Niwungukire bimwe bishitse ku makoraniro yo gusohoka mu ndimiro
1. Amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro ashobora kudufasha gute?
1 Amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro, iyo arongowe neza, araduha indemesho nyayo be n’inyobozo ngirakamaro imbere yuko tuja mu busuku. Araduha akaryo ko gukorana n’abandi mu gikorwa co kwamamaza, kugira dushigikirane kandi tumenyerezanye (Imig. 27:17; Umus. 4:9, 10). Twokora iki kugira ngo twungukire bimwe bishitse kuri mwene ayo makoraniro?
2. Ni ibintu bimwebimwe ibihe umurongozi yoshobora kurimbura?
2 Umurongozi: Mu bisanzwe, nta mayagwa kanaka yo kwihweza muri ayo makoraniro ahora atangwa imbere y’igihe. Ni co gituma bikenewe ko witegura neza nimba hariho iryo uzorongora. Ntuce upfa gutegekanya ko mwihweza icanditswe c’umusi, naho woshobora guhitamwo kugishiramwo muri ico kiganiro, nimba kivuga neza na neza ibijanye n’ubusuku. Zirikana ku bintu bizogirira akamaro abazokwamamaza uyo musi. Nk’akarorero, hari aho woshima ko muca irya n’ino uburyo bunaka bwo gushikiriza inkuru nziza canke ko mugira umwerekano uvyerekana. Woshobora guhitamwo ko mwihweza ikintu kanaka co mu gitabu Comment raisonner (canke mu gatabu Uburyo Bwo Gutanguza Ibiyago), co mu gitabu Ishure ry’ubusuku canke mu kiganiro kanaka ca vuba co mw’Ikoraniro ry’umurimo. Mu bindi bihe, mwoshobora kwihweza ingene umuntu yobigenza mu cibare canyu havyutse ingorane yinaka, canke mugashobora guca irya n’ino ukuntu umwamamaji yotsimbataza ugushimishwa be n’ingene yotanguza inyigisho za Bibiliya, na canecane igihe abamamaji bazoba bariko barasubira kugendera abashimishijwe. Ico ari co cose corimburwa, nurirongore ushwashwanutse kandi ubona ko ibintu biza kugenda neza.
3. Iryo koraniro rikwiye kumara umwanya ungana gute, kandi ni ibiki bikwiye gukorwa muri ico gihe?
3 Tangura ikoraniro ku gihe, naho woba uzi ko bamwebamwe baza kuza bacerewe. Nurabe neza mu gutunganya imigwi wongere uronse ivyibare ababikeneye. Umwanya iryo koraniro ryomara ntukwiye kurenga iminuta iva kuri 10 gushika kuri 15, rigashobora kutayishikana igihe rigizwe inyuma y’ikoraniro ry’ishengero. Imbere y’uko usozera iryo koraniro, bose bakwiye kumenya abo baza kujana be n’iyo baja gukorera. Iryo koraniro rikwiye gusozerwa n’isengesho.
4. Ni igiki kizofasha bose kwungukira bimwe bishitse ku makoraniro yo gusohoka mu ndimiro?
4 Murashobora kugira ico mufashije: Nka kurya kw’amakoraniro y’ishengero, tugaragariza icubahiro Yehova tukongera tukagaragaza ko twubahiriza abandi mu gushika ku gihe. Nitugire uruhara mu ico kiganiro. Woshobora kureka umurongozi akaguha uwo mukorana, canke ukagira uwo wihitiyemwo imbere y’igihe. Nimba wihitiyemwo uwo mukorana, nugerageze ‘kwaguka’ mu kuza urakorana n’abamamaji batandukanye, aho gukorana n’abagenzi somambike igihe cose (2 Kor. 6:11-13). Ikoraniro rimaze kurangira, muririnda guhindura ingene mwagabuwe, kandi muce mugenda ubwo nyene mu cibare.
5. Amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro afise intumbero iyihe?
5 Intumbero y’amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro ni cokimwe n’iy’amakoraniro y’ishengero. Ategekanijwe kugira dushobore “[kwiyumviranako,] ngo turwane ishaka ryo gukundana n’ivy’ibikorwa vyiza” (Heb. 10:24, 25). Nitwihatira kwungukira kuri mwene ayo makoraniro, bizodufasha kwitwararika ubusuku bwacu, kikaba ari ‘igikorwa ciza’ koko!