Icanditswe c’umusi ntikizosubira kurimburwa mw’ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro
Kare amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro ashobora kuba yarajamwo ikiganiro kigufi gishingiye ku canditswe c’umusi mu gihe caba kijanye n’ubusuku. Ivyo vyahindutse. Agatabu Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi ntigakwiye gusubira gukoreshwa mu kiganiro co mw’ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro. Nk’uko vyahora, abahagarikira iryo koraniro boshobora gukoresha Bibiliya, Igikorwa dukorera Ubwami, igitabu Ishure y’Ubusuku, igitabu Comment raisonner canke agatabu Uburyo bwo Gutanguza Ibiyago, n’ayandi mayagwa ajanye n’ubusuku. Abashingwa guhagarikira iryo koraniro bakwiye kwitegura kugira ngo bashikirize ibintu ngirakamaro bifasha abagiye mu busuku kuri uwo musi. Nk’uko vyari bisanzwe, iryo koraniro rikwiye kutarenza iminota iri hagati ya 10 na 15, rikarushiriza kuba rigufi igihe ribaye inyuma y’amakoraniro y’ishengero.