Nimugire urutonde rubereye rw’ibikorwa vyo mu muryango
1 Kuri ya Nsiguro yo ku Musozi, Yezu yahimirije abariko baramwumviriza ati: “Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo” (Mat. 6:33, ni twe dushimitse.). Uburyo bubereye bwo kuringaniza ibikorwa vyo mu muryango kugira ngo ivy’impwemu bihabwe ikibanza ca mbere, ni ukugira urutonde rwanditse. Fate iminuta mikeyi yo kugira urutonde rwanyu bwite rw’ibikorwa vyo mu muryango vyo ku ndwi, mukoresheje urutonde rugaragara ruri ku rupapuro rwa 6 rw’iyi nyongera. Bivuye ku mwumvikano w’abagize umuryango, hari bamwe boshima gukata uduce twanditseko ibikorwa bakaduhomeka kuri urwo rutonde. Abandi na bo wosanga bashimye kwiyandikiramwo ivyo bikorwa.
2 Urutonde rwo kurabirako rwerekanywe aho hepfo rwoshobora kubafasha igihe mugira urutonde rwanyu. Murabona yuko ruriko ibikorwa nyamukuru bine gusa: (1) ukwitaba amakoraniro y’ishengero, (2) umurimo wo mu ndimiro w’abo mu muryango, (3) inyigisho y’umuryango be no (4) kwihweza icanditswe c’umusi. Gushira ivyo bintu mu rutonde rwanyu bizobafasha “[ku]robanur[a] [“ibintu bihambaye kuruta”, NW]” (Flp. 1:10). Ibindi vyiyumviro ku bijanye n’iyo mice ine tubisanga ku rupapuro rwa 4-5.
3 Si ngombwa ngo urutonde rw’ibikorwa vyo mu muryango wanyu rugarukire kuri ivyo bine gusa. Nimba mu muryango mutegurira hamwe amakoraniro amwamwe, nimubishire kuri urwo rutonde rwanyu. Nimba musomera hamwe igice kanaka ca Bibiliya muhejeje kwihweza icanditswe c’umusi canke mukaba mubigira mu kindi gihe, bishire kuri urwo rutonde. Nimba mukunda kwiruhura mu buryo bumwe canke ubundi uko mugize umuryango, mwobishira mu rutonde rwanyu.
4 Nimutunganye urutonde rwo mu muryango wanyu ku buryo ruhuza n’ivyo uwo muri urwo rugo wese akeneye be n’uko ivyiwe vyifashe. Uko haca igihe, nimuze murasuzuma ukuntu ruriko rurakurikizwa maze mugire ico muhindura nimba bikenewe.
[Chart on page 3]
Urutonde rw’ibikorwa vyo mu muryango rwo kurabirako
Mu gitondo Ku muhingamo Ku mugoroba
K7 Icanditswe c’umusi
Insiguro y’icese n’Inyigisho
y’Umunara w’Inderetsi
K1 Icanditswe c’umusi Inyigisho y’umuryango
K2 Icanditswe c’umusi Inyigisho y’igitabu
y’ishengero
K3 Icanditswe c’umusi
K4 Icanditswe c’umusi Ishure ry’ubusuku
bwa gitewokarasi
n’Ikoraniro
ry’umurimo
K5 Icanditswe c’umusi
K6 Icanditswe c’umusi
Umurimo wo mu ndimiro
w’abo mu muryango
(Umusi w’ibinyamakuru)
[Chart on page 6]
Urutonde rw’ibikorwa vyo mu muryango
Mu gitondo Ku muhingamo Ku mugoroba
K7
K1
K2
K3
K4
K5
K6
K7
..................................................................
Icanditswe Icanditswe Icanditswe Icanditswe Icanditswe Icanditswe Icanditswe
c’umusi c’umusi c’umusi c’umusi c’umusi c’umusi c’umusi
Insiguro Ishure Inyigisho Inyigisho Ukuja Ugusoma Ukwisamaza
y’icese ry’ubusuku y’igitabu y’umuryango mu ndimiro Bibiliya kw’abo mu n’Inyigisho bwa y’ishengero kw’abo mu kw’abo mu muryango
y’Umunara gitewokarasi muryango muryango
w’Inderetsi n’Ikoraniro
ry’umurimo