ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/05 rup. 3-6
  • Nimugire urutonde rubereye rw’ibikorwa vyo mu muryango

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nimugire urutonde rubereye rw’ibikorwa vyo mu muryango
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ivyo bijanye
  • Urutonde rw’ibikorwa vyo mu muryango—Icanditswe c’umusi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ntiwizitire—Nuvyifatemwo neza igihe ufise vyinshi ukora
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Icanditswe c’umusi ntikizosubira kurimburwa mw’ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Yemwe Abahagarikiye Imiryango—Nimugumane Urutonde Rwiza rw’Ibikorwa vyo mu vy’Impwemu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2005
km 5/05 rup. 3-6

Nimugire urutonde rubereye rw’ibikorwa vyo mu muryango

1 Kuri ya Nsiguro yo ku Musozi, Yezu yahimirije abariko baramwumviriza ati: “Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo” (Mat. 6:33, ni twe dushimitse.). Uburyo bubereye bwo kuringaniza ibikorwa vyo mu muryango kugira ngo ivy’impwemu bihabwe ikibanza ca mbere, ni ukugira urutonde rwanditse. Fate iminuta mikeyi yo kugira urutonde rwanyu bwite rw’ibikorwa vyo mu muryango vyo ku ndwi, mukoresheje urutonde rugaragara ruri ku rupapuro rwa 6 rw’iyi nyongera. Bivuye ku mwumvikano w’abagize umuryango, hari bamwe boshima gukata uduce twanditseko ibikorwa bakaduhomeka kuri urwo rutonde. Abandi na bo wosanga bashimye kwiyandikiramwo ivyo bikorwa.

2 Urutonde rwo kurabirako rwerekanywe aho hepfo rwoshobora kubafasha igihe mugira urutonde rwanyu. Murabona yuko ruriko ibikorwa nyamukuru bine gusa: (1) ukwitaba amakoraniro y’ishengero, (2) umurimo wo mu ndimiro w’abo mu muryango, (3) inyigisho y’umuryango be no (4) kwihweza icanditswe c’umusi. Gushira ivyo bintu mu rutonde rwanyu bizobafasha “[ku]robanur[a] [“ibintu bihambaye kuruta”, NW]” (Flp. 1:10). Ibindi vyiyumviro ku bijanye n’iyo mice ine tubisanga ku rupapuro rwa 4-5.

3 Si ngombwa ngo urutonde rw’ibikorwa vyo mu muryango wanyu rugarukire kuri ivyo bine gusa. Nimba mu muryango mutegurira hamwe amakoraniro amwamwe, nimubishire kuri urwo rutonde rwanyu. Nimba musomera hamwe igice kanaka ca Bibiliya muhejeje kwihweza icanditswe c’umusi canke mukaba mubigira mu kindi gihe, bishire kuri urwo rutonde. Nimba mukunda kwiruhura mu buryo bumwe canke ubundi uko mugize umuryango, mwobishira mu rutonde rwanyu.

4 Nimutunganye urutonde rwo mu muryango wanyu ku buryo ruhuza n’ivyo uwo muri urwo rugo wese akeneye be n’uko ivyiwe vyifashe. Uko haca igihe, nimuze murasuzuma ukuntu ruriko rurakurikizwa maze mugire ico muhindura nimba bikenewe.

[Chart on page 3]

Urutonde rw’ibikorwa vyo mu muryango rwo kurabirako

Mu gitondo Ku muhingamo Ku mugoroba

K7 Icanditswe c’umusi

Insiguro y’icese n’Inyigisho

y’Umunara w’Inderetsi

K1 Icanditswe c’umusi Inyigisho y’umuryango

K2 Icanditswe c’umusi Inyigisho y’igitabu

y’ishengero

K3 Icanditswe c’umusi

K4 Icanditswe c’umusi Ishure ry’ubusuku

bwa gitewokarasi

n’Ikoraniro

ry’umurimo

K5 Icanditswe c’umusi

K6 Icanditswe c’umusi

Umurimo wo mu ndimiro

w’abo mu muryango

(Umusi w’ibinyamakuru)

[Chart on page 6]

Urutonde rw’ibikorwa vyo mu muryango

Mu gitondo Ku muhingamo Ku mugoroba

K7

K1

K2

K3

K4

K5

K6

K7

..................................................................

Icanditswe Icanditswe Icanditswe Icanditswe Icanditswe Icanditswe Icanditswe

c’umusi c’umusi c’umusi c’umusi c’umusi c’umusi c’umusi

Insiguro Ishure Inyigisho Inyigisho Ukuja Ugusoma Ukwisamaza

y’icese ry’ubusuku y’igitabu y’umuryango mu ndimiro Bibiliya kw’abo mu n’Inyigisho bwa y’ishengero kw’abo mu kw’abo mu muryango

y’Umunara gitewokarasi muryango muryango

w’Inderetsi n’Ikoraniro

ry’umurimo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika