ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/11 rup. 10-14
  • Tuvuge Ijambo ry’Imana dushize amanga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tuvuge Ijambo ry’Imana dushize amanga
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘Genda ubabarire’
  • Barenga ku Vyagezwe vy’Imana
  • Ingene twokwigana Amosi
  • Guhangana n’uruhamo nk’uko Amosi yabigize
  • Abaturwanya ntibashobora guhagarika igikorwa cacu co kwamamaza
  • Mufatire akarorero ku bahanuzi—Amosi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Urubanza rwa Yehova ruzoshika ku banyakibi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yoweli n’ica Amosi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Rondera Yehova, we Musuzumyi w’imitima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/11 rup. 10-14

Tuvuge Ijambo ry’Imana dushize amanga

“Genda ubarire abantu banje”.—AMOSI 7:15.

1, 2. Amosi yari nde, kandi Bibiliya ihishura iki ku bimwerekeye?

IGIHE umusavyi wa Yehova umwe yari mu busuku, yarahanganye n’umuherezi. Uwo muherezi yasemereye ati: ‘Ntusubire kwamamaza! Va ngaha!’. None uwo musavyi wa Yehova yakoze iki? Yoba yaremeye ivyo yari asabwe, canke yoba yarabandanije kuvuga Ijambo ry’Imana ashize amanga? Urashobora kubimenya kubera ko uwo musavyi wa Yehova ivyamushikiye yavyanditse mu gitabu citirirwa izina ryiwe. Ni igitabu ca Bibiliya citwa Amosi. Mugabo, imbere y’uko tumenya ibindi vyabaye igihe Amosi yahura n’uwo muherezi, reka tubanze turimbure amakuru amwamwe yerekeye ubuzima bwa Amosi.

2 Amosi yari nde? Yabayeho ryari kandi yaba hehe? Inyishu z’ivyo bibazo tuzisanga muri Amosi 1:1, aho dusoma duti: “Amajambo ya Amosi wo mu bungere b’i Tekowa, . . . ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda, no ku ngoma ya Yerobowamu mwene Yehowasi, umwami w’Abisirayeli”. Amosi yaba i Buyuda. Yaturuka mu gisagara ca Tekowa, ku bilometero 16 mu Bumanuko bwa Yeruzalemu. Yabayeho mu mpera z’ikinjana c’icenda B.G.C., igihe Umwami Uziya yaganza mu Buyuda, Umwami Yerobowamu wa kabiri na we akaganza bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi. Amosi yari umworozi w’intama. Kukaba nkako, muri Amosi 7:14 havuga yuko atari gusa “umwungere”, mugabo kandi ko yari n’“umurimyi w’ibiti vy’imisukomora”. Ni co gituma mu mwaka, yamara igihe akora igikorwa c’iyimbura. Yakora akazi ko guhonyōrera canke gututurira imizabibu. Ivyo vyakorwa kugira ngo imizabibu inyaruke kwera. Cari igikorwa kiruhisha.

‘Genda ubabarire’

3. Kumenya ivyerekeye Amosi bidufasha gute mu gihe twiyumvamwo ko tudashoboye kwamamaza?

3 Amosi yavuze atarya umunwa ati: “Sinigeze kuba ūvugishwa n’Imana, canke ngo mbe umwigishwa w’uwo yavugisha” (Amosi 7:14). Ntiyari umwana w’uwuvugishwa n’Imana canke ngo abe umuntu yamenyerejwe ivyo kuba uwuvugishwa n’Imana. Ariko rero, mu bantu bose baba mu Buyuda, Yehova yatoye Amosi kugira ngo abe ari we akora igikorwa ciwe. Ico gihe, Imana ntiyahisemwo umwami akomeye canke umuherezi yize cane, canke umutware w’umutunzi. Ivyo biraduha icigwa kidusubiriza umutima mu nda. Dushobora kuba turi abantu babayabaye mu kibano canke batize cane. Ariko none, ivyo vyoba bikwiye gutuma twumva ko tudashoboye kwamamaza ijambo ry’Imana? Habe n’intete! Yehova arashobora kuturonsa ivyangombwa bituma dutangaza ubutumwa bwiwe, naho twoba dukorera mu vyibare bitoroshe. Kubera ko ivyo nyene ari vyo Yehova yakoreye Amosi, abo bose bipfuza kuvuga ijambo ry’Imana bashize amanga baragira ico bigiye ku kurimbura akarorero katanzwe n’uwo mumenyeshakazoza w’umutima rugabo.

4. Ni kubera iki bitari vyoroshe kuri Amosi kuvugishwa n’Imana muri Isirayeli?

4 Yehova yategetse Amosi ati: “Genda ubarire abantu banje b’Abisirayeli” (Amosi 7:15). Ico gikorwa nticari coroshe. Ico gihe, bwa bwami bwa Isirayeli bugizwe n’imiryango cumi, bwari mu mahoro n’umutekano, kandi bwari butunganiwe. Benshi bari bafise ‘amazu yo kubamwo mu gihe c’imbeho’ hamwe ‘n’ayo kubamwo mu gihe c’ubushuhe’, akaba atari yubakishijwe amatafari y’ivyondo asanzwe, mugabo yari yubakishijwe “amabuye abajwe”. Bamwebamwe bari batunze ibikoresho vyo mu nzu vyizavyiza bihometsweko amahembe y’inzovu, bakanywa n’umuvinyu waganywe mu nzabibu zo mu “mirima myiza y’imizabibu” (Amosi 3:15; 5:11). Ivyo vyatuma abantu benshi bigira ba sindabibazwa. Emwe, icibare Amosi yari yahawe gukoreramwo gishobora kuba casa n’ivyibare bamwebamwe muri twebwe baranguriramwo ubusuku bwabo muri iki gihe.

5. Ni ibintu vy’akarenganyo ibihe vyariko bikorwa n’Abisirayeli bamwebamwe?

5 Kuba Abisirayeli bari batunze ntivyari bibi. Ariko rero, Abisirayeli bamwebamwe bariko birundaniriza ubutunzi biciye mu bugunge. Abatunzi “bahahaza abagorwa” bagatako “[ba]kavungavunga abakene” (Amosi 4:1). Abadandaza bakomeye, abacamanza be n’abaherezi bunga imigambi yo kunyaga abakene. Ubu na ho, nimuze dusubire inyuma muri kahise maze twihweze ivyo abo bantu bariko barakora.

Barenga ku Vyagezwe vy’Imana

6. Abisirayeli barya imitsi abandi gute?

6 Tubanze tuje kw’isoko. Ng’aho abadandaza b’ingunge ‘baratuvya ingero yitwa efa’ bakongera ‘bakagwiza shekeli’, eka mbere bakagurisha “ibihumbga” ngo ni ingano (Amosi 8:5, 6). Abo badandaza barasondeka abaguzi mu vyo bagurisha ntibabahe ibikwiye, bakabazimba, kandi ibidandazwa ntivyari bimeze neza. Abo badandaza bamaze kurya imitsi abakene gushika n’aho basigara ari ba ntahonikora, abo bakene baca bitanga ngo bagurwe babe abaja. Ubukurikira, abo badandaza baca babagura ‘ku kiguzi c’inkweto’ (Amosi 8:6). Umve ntuze! Abo badandaza b’abanyamwina babona ko Abisirayeli bagenzi babo bafise igiciro kingana n’ic’inkweto! Ese ukuntu bashira hasi abakene mu buryo buvuna umutima, kandi ese ukuntu barenga ku Vyagezwe vy’Imana mu buryo bukomeye! Yamara, abo badandaza nyene wasanga bubahiriza “isabato” (Amosi 8:5). Ego cane, inyuma basa n’abakunda ivy’Imana, na ho ashwi.

7. Ni igiki catumye abadandaza b’Abisirayeli bashobora kurenga ku Vyagezwe vy’Imana?

7 None vyashoboka bite ngo abo badandaza ntibahanirwe ukurenga Icagezwe c’Imana kivuga ngo: “Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda” (Abalewi 19:18)? Abo badandaza ntibahanwa kubera ko abari bakwiye gutuma Ivyagezwe bikurikizwa, ari bo bacamanza, bafatanya na bo muri ubwo bubisha. Kw’irembo ry’igisagara, aho na ho hakaba ari ho bacira imanza, abacamanza ‘bararya ingurire bakazibiranya abakene mu manza’. Aho gukingira abakene, abacamanza barabarenganya kubera baba bariye igiturire (Amosi 5:10, 12). Rero abacamanza na bo nyene barirengagiza Ivyagezwe vy’Imana.

8. Abaherezi b’ababisha bariko barenza uruho rw’amazi ku nyifato iyihe?

8 None muri ico gihe nyene, abaherezi bo muri Isirayeli bariko bamara iki? Kugira ngo tubimenye, dutegerezwa guhindukiriza ivyiyumviro ku kindi kibanza. Ehe raba ivyaha abaherezi bareka bigakorerwa “mu ngoro y’[i]mana [z]abo”! Imana ibicishije kuri Amosi, yavuze iti: “Umwana na se binjirana umwigeme umwe, bagatukisha izina ryanje ryera” (Amosi 2:7, 8). Umve ntuze ivyo bintu! Umugabo w’Umwisirayeli hamwe n’umuhungu wiwe bahurira ku maraya imwe yo mu rusengero bagasambana na yo. Kandi abo baherezi b’ababisha bararenza uruho rw’amazi kuri ubwo busambanyi!—Abalewi 19:29; Gusubira mu vyagezwe 5:18; 23:17.

9, 10. Abisirayeli bagirwa n’ukuhe kurenga Ivyagezwe vy’Imana, kandi ivyo bishobora kugereranywa n’iki muri iki gihe cacu?

9 Mu kwerekeza ku yindi nyifato irangwa icaha, Yehova yavuze ati: “Bīryāmira i ruhande y’igicaniro cose ku mpuzu z’inkizurano, kandi mu ngoro y’[i]mana [z]abo bakahanywera vino baciriye abantu kw iciru” (Amosi 2:8). Ego cane, abaherezi n’abanyagihugu muri rusangi, na bo nyene barirengagiza icagezwe canditswe muri Kuvayo 22:26, 27, kivuga ko impuzu yafashweko ingwati itegerezwa gusubizwa izuba ritararenga. Aho kubigira gutyo, bayikoresha nk’ubureta bisasira mu gihe bariko bihereza ibifungurwa n’ibinyobwa ku bwo gutera iteka imana zabo z’ikinyoma. Amahadabu baca abakene na yo bayagura umuvinyu baja kunywera mu birori bijanye n’idini ry’ikinyoma. Ese ukuntu bari bageze kure mu guta inzira y’ugusenga gutyoroye!

10 Abisirayeli bariko barenga bimwe biteye isoni ya mategeko abiri ahambaye kuruta ayandi yose yo mu Vyagezwe, na yo akaba ari ugukunda Yehova be n’ugukunda abantu nka bo. Ku bw’ivyo, Imana yararungitse Amosi kugira ngo yiyamirize uguhemuka kwabo. Muri iki gihe, amahanga yo mw’isi, dushizemwo ayiganjemwo abiyita abakirisu, na yo nyene yarononekaye nka kurya kwa Isirayeli ya kera. Mu gihe abantu bamwe batunga bagatunganirwa, abandi benshi usanga baracupiye mu vy’ubutunzi kandi batuntuye kubera ingeso zirangwa ubuhumbu z’abagwizatunga bakomakomeye b’ingunge, iz’abanyapolitike be n’izo mw’idini ry’ikinyoma. Mugabo, Yehova ararajwe ishinga n’abariko baracumukura kandi bakagira umutima wo kumurondera. Ni co gituma abasavyi biwe bo muri iki gihe yabashinze igikorwa nka kimwe ca Amosi, na co kikaba ari ukwamamaza ijambo ryiwe bashize amanga.

11. Dushobora kwigira iki ku karorero ka Amosi?

11 Kubera isano riri hagati y’igikorwa cacu n’ica Amosi, turaza kwungukira cane ku kurimbura akarorero kiwe. Kukaba nkako, Amosi aratwereka (1) ico dukwiye kwamamaza, (2) ukuntu dukwiye kucamamaza (3) n’igituma abaturwanya badashobora guhagarika igikorwa cacu co kwamamaza. Reka turabe ivyo vyiyumviro kimwekimwe ukwaco.

Ingene twokwigana Amosi

12, 13. Yehova yerekanye gute yuko atahimbarwa n’ivyo Abisirayeli bakora, kandi bavyakiriye gute?

12 Twebwe Ivyabona vya Yehova, ubusuku bwacu bwa gikirisu tubushingira ku gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa (Matayo 28:19, 20; Mariko 13:10). Ariko rero, turashikiriza abantu imburizi Imana yatanze, nk’uko nyene Amosi yatangaje yuko Yehova yociriye rubi abanyakibi. Nk’akarorero, muri Amosi 4:6-11 herekana yuko Yehova yaguma ashira ahabona yuko adahimbarwa n’ivyo Abisirayeli bakora. Yatumye abantu “[ba]bura ivyo kurya”, ‘arabima imvura’, arabateza “kurumvya bo n’ururyi”, yongera arabateza “ikīza”. None ivyo bintu vyoba vyaratumye Abisirayeli bigaya? Imana yavuze iti: “Ntimwangaru[tse]ko”. Nkako, Abisirayeli barateye akagere Yehova incuro n’izindi.

13 Yehova yarahanye abo Bisirayeli b’intigaya. Ariko rero, babanje guhabwa imburi menyeshakazoza. Ku bijanye n’ivyo, Imana yatangaje iti: “Umwami Uhoraho ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha” (Amosi 3:7). Imana yari yarahishuriye Nowa yuko Umwuzure wari ugiye kuza ikaba kandi yari yaramutegetse gutanga imburi. Muri ubwo buryo nyene, Yehova yabwiye Amosi gutanga imburi ya nyuma. Ikibabaje ni uko Abisirayeli birengagije ubwo butumwa buvuye ku Mana, bigatuma bananirwa gukora ikibereye.

14. Ni isano irihe riri hagati y’igihe ca Amosi n’igihe cacu?

14 Nta mazinda ko uza kwemera yuko hari isano ryibonekeje hagati y’igihe ca Amosi n’igihe cacu. Yezu Kirisitu yarabuye yuko ivyago vyinshi vyoteye mu gihe c’iherezo. Yarabuye kandi yuko igikorwa co kwamamaza coranguwe kw’isi yose (Matayo 24:3-14). Mugabo nk’uko vyari bimeze mu misi ya Amosi, abantu benshi muri iki gihe barirengagiza ibimenyetso vy’ibihe, bakanirengagiza n’ubutumwa bw’Ubwami. Abantu nk’abo, bazoshikirwa na bimwe nyene vyashikira Abisirayeli banse kwigaya. Yehova yababuriye ati: “Itegure guhwana n’Imana yawe” (Amosi 4:12). Barahwanye n’Imana mu gushitswako urubanza rubi igihe Abashuri babanesha. Muri iki gihe, iyi si itubaha Imana ‘izohwana n’Imana’ kuri Harumagedoni (Ivyahishuriwe 16:14, 16). Ariko rero, magingo Yehova akibandanya kwihangana, turahimiriza abantu benshi bashoboka duti: ‘Murondere Yehova, kugira ngo mubandanye kubaho’.—Amosi 5:6, NW.

Guhangana n’uruhamo nk’uko Amosi yabigize

15-17. (a) Amaziya yari nde, kandi yakiriye gute ubutumwa Amosi yatangaje? (b) Amaziya yashikirije ibirego ibihe yagiriza Amosi?

15 Turashobora kwigana Amosi, atari gusa mu vyo twamamaza, mugabo kandi no mu kuntu twamamaza. Ico kintu kirashirwa ahabona mu kigabane ca 7, aho tubwirwa ivya wa muherezi twavuga mu ntango y’ikiganiro cacu. Yari “Amaziya umuherezi w’i Beteli” (Amosi 7:10). Igisagara c’i Beteli cari icicaro c’idini ry’abahuni bo muri Isirayeli, iryari rishingiye ku gusenga imasa. Amaziya rero yari umuherezi w’idini rya Leta. None yakiriye gute ubutumwa Amosi yatangaje ashize amanga?

16 Amaziya yabwiye Amosi ati: “Ewe kamenyi, enda genda uhungire mu gihugu c’i Buyuda, abe ari ho urīra utwawe, kand’abe ari ho uvugishirizwa: ariko ntusubire kuvugishirizwa i Beteli ukundi, kukw ari ho har’ikigabiro c’umwami, bo n’ihorezo ry’igihugu” (Amosi 7:12, 13). Ni nk’aho Amaziya yamubwiye ati: ‘Taha! Turifitiye idini ryacu’. Yaragerageje kandi kuja mu matwi abatwara kugira ngo bahagarike ibikorwa vya Amosi, mu kubwira Umwami Yerobowamu wa kabiri ati: “Amosi yagutereye abantu umugararizo mu b’inzu ya Isirayeli” (Amosi 7:10). Ego cane, Amaziya yagirije Amosi ko yahemutse! Yabwiye umwami ati: “Amosi avuga, ngo Yerobowamu azokwicishwa inkota, kandi ngw Abisirayeli ntibazobura kwambukanwa ar’inyagano bakūwe mu gihugu cabo”.—Amosi 7:11.

17 Muri ayo majambo, Amaziya yashizemwo ibintu bitatu vy’ibinyoma. Yavuze ati: “Amosi avuga”. Yamara Amosi ntiyigeze avuga yuko ubwo buhanuzi buva kuri we. Ahubwo riho, yama nantaryo avuga ati: “Uku ni [“ko Yehova”, NW] agize” (Amosi 1:3). Amosi yagirijwe kandi ko yavuze ngo “Yerobowamu azokwicishwa inkota”. Ariko rero, nk’uko vyanditswe muri Amosi 7:9, Amosi yari yabuye ati: “[Jewe Yehova] nzohagurukira inzu ya Yerobowamu nitwaje inkota”. Imana yari yabuye ko ivyo vyago vyoshikiye “inzu” ya Yerobowamu, ari rwo ruvyaro rwiwe. Vyongeye, Amaziya yareze Amosi ngo yari yavuze ati: “Abisirayeli ntibazobura kwambukanwa ar’inyagano”. Mugabo Amosi yari yabuye kandi ko Umwisirayeli wese yari kugaruka ku Mana yari kuronka imihezagiro. Biragaragara rero ko Amaziya yashikirije ivyavuzwe mugabo akagira ivyo anyegeza kugira ngo atume igikorwa co kwamamaza carangurwa na Amosi kibuzwa na Leta.

18. Ni isano irihe riri hagati y’uburyo Amaziya yakoresheje n’ubukoreshwa n’abakuru b’amadini muri iki gihe?

18 Woba wabonye isano riri hagati y’uburyo Amaziya yakoresheje n’uburyo abarwanya abasavyi ba Yehova bakoresha muri iki gihe? Nka kurya nyene Amaziya yagerageje kunumya Amosi, ni ko n’abapatiri, abasenyeri n’abapasitori bamwebamwe bo muri iki gihe bagerageza gutangira igikorwa co kwamamaza kirangurwa n’abasavyi ba Yehova. Amaziya yarabesheye Amosi mu kumwagiriza ngo yahemutse. No muri iki gihe, abakuru b’amadini bamwebamwe barabeshera Ivyabona vya Yehova mu kubagiriza yuko babangamiye umutekano w’igihugu. Vyongeye, nka kurya nyene Amaziya yituye umwami ngo amufashe kurwanya Amosi, ni ko n’abakuru b’amadini akenshi bitura abanyapolitike bafatanije, kugira ngo babashigikire mu vyo guhama Ivyabona vya Yehova.

Abaturwanya ntibashobora guhagarika igikorwa cacu co kwamamaza

19, 20. Amosi yavyifashemwo gute igihe Amaziya yamurwanya?

19 None Amosi yavyifashemwo gute igihe Amaziya yamurwanya? Ubwa mbere, Amosi yabajije nya muherezi ati: “Uvuze ngo singire ico mvugishwa ku Bisirayeli?”. Ata gutinya, uwo muntu avugishwa n’Imana w’umutima rugabo yaciye avuga amajambo Amaziya ategerezwa kuba atashaka kwumva (Amosi 7:16, 17). Amosi ntivyamuteye ubwoba. Ese ukuntu ari akarorero ntangere kuri twebwe! Ku bijanye no kuvuga ijambo ry’Imana, ntituzogambararira Imana yacu, no mu bihugu ba Amaziya bo mu bihe vya none bariko barakokeza ngo turwanywe bunyamaswa. Nka kumwe kwa Amosi, tuguma dutangaza duti: ‘Uku ni ko Yehova agize’. Kandi abaturwanya ntibashobora kwigera bahagarika igikorwa cacu co kwamamaza, kubera yuko “ukuboko kw[a “Yehova”, NW]” kuri kumwe natwe.—Ivyakozwe 11:19-21.

20 Amaziya yari akwiye kumenya ko iterabwoba ryiwe ata co ryoshitseko. Amosi yari yamaze gusigura igituma ata muntu n’umwe kw’isi yari kumubuza kuvuga. Ico ni ca ciyumviro kigira gatatu tugira duce irya n’ino. Nk’uko bivugwa muri Amosi 3:3-8, Amosi yarakoresheje urukurikirane rw’ibibazo n’ibigereranyo kugira ngo yerekane ko ata kintu na kimwe gishobora kuba ata mpamvu igitumye. Yaciye yerekana ico ivyo bisigura ati: “Intambge irīvuze, none ni nde atotinya? Umwami Uhoraho aravuze, none ni nde atovugishwa?”. Mu yandi majambo, Amosi yabwiye abamwumviriza ati: ‘Nk’uko nyene mutobura gutinya mwumvise intambwe yivuze, ni ko nyene nanje ntobura kwamamaza ijambo ry’Imana igihe numvise Yehova antegeka kuryamamaza’. Ugutinya Imana, canke ukuyobokera Yehova mu buryo bugera kure, vyaravyuriye Amosi umutima wo kuvuga ashize amanga.

21. Twakira gute itegeko Imana iduha ryo kwamamaza inkuru nziza?

21 Na twebwe nyene turumva Yehova adutegeka kwamamaza. None tuvyakira gute? Nka kurya kwa Amosi, eka kandi nka kurya kw’abayoboke ba Yezu bo kw’isi, tubifashijwemwo na Yehova turavuga ijambo ryiwe dushize amanga (Ivyakozwe 4:23-31). Rwaba uruhamo rukokezwa n’abaturwanya, canke ukuba sindabibazwa kw’abo tubwira inkuru nziza, nta na kimwe kizotubuza kuvuga. Ivyabona vya Yehova bo kw’isi yose bagaragaza umwete nk’urya wa Amosi, bakavyurirwa umutima wo kubandanya gutangaza inkuru nziza bashize amanga. Twajejwe ibanga ryo kuburira abantu ivyerekeye urubanza rwa Yehova rwegereje. None urwo rubanza rurimwo ibiki? Ico kibazo cishurwa mu kiganiro gikurikira.

Wokwishura gute?

• Amosi yaranguye igikorwa yashinzwe n’Imana ibintu vyifashe gute?

• Nka kumwe kwa Amosi, dukwiye kwamamaza iki?

• Igikorwa cacu co kwamamaza dukwiye kugikorana akahe gatima?

• Ni kubera iki abaturwanya badashobora guhagarika igikorwa cacu co gushinga intahe?

[Ifoto ku rup. 10]

Imana yahisemwo Amosi, uwari umurimyi w’imisukoni, kugira ngo abe ari we akora igikorwa cayo

[Amafoto ku rup. 13]

Nka kumwe kwa Amosi, woba utangaza ubutumwa bwa Yehova ushize amanga?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika