Urwaruka ruribaza
Ni bande nigana?
Muri iki kiganiro, uraza kumenya
IGITUMA ukeneye abantu wokwigana
AHO wobakura
UKUNTU wobigana
IGITUMA UBAKENEYE
ICO WOMENYA: Abantu turakunda kwigana abo dushima. Ivyo birashobora kuba vyiza canke bibi, bivanye n’abo dushima abo ari bo.
Ico ukeneye: Abantu bibereye ko wigana.—Abafilipi 3:17.
Ingorane: Abenshi bigana abantu ba rurangiranwa nk’abacuraranzi, abantu bazwi cane mu vy’inkino canke mu vy’amasenema, naho boba bigenza nabi.
Ico ukwiye kuzirikanako: Bibiliya igereranya kamere yacu n’impuzu. (Abakolosayi 3:9, 10) Hamwe woba uriko uragura impuzu, ubwo woreka umudandaza yambaye nabi ngo abe ari we akwereka iyo wohitamwo? Kubera iki none woreka umuntu rurangiranwa afise inyifato mbi ngo abe ari we akwereka ukuntu ukwiye kwigenza? Aho kubigenza gutyo canke gupfa gukurikira agakuku, guhitamwo abantu b’intangakarorero wigana bizogufasha (1) kubona kamere ukeneye kugira be no (2) kwigana abantu bagaragaza cane izo kamere.
AHO WOBAKURA
Shira akamenyetso ahabereye.
1. Umuntu wokwigana ategerezwa kuba ari umuntu umaze kubona amaso mu yandi.
□ Ni vyo □ Si vyo
2. Umuntu wokwigana ategerezwa kuba atagira akanenge.
□ Ni vyo □ Si vyo
3. Urashobora kugira abantu benshi wokwigana.
□ Ni vyo □ Si vyo
Inyishu
1. Si vyo. Urashobora kwigana n’abantu babayeho kera. Uburorero bwiza kuruta ubundi tubusanga muri Bibiliya. Nk’akarorero, usomye ikigabane ca 11 c’igitabu c’Abaheburayo, urahasanga amazina y’abagabo n’abagore 16 intumwa Paulo yavuze ko bari intangakarorero mu kwizera. N’igihambaye kuruta, mu kigabane gica gikurikira, Paulo yahimirije abakirisu ‘gushinga ijisho’ Yezu no kumwigana. (Abaheburayo 12:2) Yezu ni we karorero ntangere twokwigana.—Yohani 13:15.a
2. Si vyo. Uretse Yezu, nta muntu atagira akanenge yakomotse kuri Adamu. (Abaroma 3:23) Mbere na wa muhanuzi w’intwari Eliya yari “umuntu ameze nkatwe.” (Yakobo 5:17, Bibiliya Yera) Miriyamu, Dawidi, Yona, Marita na Petero na bo nyene ni ko bari bameze. Bibiliya iravuga idahisha amakosa y’abo bagabo n’abagore. Naho ari ukwo, muri rusangi bari intangakarorero, tukaba rero dushobora kubigana.
3. Ni vyo. Urashobora kuronka igitigiri cose wipfuza c’abantu wokwigana. Umwe ashobora kuba akora cane, uwundi na we akaba ari umuntu azi kwihangana. Uwugira gatatu ashobora kuba adata umutwe igihe ari mu ngorane. (1 Abakorinto 12:28; Abanyefeso 4:11, 12) Niwaraba iciza kiri mu bandi, uzobona kamere nziza bafise ushobora kwigana.—Abafilipi 2:3.
UKUNTU WOBIGANA
1. Niwihweze abo ushaka kwigana. Intumwa Paulo yabwiye abakirisu bo mu kinjana ca mbere ati: “Mwitegereze abagenda batwīgāna.”—Abafilipi 3:17, Bibiliya Yera.
2. Nubiyegereze. Nimba bishoboka, numarane umwanya n’abo wahisemwo ngo bakubere akarorero. Bibiliya ivuga iti: “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi.”—Imigani 13:20.
3. Niwigane kamere nziza bafise. Mu Baheburayo 13:7 hagira hati: “Uko mwitegereza ico ingeso zabo zivamwo, mwigane ukwizera kwabo.”
Woba witeguriye gutangura? Kora umwimenyerezo uri aha hepfo.
Ico wokora
Hitamwo kamere wipfuza kugira. (Woba wipfuza kurushira kuba umuntu ashikirana n’abandi, atanga cane, akora atiziganya, yiyumanganya, yizigirwa?)
․․․․․
Hitamwo umuntu agaragaza kamere wipfuza gutsimbataza.b
․․․․․
Igihe uhisemwo kwigana umuntu, intumbero yawe si iyo gucika nya muntu. Uguma ufise kamere nziza wisangije. Ariko rero, kuba ufise abantu b’intangakarorero wigana bizogufasha kugaragaza kamere nziza uko ugenda urakura. Si ivyo gusa. Niwigana akarorero kabo, na wewe uzobera akarorero abandi.
Ibindi biganiro vyo mu rukurikirane ruvuga ngo “Urwaruka ruribaza” (mu gifaransa), urashobora kubisanga ku muhora wa Internet www.watchtower.org/ypf
[Utujambo tw’epfo]
a Ariko ntiwumve, n’abantu benshi bo muri iki gihe barashobora kukubera akarorero wokwigana. Ashobora kuba ari umuvyeyi, uwo muvukana, uwo mu bagize ishengero rya gikirisu ahumuye mu vy’impwemu canke uwundi muntu w’intangakarorero uzi canke wasomye ivyiwe.
b Urashobora gukora uwo mwimenyerezo uhereye kuri ico ca kabiri. Nubanze uhitemwo umuntu wokwigana, uce wibaza uti: ‘Ni kamere iyihe ituma nshima uwo muntu?’ Mu kwigana uwo muntu rero, niwihatire gutsimbataza iyo kamere.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 21]
Kubera iki woreka umuntu rurangiranwa afise inyifato mbi ngo abe ari we akwereka ukuntu ukwiye kwigenza?
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 22, 23]
IVYO ABO MU RUNGANWE RWAWE BAVUGA
Layla—Umugenzi wanje Sandra abona ibintu mu buryo bwiza kandi arazi ibintu vyinshi muri Bibiliya. Ku bw’ivyo, umengo yama afitiye inyishu ibibazo. Ndashobora kumwitura igihe cose mfise ingorane, zaba izikomeye canke izisanzwe.
Terrence—Abagenzi banje Kyle na David ntibigera bafatira mu rwara inyiyumvo z’abandi. Bama biteguriye gufasha abari mu ngorane, bakirengagiza imyitwarariko yabo bwite. Barampa akarorero keza cane.
Emmaline—Mama ni we ambera akarorero. Arazi Bibiliya cane kandi yama arondera uturyo two kuyagira abandi ivyo yemera. Aremera adakeka ko igikorwa co kwamamaza atari umuzigo ahubwo ari agateka. Emwe, ndamukundira ico kintu!
[Uruzitiro ku rup. 23]
WOBA USHAKA AYANDI MAKURU?
Woba wipfuza icogufasha kuronka uburorero wokwigana? Soma Abaheburayo ikigabane ca 11 maze uhitemwo umwe mu bagabo canke abagore bavugwamwo. Nutangure kwiga ibimwerekeye ufise intumbero yo kwigana kamere nziza afise.
Urashobora kuronka ubundi burorero bwo muri Bibiliya wokwigana, mu gitabu Urwaruka ruribaza—Inyishu ngirakamaro (Igitabu ca 1 n’ica 2), casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Raba ahavuga ngo: “Ahari uturorero wokwigana” imbere ku gipfukisho c’inyuma.
[Uruzitiro ku rup. 23]
UBONA GUTE UBAJIJE ABAVYEYI BAWE?
Nuyage n’abavyeyi bawe ku bijanye n’abantu bababereye akarorero bakingana nawe be n’abababera akarorero ubu. Bungukiye gute ku kuba bafise abantu bigana mu buzima?