Niwitwararike abavyeyi bireranye abana
SI ABANTU benshi uzosanga bafise ibintu vyinshi bibasaba umwanya n’inguvu kuruta abavyeyi bireranye abana. Ibibazo bahura na vyo ntibigira uko bingana. Babwirizwa kwitwararika amabanga atandukanye ajanye n’ukwitaho umuryango. Hambavu yo kuja ku kazi, hariho ugusuma, uguteka, ugukora isuku hamwe n’ukurera abana. Aho ntituvuze ivy’uko bakenera kwitaho amagara y’abana, kubaronsa uburyo bwo kwinezereza no kubaremesha, ariko kandi igihe biba bishoboka bakarondera akanya keza ko kwitwararika ibiberekeye ubwabo.
Naho imiryango y’abireranye abana irushiriza kwaguka no kuboneka cane mu kibano muri iki gihe, biroroshe cane ko umuntu asanga yayibagiye. Umuvyeyi umwe ni we yiyemereye ati: “Igihe ntari bwabe umuvyeyi yireranye abana, sinibuka ko abireranye abana banabaho.” Wokora iki none kugira ngo werekane ko witwararika abavyeyi bireranye abana? Boba bakwiye kukuraza ishinga? Reka twihweze imvo zitatu zotuma twitaho ivyo bakeneye.
Imvo zotuma ubitwararika
Abavyeyi benshi bireranye abana baripfuza gufashwa. Umupfakazi umwe w’imyaka 41 afise abana babiri yavuze ati: “Hari igihe ntabona neza ico nokora, nkumva ndengewe vy’ukuri n’amabanga menshi njejwe.” Ubupfakazi, ugutabwa n’uwo mwari mwubakanye canke ibindi bintu bitoroshe vyaratumye abavyeyi benshi bireranye abana basigara bumva bamerewe nk’uyu muvyeyi yavuze ati: “Turira dusaba icoturemurura, kandi ntiworaba ukuntu tugikeneye!”
Biratuma wewe ubigize ugira agahimbare. Vyoba birashika ugafasha umuntu umutwaro uremereye cane atokwishoboza? Nimba vyarashitse, ushobora kuba warumvise uhimbawe kubera ko uzi ko hari umuntu wafashije mu buryo ngirakamaro. Mu buryo nk’ubwo, abavyeyi bireranye abana barikoreye umutwaro rimwe na rimwe usanga umuntu atokwishoboza. Witayeho ivyo bakeneye mu kugira ico ubafashije, uzokwibonera yuko muri Zaburi 41:1 havuga ukuri, na ho hakaba hagira hati: “Hahiriwe uwitwararika umuntu mutoyi.”
Birahimbara Imana. Muri Yakobo 1:27 havuga hati: “Insengo ityoroye kandi idahumanye ku Mana yacu ikaba na Data ni iyi: kwitaho impfuvyi n’abapfakazi mu makuba yabo.” Ivyo birimwo no kwitaho abavyeyi bireranye abana.a Mu Baheburayo 13:16 hagira hati: “Ntimwibagire gukora iciza be no gusangira ibintu n’abandi, kuko mwene ivyo bimazi ari vyo bihimbara Imana rwose.”
Ufise ku muzirikanyi izo mvo zitatu zotuma witwararika abavyeyi bireranye abana, reka ubu na ho turabe ico wokora kugira ngo ubafashe be n’ingene wokwiyemeza yuko imfashanyo utanga izogira akamaro.
Nugerageze gutahura ivyo bakeneye
Woshobora kwibwira yuko ikintu cumvikana wokora ari ukubaza nya muvyeyi yireranye abana uti: “Hari ico nogufasha?” Ariko mu vy’ukuri, ni gake uwo ubajije gutyo aca akubwira ico aba akeneye koko. Nk’uko twamaze kubibona, muri Zaburi 41:1 haturemesha ‘kwitwararika.’ Igitabu kimwe gisigura yuko ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aho rishobora gusobanura “igikorwa co kwiyumvira mu kwungunganya ivyiyumviro bitandukanye, bigatuma umuntu agira ico akoze abigiranye ubukerebutsi.”
Kugira ngo rero umenye uburyo bwiza kuruta ubundi bwose wofasha umuvyeyi yireranye abana, urakeneye kwiyumvira witonze ibintu bitoroshe bimuhanze. Nube umuntu azi kwihweza, aho gucishacishako gusa igihe uraba ukuntu ivy’uwo muvyeyi vyifashe. Niwibaze uti: ‘Iyo aba ari jewe, nokwipfuza ko bamfasha iki?’ Ariko ntiwumve, abavyeyi benshi bireranye abana bazokubwira yuko naho wogira gute utopfa waratahuye neza ico ari co kuba umuvyeyi yireranye abana, nakare ‘Inda woyibaza uwayirayeko.’ Naho ari ukwo, kugira uko ushoboye kwose urondera gutahura ukuntu ivy’abavyeyi bireranye abana vyifashe bizotuma woroherwa no kugira ico ukoze ubitumwe n’‘ukubitwararika.’
Niwigane akarorero ntangere Imana itanga
Mu bijanye no kwitaho abavyeyi bireranye abana, nta wuraza abigira neza kandi abigiranye urukundo kurusha Yehova Imana. Ivyanditswe vyinshi birashira ahabona ukuntu Yehova Imana ababara akongera akitwararika abapfakazi, abana batagira ba se, hamwe rero n’abavyeyi bireranye nya bana. Twihweje uburyo Imana yitaho ivyo abantu batoyi mwene abo bakeneye, turashobora kuhigira vyinshi ku bijanye n’ukuntu twobasahiriza mu buryo bufadika kandi bw’ingirakamaro vy’ukuri. Hariho ibintu bine nyamukuru tworimbura.
Nutege yompi
Mw’Itegeko Yehova yahaye Isirayeli ya kera, yavuze yuko ‘atobuze kwumva amaborogo’ y’uwigorewe. (Kuvayo 22:22, 23) None wokwigana gute ako karorero keza? Akatari gake, abavyeyi bireranye abana barumva irungu rikomeye, bakabura uwundi muntu akuze boyagira ayo bagowe. Umuvyeyi umwe yireranye abana yavuganye akababaro ati: “Iyo abana bagiye kuryama, hari igihe ndira bikanka ko mpagarika. Rimwe na rimwe usanga irungu rigoye kwihanganira.” Nimba ubona bibereye, woba ushobora kwitanga kugira ngo ‘wumve amaborogo’ y’umuvyeyi yireranye abana yoba akeneye guserura ukuntu yumva amerewe? Umuteze ugutwi muri mu bihe no mu bibanza bibereye, birashobora kumufasha cane kunyinyana n’ingorane zijanye n’ukwirerana abana.
Nubabwire amajambo aremesha
Yehova yarahumekeye abantu barandika indirimbo nyeranda, ari yo mazaburi, kugira ngo Abisirayeli baziririmbe mu biringo vy’ugusenga. Iyumvire ukuntu abapfakazi n’impfuvyi b’Abisirayeli baremeshwa igihe baba bariko bararirimba amajambo yahumetswe n’Imana yabibutsa ko Yehova ari “se” akaba n’“umucamanza” wabo be n’uko yobatabaye! (Zaburi 68:5; 146:9) Na twebwe turashobora kubwira umuvyeyi yireranye abana amajambo aremesha ashobora kuzoguma yibuka imyaka n’iyindi. Naho haciye imyaka 20, umuvyeyi umwe yireranye abana yitwa Ruth aracahimbarwa no kwibuka igihe sebibondo umwe azi utuntu n’utundi yamubwira ati: “Ni ukuri nta ko utagira ngo urere neza abahungu bawe babiri. Komera kw’ibanga.” Ruth avuga ati: “Kwumva ambwira ayo majambo vyarankoze ku mutima koko.” Vy’ukuri, “amajambo meza ni umuti mwiza” kandi arashobora kuremesha umuvyeyi yireranye abana kuruta uko twoshobora kuvyibaza. (Imigani 15:4, Contemporary English Version) Woba ushobora kwiyumvira amajambo atomoye kandi avuye ku mutima wovuga mu gukeza umuvyeyi yireranye abana?
Nubaronse imfashanyo y’ivyo bakeneye
Itegeko Yehova yahaye Isirayeli ya kera ryaravuga ibijanye n’intunganyo zifasha abapfakazi n’impfuvyi kwironsa mu buryo buteye iteka ibifungurwa bakeneye. Biciye kuri izo ntunganyo, abo bantu batoyi bararonka ibifungurwa bihagije vyo ‘kurya bagahaga.’ (Gusubira mu vyagezwe 24:19-21; 26:12, 13) Na twebwe turashobora kuronsa umuryango w’umuvyeyi yireranye abana imfashanyo y’ivyo ukeneye, tukabigira mw’ibanga no mu buryo buteye iteka. Woba woshobora kubasimbanira udufungurwa canke udusumano? Woba ufise impuzu uwo muvyeyi canke abo bana bokwikorako? Canke na ho, woba wofashisha udufaranga umuvyeyi yireranye abana kugira ngo ashobore kugura utuntu tumwetumwe umuryango ukeneye?
Niwifatanye na bo
Yehova yategetse ko abapfakazi n’impfuvyi na bo nyene baja mu misi mikuru ihanga ryose ryahimbaza buri mwaka, aho bashobora guhimbarwa no kwifatanya n’Abisirayeli bagenzi babo. Kukaba nkako, babwiwe ko “[ba]tegerezwa kunezerwa.” (Gusubira mu vyagezwe 16:10-15) No muri iki gihe, abakirisu bahimirizwa ‘kwakirana,’ gutyo bagatuma haboneka uturyo two kwifatanya n’abandi mu munezero. (1 Petero 4:9) Ubona gute none utumiye umuryango w’umuvyeyi yireranye abana ngo baze i muhira musangire udufungurwa? Si ngombwa ngo bibe ibintu binoboye. Igihe Yezu yari mu rugo rw’abagenzi biwe ahimbawe no kwifatanya na bo, yavuze ati: “Ibintu bikeyi ni vyo bikenewe, canke kimwe gusa.”—Luka 10:42.
Bazoshima ukuntu ubitwararika
Uwitwa Kathleen, akaba ari umuvyeyi yahoze yireranye abana batatu, avuga yuko atazokwigera yibagira iyi mpanuro iranga ubukerebutsi yahawe igira iti: “Ntihagire ico witega ku bandi; ushime ivyo uhawe vyose.” Cokimwe na Kathleen, abavyeyi benshi bireranye abana barazi neza ko ari bo ubwabo bajejwe ibanga ryo kurera abana babo. Ni co gituma batitega ko abandi baba ari bo babakorera ivyo ubwabo babwirizwa kwikorera. Naho ari ukwo, barashima vy’ukuri imfashanyo iyo ari yo yose baronka. Urashobora gutuma abavyeyi bireranye abana bamererwa neza kandi nawe ubwawe ukagira agahimbare mu kubitwararika, wizigiye udakeka ko Yehova Imana “azoguha impera ku vyo wakoze.”—Imigani 19:17, New Century Version.
[Akajambo k’epfo]
a Naho imvugo ngo “umuvyeyi yireranye abana” tutayisanga muri Bibiliya, ijambo “umupfakazi” be n’imvugo ngo “agahungu katagira se” arakoreshwa cane muri Bibiliya. Ivyo birerekana yuko abavyeyi bireranye abana bari benshi no mu bihe vya Bibiliya.—Yesaya 1:17, akajambo k’epfo.
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 24]
Ni ryari uheruka gutumira umuryango w’umuvyeyi yireranye abana ngo baze musangire udufungurwa? Ubona gute ubigize vuba?