ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/10 rup. 12-rup. 15 ing. 8
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yoweli n’ica Amosi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yoweli n’ica Amosi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • KUBERA IKI AVUGA NGO “EWE WA MUSI MUBI!”?
  • (Yoweli 1:1–3:21)
  • “ITEGURE GUHWANA N’IMANA YAWE”
  • (Amosi 1:1–9:15)
  • Ivyo dukwiye gukora
  • Tuvuge Ijambo ry’Imana dushize amanga
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Urubanza rwa Yehova ruzoshika ku banyakibi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Mufatire akarorero ku bahanuzi—Amosi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Rondera Yehova, we Musuzumyi w’imitima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/10 rup. 12-rup. 15 ing. 8

Ijambo rya Yehova ni rizima

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yoweli n’ica Amosi

NTA kindi avuga ku bimwerekeye uretse ko avuga yuko ari “Yoweli mwene Petuweli” (Yoweli 1:1). Mu gitabu citirirwa izina ryiwe, Yoweli nta bindi bintu vyinshi avuga uretse ibijanye n’ubutumwa ashikiriza, ku buryo mbere n’umwaka yavuzemwo ubuhanuzi bwiwe bisaba ko umuntu awugereranya, uwo na wo ukaba ari nka 820 B.G.C., ico gihe hakaba hari haheze imyaka icenda Uziya abaye umwami w’Ubuyuda. Ni kubera iki none Yoweli atavuga vyinshi ku bimwerekeye? Kumbure abitumwa n’uko yipfuza gushimika ku butumwa ashikiriza aho gushimika ku wubushikiriza.

Mu gihe ca Uziya nyene, Amosi, uno akaba ari “umwungere, . . . n’umurimyi w’ibiti vy’imisukomora” aba mu Buyuda, arashingwa igikorwa co kuba umuhanuzi (Amosi 7:14). Mu gihe Yoweli ashikiriza ubuhanuzi i Buyuda, Amosi we arungikwa mu Buraruko mu bwami bwa Isirayeli bugizwe n’imiryango cumi. Igitabu ca Amosi, icarangiye kwandikwa nko mu 804 B.G.C. uwo muhanuzi amaze gusubira i Buyuda, canditswe mu mvugo yoroshe mugabo ikwegera mu buryo budasanzwe.

KUBERA IKI AVUGA NGO “EWE WA MUSI MUBI!”?

(Yoweli 1:1–3:21)

Yoweli arerekwa igitero c’ibinyabwoya, inzige, be n’inyenzi. Utwo dukoko dutera tuvugwa ko ari “ihanga rihambaye kandi rikomeye” tukavugwa kandi ko ari “abahizi” (Yoweli 1:4; 2:2-7). Yoweli araboroga ati: “Ewe wa musi mubi! Kuk’umusi [wa Yehova, NW] uri hafi; uzoza ar’umusi wo guhonnya uvuye kw’Īshobora vyose” (Yoweli 1:15). Yehova ahanura abantu baba i Siyoni ati: “Ni mungarukeko n’imitima yanyu yose”. Nibabigira, Yehova “a[zo]girira ikigongwe abantu biwe” kandi azoshira kure “ba bansi b’i burārūko”, ni ukuvuga igitero ca twa dukoko. Ariko rero, imbere y’uko umusi uhambaye wa Yehova uza, ‘azosuka impwemu yiwe ku bari n’umubiri bose’ kandi “[a]zoshira utwumiza mw ijuru no mw isi”.​—Yoweli 2:12, 18-20, 28-31.

Amahanga araterwa akamo ati: “Amasuka yanyu muyavunjavunje, muyacuremw’inkota, n’inkero zanyu muzivunjavunje, muzicuremw’amacumu” maze mwitegurire intambara. Ategekwa ‘kuduga akaja mu kiyaya ca Yehoshafati’, aho azocirirwa urubanza akongera agasangangurirwa. “Arikw i Buyuda hazokwamaho gushitsa ibihe bidashira”.​—Yoweli 3:10, 12, 20.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

1:15; 2:1, 11, 31; 3:14, NW​—“Umusi wa Yehova” ni iki? Umusi wa Yehova ni igihe ashitsa urubanza ku bansi biwe, bagasangangurwa mugabo abasavyi biwe b’ukuri bakarokorwa. Nk’akarorero, umusi nk’uwo warashitse kuri Babiloni ya kera mu 539 B.G.C. igihe yigarurirwa n’Abamedi n’Abaperesi (Yesaya 13:1, 6). Uwundi “musi wa Yehova” uregereje, igihe azoshitsa urubanza rwiwe kuri “Babiloni Akomeye”, uwugereranya inganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma.​—Ivyahishuwe 18:1-4, 21.

2:1-10, 28​—Ubuhanuzi buvuga ibijanye n’igitero c’utwo dukoko bwarangutse gute? Nta nkuru iri muri Bibiliya ivuga ko igihugu c’i Kanani catewe n’udukoko ku rugero igitabu ca Yoweli kibivuga. Ku bw’ivyo rero, ico gitero Yoweli yavuze biboneka yuko cabura ivyabaye mu 33 G.C. igihe Yehova yatangura gusuka impwemu yiwe ku bayoboke ba Kristu bo mu ntango maze bagaca batangura kwamamaza ubutumwa bwababaje indongozi z’amadini y’ikinyoma (Ibikorwa 2:1, 14-21; 5:27-33). Twaratewe agateka ko gukora igikorwa nk’ico muri kino gihe.

2:32, NW​—‘Kwambaza izina rya Yehova’ bisobanura iki? Kwambaza izina ry’Imana bisobanura kurimenya, kuryubaha bimwe bigera kure, be no kwiheka kuri nyene ryo hamwe no kumwizigira.​—Abaroma 10:13, 14.

3:14​—“Ikiyaya kizorundurirwamw’imanza” ni iki? Ni ikibanza c’ikigereranyo Imana ishikirizamwo imanza zayo. Mu gihe ca Yehoshafati umwami w’i Buyuda, uwo izina ryiwe risobanura ngo “Yehova ni Umucamanza”, Imana yararokoye Ubuyuda ibukiza amahanga yari abukikuje mu gutera umuvurungano mu ngabo z’ayo mahanga. Ni co gituma ico kibanza citwa kandi “ikiyaya ca Yehoshafati” (Yoweli 3:2, 12). Muri kino gihe, ico kiyaya cerekeza ku hantu h’ikigereranyo amahanga azofyonyorerwa nka kurya inzabibu zifyonyorerwa mu ruganiro.​—Ivyahishuwe 19:15.

Ivyigwa tuhigira:

1:13, 14. Ukwigaya nyakuri be no kwemera ko Yehova ari we Mana y’ukuri ni ntahara nimba dushaka kuronka ubukiriro.

2:12, 13. Ukwigaya nyakuri kuva ku mutima. Ukwo kwigaya gusaba ‘ugutabura imitima yacu’ kw’i bwina, atari ‘ugutabura impuzu’ kwo ku mubiri.

2:28-32, NW. “Umuntu [ya]mbaza izina rya Yehova” ni we wenyene “azokizwa” ku “musi mukuru uteye ubwoba wa Yehova”. Ese ukuntu dukwiye gukenguruka kubona Yehova asuka impwemu yiwe ku bantu b’ubwoko bwose kandi agatuma abato n’abakuze, abagabo n’abagore, bagira uruhara mu gikorwa co gushikiriza ubuhanuzi, ni ukuvuga kumenyekanisha “ibintu vy’agatangaza vy’Imana” (Ibikorwa 2:11). Uko umusi wa Yehova wegereza, ntitwari dukwiye none kugwiza “ibikorwa vy’ingeso nyeranda be n’ibikorwa vy’ukwihebera Imana”?​—2 Petero 3:10-12.

3:4-8, 19. Yoweli yaramenyesheje ko amahanga yari akikuje Ubuyuda yohanywe kubera ko yafata nabi abasavyi Imana yitoranirije. Mu buryo buhuye n’ayo majambo yamenyesheje, igisagara ca Tiro cari i musozi carasanganguwe n’Umwami Nebukadinezari wa Babiloni. Mu nyuma, igihe igice co mu kiyaga c’ico gisagara cigarurirwa na Alegizandere Mukuru, abantu ibihumbi n’ibihumbi bo mu ngabo za Tiro be n’abantu bakomakomeye baho barishwe, abanyagihugu 30.000 na bo baragurishwa kugira ngo bajanwe mu buja. Abafilisitiya na bo nyene barashikiwe n’amakuba nk’ayo, bayatewe na Alegizandere be n’abamusubiriye ku ngoma. Mu kinjana ca kane B.G.C., Edomu yarabaye umusaka (Malaki 1:3). Ubwo buhanuzi bwarangutse burakomeza ukwizera dufise ko Yehova ari Imana yama irangura imigambi yayo. Burerekana kandi ingene Yehova azokwihurira n’amahanga arwanya abasavyi biwe muri kino gihe.

3:16-21. “Ijuru n’isi bizotigita”, kandi amahanga azoshikirwa n’imanza zo guhana za Yehova. “Arik’Uhoraho azobera abantu biwe ubuhungiro”, abahe kubaho mw’Iparadizo. Wumva none tutari dukwiye kwiyemeza rwose kuguma tumwiyegereza uko umusi wiwe wo gucira urubanza iyi si mbi wegereza?

“ITEGURE GUHWANA N’IMANA YAWE”

(Amosi 1:1–9:15)

Amosi arafise ubutumwa bwo gushikiriza amahanga y’abansi akikuje Isirayeli be n’ubwo ashikiriza Ubuyuda na Isirayeli. Siriya, Ubufilisitiya, Tiro, Edomu be na Mowabu bizosangangurwa kubera yuko vyafashe bunyamaswa abasavyi b’Imana. Abantu b’i Buyuda na bo bazosangangurwa “kuko bātītūye ivyagezwe” vya Yehova (Amosi 2:4). Tuvuge iki ku bijanye n’ababa muri bwa bwami bwa Isirayeli bugizwe n’imiryango cumi? Mu vyaha bakora, harimwo uguhahaza abakene babigiranye umwina, ubushegabo, be n’ugufata nabi abahanuzi b’Imana. Amosi arabura ko Yehova ‘azohana ibicaniro vy’i Beteli’ kandi ko “[a]zosangangura inzu yo kubamwo mu gihe c’imbeho hamwe n’iyo kubamwo mu gihe c’ubushuhe”.​—Amosi 3:14, 15.

Naho Abisirayeli basenga ibigirwamana bamaze guhanwa mu buryo butandukanye, baguma batagonda izosi. Amosi ababwira ati: “Itegure guhwana n’Imana ya[nyu]” (Amosi 4:12). Ku b’Isirayeli, umusi wa Yehova usigura ko ‘bazokwambuka ari inyagano hirya y’i Damasiko’, ni ukuvuga i Ashuri (Amosi 5:27). Amosi ararwanywa n’umuherezi w’i Beteli mugabo ntasha coba. Yehova abwira Amosi ati: “Iherezo ry’abantu banje b’Abisirayeli rirashitse; kandi sinzosubira kwirengagiza ivyabo ukundi” (Amosi 8:2, NW). Yaba Sheoli canke imisozi miremire, nta na kimwe gishobora kubakingira imanza z’Imana (Amosi 9:2, 3). N’aho ari ukwo, hariho umuhango w’uko bazosubira mu gihugu cabo. Yehova avuga ati: “Nzogarukana abantu banje b’Abisirayeli bājanywe ar’inyagano, bongere kwubaka ibisagara vyāsenyutse, babibemwo; bazotera imirima y’imizabibu, binywere vino yayo; bazorima indimiro bīrīre ivyeze muri zo”.​—Amosi 9:14.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

4:1, NW​—“Inka z’i Bashani” zigereranya bande? Itaba ry’i Bashani, ako kakaba kari akarere ko mu Buseruko bw’Ikiyaga c’i Galilaya, ryari rizwi kubera ubwoko bwiza cane bw’ibitungwa vyaho, ushizemwo n’inka. Uburagiriro butotahaye bwaho bwaragira ico buterereye kuri ukwo kuntu ivyo bitungwa vyari vyiza. Abagore b’i Samariya bikundira kwiberaho bafise ubuzima bwo kudibama, Amosi yabagereranije n’inka z’i Bashani. Nta nkeka ko abo bagore bashira umukazo ku “banega ba[bo]” ngo bahahaze abagorwa kugira ngo bitume abo bagore baronka ubutunzi baryohererwa.

4:6, NW​—Imvugo ngo “isuku ry’amenyo” yashaka kuvuga iki? Narirya iyo mvugo yakoreshejwe igihe hariko havugwa ibijanye no “kubura ivyo kurya”, ishobora kuba yerekeza ku gihe c’amapfa aho abantu baguma bafise amenyo asa neza kubera bataronka ico bafungura.

5:5​—Ni mu buryo ki Abisirayeli batari bakwiye kuja ‘kubariza i Beteli’? Yerobowamu yari yaratunganije ivyo gusenga inyana i Beteli. Kuva ico gihe, ico gisagara caciye kiba ikibanza nyamukuru c’ugusenga kw’ikinyoma. I Gilugali n’i Beri-sheba na ho nyene hategerezwa kuba harabaye ahantu h’ugusenga kw’ubuhuni. Kugira ngo Abisirayeli bashobore guhunga ivyago vyari vyarabuwe, bari bakwiye guhagarika kugira ingendo zo kuja gusengera muri ivyo bibanza maze bagatangura kurondera Yehova.

7:1​—Ubwatsi ‘bwatemeshejwe n’umwami’ bugereranya iki? Ubwo bwatsi bushobora kuba bwerekeza kw’ikori ryashinzwe n’umwami kugira ngo abungabunge abantu biwe bagendera ku mafarasi be n’ibitungwa vyiwe. Iryo kori ryategerezwa kurihwa “ibirīra bigitanguye kumera”, ni ukuvuga mu ntango z’itera rya nyuma. Inyuma y’aho, abantu barashobora guca bimbura ivyo barimye. Ariko rero imbere y’uko bimbura, inzige zarateye maze zirakegeta ibiterwa vyabo be n’ibindi bimera.

8:1, 2, NW​—“Igisimbo c’ivyamwa vyo mu ci” casigura iki? Ico gisimbo casigura yuko umusi wa Yehova wari hafi. Ivyamwa vyo mu ci vyamurwa amaja mu mpera y’igihe c’iyimbura, ni ukuvuga amaja mu mpera y’umwaka w’uburimyi. Igihe rero Yehova yereka Amosi “igisimbo c’ivyamwa vyo mu ci”, vyasigura ko umuhero wa Isirayeli wari hafi. Ni co gituma Imana yabwiye Amosi iti: “Iherezo ry’abantu banje b’Abisirayeli rirashitse; kandi sinzosubira kwirengagiza ivyabo ukundi”.

Ivyigwa tuhigira:

1:3, 6, 9, 11, 13; 2:1, 4, 6. Bivuye kw’ishavu Yehova yari afitiye Isirayeli, Ubuyuda, be n’amahanga atandatu yari abakikuje, yavuze ati: “Sinzovyirengagiza”. Imanza za Yehova ntizihungwa.​—Amosi 9:2-5.

2:12. Ntidukwiye guca intege abasavyi ba Yehova bakora bagatama ari abatsimvyi, abacungezi b’ingenzi, abamisiyonari, canke abagize umuryango wa Beteli, mu kubahimiriza ngo bahagarike umurimo w’igihe cose kugira ngo bibereho mu buzima abantu bita ngo ni ubusanzwe. Ahubwo, dukwiye kubaremesha kubandanya ico gikorwa ciza bakora.

3:8. Nk’uko umuntu ahinda agashitsi iyo yumvise intambwe iroshe, Amosi yumvise atoreka kuvuga ubutumwa igihe yumva Yehova avuga ati: “Genda ubarire abantu banje” (Amosi 7:15). Ugutinya Imana gukwiye kutuvyurira umutima wo kuba abamamaji b’abanyamwete b’inkuru y’Ubwami.

3:13-15, NW; 5:11. Abifashijwemwo na Yehova, Amosi wa mwungere aciye bugufi yarashoboye “gushikiriza ubutumwa” abantu bari bafise ubutunzi bigatuma batagira ico banegwa, ni ukuvuga ko yabashikirije ubutumwa. Nk’uko nyene, Yehova arashobora kuturonsa ivyo dukeneye vyose kugira ngo tumenyekanishe ubutumwa bw’Ubwami, naho icibare cacu coba kigoye gute.

4:6-11; 5:4, 6, 14. Naho Abisirayeli vyagumye bibananira ‘kugaruka’ kuri Yehova, bahimirijwe ‘gusiguza Uhoraho kugira ngo babone kubaho’. Magingo Yehova akiretse abigiranye ukwihangana ngo iyi si mbi ibandanye, dukwiye guhimiriza abantu bo muri yo kugaruka ku Mana.

5:18, 19, NW. Ntibiranga ubukerebutsi ko umuntu ‘yipfuza umusi wa Yehova’ atarawitegurira vy’ukuri. Umuntu abigenza gutyo ameze nk’umuntu ahunga intambwe agaca ahura n’idubu, yahunga idubu na ho agahura n’inzoka ikamukomora. Birabereye ko ‘tuguma turi maso’ mu vy’impwemu kandi tukaguma twiteguye.​—Luka 21:36.

7:12-17. Dukwiye gushikiriza ubutumwa bw’Imana ata bwoba.

9:7-10. Kuba Abisirayeli b’ibihemu bakomoka kuri basekuruza b’imiryango b’intahemuka be no ku barokowe bagakurwa mu Misiri ari abasavyi Imana yitoranirije, ntivyababujije kubaho bafise impagararo itabereye imbere y’Imana, nk’iyo Abanyetiyopiya bari bafise. Kugira umuntu agire impagararo ishimwa na ya Mana itagira nkunzi, ntibiva ku kuba akomoka mu muryango munaka ahubwo biva ‘ku kuyitinya no gukora ivy’ubugororotsi’.​—Ibikorwa 10:34, 35.

Ivyo dukwiye gukora

Umusi w’uko Imana ishitsa urubanza kuri iyi si ya Shetani uregereje. Imana yarasutse impwemu yayo ku basavyi bayo, irabaronsa ivyo bakeneye vyose kugira ngo baburire abantu ibijanye n’umusi wayo wegereje. None wumva tudakwiye kugira uruhara bimwe vyuzuye mu gikorwa co gufasha abandi kugira ngo bamenye Yehova bongere ‘bambaze izina ryiwe’?​—Yoweli 2:31, 32.

Amosi ahimiriza ati: “Mwanke ibibi, mukunde ivyiza, mukomeze imanza zibereye mw ishikiro ry’igisagara” (Amosi 5:15). Uko umusi wa Yehova wegereza, ni ibiranga ubukerebutsi ko twiyegereza Imana tukongera tukaguma twitandukanije n’iyi si mbi be n’abantu bononekaye bari muri yo. Ku bijanye n’ivyo, ese ivyigwa bije hageze dukura mu bitabu vyo muri Bibiliya vyanditswe na Yoweli be na Amosi!​—Abaheburayo 4:12.

[Ifoto ku rup. 12]

Yoweli yamenyesheje ati: “Umusi wa Yehova uri hafi!”

[Amafoto ku rup. 15]

Nka kumwe kwa Amosi, dukwiye kuba abamamaji b’ubutumwa bw’Imana badatinya

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika