Urashobora kuroranirwa!
“Hari igihe nza mbona abakobwa banje babiri baje bakangwa mu nda, bagaca bambwira ngo: ‘Turagukunda, ma!’ Birampimbara cane. ”—ANNA, INABIBONDO YIRERANYE ABANA WO MURI POLONYE.
“Kenshi ndahimbarwa iyo abana banje banyeretse ko bakenguruka ivyo ndabakorera. Hari igihe bangabira utuntu, nk’akarorero ishusho bacafye. Baba bansubirije mu ndumane ibirengeye ivyo ndabakorera vyose.”—MASSIMO, SEBIBONDO YIRERANYE ABANA WO MU BUTALIYANO.
“Rimwe na rimwe iyo mfise umubabaro mu mutima, umwe mu bahungu banje araza akankikuza amaboko, akansoma, agaca ambwira ko ankunda cane.” —YASMIN, INABIBONDO YIRERANYE ABANA WO MURI AFRIKA Y’EPFO.
IVYO ni bimwebimwe gusa mu vyo abavyeyi benshi bireranye abana bandikiye ikinyamakuru Be maso! mu kwishura ku bibazo babajijwe mw’itohoza ryagizwe kw’isi yose. Benshi muri bo, canecane abakenyezi, baravuze ko boshima kuba bafise uwo bubakanye abakunda yobafata mu mugongo.a Naho ari ukwo, ivyo bivugiye ubwabo birerekana kandi ko bamaze kumenyera ubwo buzima.
Ni igiki none cafashije abo bavyeyi kumenyera ubwo buzima no kuroranirwa muri iryo banga ryabo ritoroshe? Mu biganiro bikurikira, turarimbura ivyiyumviro ngirakamaro batanga, ivyo ubwabo biyemerera be n’ingingo ngenderwako zimwezimwe zihambaye zagiye zirabafasha. Nimba wireranye abana, twizeye yuko ibi biganiro bitazogufasha gusa kuroranirwa muri iryo banga ritoroshe ufise, ariko kandi ko bizogufasha kuryitwararika unezerewe kandi uhimbawe. Tuvugishije ukuri, ivyo birashobora kuba urugamba rutoroshe muri iyi si ihindagurika ku mwanya ku mwanya, aho buca bugacana ayandi.b
Ibi biganiro biza gushimika ku bintu bitandatu. Birashimika ku kuntu abavyeyi birerana abana bashobora
1. Kurondera abobafasha
2. Kurushiriza kuyaga neza n’abana babo
3. Gushinga ibikwiye kuja imbere y’ibindi
4. Gushinga uturimbi dutomoye mu bijanye n’ingene abana bakwiye kwigenza
5. Guha indero nziza abana babo
6. Guha Imana ikibanza mu muryango wabo
[Utujambo tw’epfo]
a Kw’isi yose, benshi mu bavyeyi bireranye abana usanga ari abakenyezi, nk’uko vyibonekeza muri uru rukurikirane rw’ibiganiro.
b Vyinshi mu vyiyumviro bitangwa muri ibi biganiro vyoshobora gufasha n’imiryango irimwo abavyeyi bompi.
[Amafoto ku rup. 2 na 3]