Dutegerezwa kwama twibuka ko turiko turarangura igikorwa c’Imana be n’uko izotuma tuba abashoboye koko kurangura ico gikorwa yadushinze.—2 Tim. 3:17.
5. Ni kubera iki dukwiye kwihatira gutanguza inyigisho ya Bibiliya naho twoba dufise vyinshi dukora?
5 Kugira ibikorwa vyinshi: Naho nyene woba ufise ibikorwa vyinshi ukora, nta nkeka ko umaze gutegekanya umwanya wo kugira uruhara mu busuku udahorereza. Kurongora inyigisho ya Bibiliya birashobora kuba umwe mu mice ihimbaye cane y’ubwo busuku. Ni agateka kadasanzwe kwibonera ingene Ijambo rya Yehova ririko rirakora mu buzima bw’umuntu (Heb. 4:12). Yehova arahimbarwa igihe twitanga kugira ngo dufashe umuntu “[gushika] ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri” (1 Tim. 2:4). Mbere n’abamarayika baragira umunezero igihe hari umuntu yigaye agaheba ingendo yahoramwo maze agatera imbere mu vy’impwemu.—Luka 15:10.
6. Ni agateka akahe dufise mu vyo gushitsa ukugomba kw’Imana?
6 Imana “[i]gomba ko abantu b’uburyo bwose bakizwa bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri” (1 Tim. 2:4). Ese ukuntu twatewe agateka kadasanzwe ko gukora duhuza n’ukugomba kw’Imana, tutareka kurongora inyigisho za Bibiliya!