ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 9/01 rup. 3
  • Inyishu ku Bibazo Vyanyu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu ku Bibazo Vyanyu
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ivyo bijanye
  • Ingene amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro yoshitsa intumbero yayo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Niwungukire bimwe bishitse ku makoraniro yo gusohoka mu ndimiro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Amakoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Icanditswe c’umusi ntikizosubira kurimburwa mw’ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2001
km 9/01 rup. 3

Inyishu ku Bibazo Vyanyu

◼ Ni amakuru ayahe akwiye gushikirizwa ku makoraniro y’umurimo wo ndimiro?

Intumbero y’ikoraniro ry’umurimo wo mu ndimiro ni iyo kudufasha kwitunira kuri iki gikorwa, ni ukuvuga ubusuku. Ni co gituma umurongozi akwiye kwitegura neza kandi akaba agabirije gushikiriza ibintu biremesha, bitomoye kandi vy’ingirakimazi. Igihe icanditswe c’uwo musi kivuga neza na neza ibijanye n’igikorwa c’ukwamamaza, coshobora gusomwa kandi kikaganirwako muri make. Ariko rero, iryo koraniro rikwiye kwibanda ubwa mbere na mbere kuri ico gikorwa, rigafasha abantu bose bagiye muri ico gikorwa co gushinga intahe kurushiriza kwitegura neza kugira ngo barangure ubusuku kuri uwo musi.—2 Tim. 4:5.

Ivyiyumviro kirumara bivuye mu Gikorwa Dukorera Ubwami vyoshobora kuganirwako kugira ngo bose bamenye ikinyamakuru gishasha gishikirizwa n’uburyo bwo kugishikiriza. Ku Musi w’Ibinyamakuru, hari uburyo bwo gutanguza ikiyago bwo mu kiganiro kivuga ngo “Ico Twovuga ku vyerekeye Ibinyamakuru” bwoshobora kugirwako umwerekano. Ku vyerekeye ayandi masekeza, intangamarara imwe canke zibiri zo mu gitabu Comment raisonner zihuye n’icibare canyu zoshobora gushimikwako. Umuce kanaka w’ubusuku woshobora kuganirwako canke ukagirwako umwerekano, ari nk’uburyo bwo gukoresha Bibiliya uramukije ku muhana, ari uburyo bwo kwishura amajambo yohava ahagarika ikiyago, ari uburyo bwo gutanguza inyigisho ya Bibiliya canke ari uburyo bwo gukurikirana abashimishijwe.

Amakoraniro y’umurimo wo mu ndimiro ntakwiye kurenza umwanya uri hagati y’iminuta 10 na 15, harimwo kugaburana, gutanga ivyibare bakoreramwo be n’ugutura isengesho. Igihe barungikwa, abahari bose bakwiye kumenya uwo bakorana n’aho bagiye gukorera, kandi bakwiye guca baja muri ico cibare ubwo nyene. Kubera ko iryo koraniro rimara umwanya muto, birahambaye ko bose bashika ku gihe. Igihe iryo koraniro rigirwa inyuma y’ikoraniro ry’ishengero, ni ukuvuga nk’inyuma y’inyigisho y’Umunara w’Inderetsi, rikwiye kumara umwanya muto kuruta. Kuganira ku canditswe c’umusi ntibiba bigikenewe, kubera ko ikiganiro ciza gishingiye ku vyanditswe umuntu aba yamaze kucinovora.

Abavukanyi babatijwe bakwije ibisabwa barakwiye kugenwa imbere y’igihe kugira ngo bayobore ikoraniro ryose ry’umurimo. Igihe ata n’umwe ahari kugira ngo ariyobore ku musi munaka, abakurambere bakwiye kugena abavukanyikazi kanaka babatijwe bashobora kubigira igihe bikenewe. Naho aguma yicaye, uwo muvukanyikazi yoshobora kuyobora ikiganiro gishingiye ku canditswe c’umusi canke ibindi vyiyumviro bijanye n’umurimo wo mu ndimiro, ivyo avuga bikaba bigufi. Arashobora kwipfunga igitambara mu mutwe.

Amakoraniro y’umurimo wo ndimiro ni uturyo twiza igitangaza dufise kugira ngo turemeshwe twongere turonswe ivyangombwa ngo tugire uruhara mu busuku. Uko umurongozi yitegura neza ni ko bose bazorushiriza kuryungukirako.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika