ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 3/14 rup. 3
  • Udukuru tw’irya n’ino

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Udukuru tw’irya n’ino
  • Be maso!—2014
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Muri Espanye
  • Mu Bushinwa
  • Mu Buyapani
  • Muri Moritaniya
  • Kw’isi yose
  • Iyo Hateye Ivyago vy’Ivyaduka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Udukuru tw’irya n’ino
    Be maso!—2013
  • Udukuru tw’irya n’ino
    Be maso!—2013
Be maso!—2014
g 3/14 rup. 3

UDUKURU TW’IRYA N’INO

Muri Espanye

Uwutabara abantu ariko aritegereza inzu zasambuwe na nyamugigima

Hari umugwi w’abahinga biyumvira yuko ibikorwa vy’abantu bishobora kuba biri mu vyatumye i Lorca mu bumanuko bwa Espanye haba nyamugigima mu 2011 yahitanye abantu icenda, benshi na bo barakomereka. Abahinga mu bijanye n’umubumbe w’isi basanze iyo nyamugigima ifitaniye isano n’ibibanza bari barakuyemwo amazi menshi yo mu kuzimu kugira bavomere imirima.

Mu Bushinwa

Ingenzi zituruka mu Bushinwa

Ingenzi zivuye mu Bushinwa zakoresheje imiliyaridi 102 z’amadolari y’Abanyamerika mu ngendo zo mu mahanga mu 2012. Ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’ingenzi rivuga yuko ico gitigiri catumye Ubushinwa buba ubwa mbere mu bihugu bisohora amahera menshi mu ngendo zo mu mahanga, bukaba buza imbere y’Ubudagi na Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ingenzi zituruka muri kimwe cose muri ivyo bihugu bibiri zozo zasohoye nk’imiliyaridi 84 z’amadolari y’Abanyamerika.

Mu Buyapani

Umukenyezi ariko aranywa itabi

Ikinyamakuru kimwe co mu Bwongereza kivuga ivy’amagara (BMJ) caravuze ivyerekeye itohoza ryagizwe ku bantu nka 68.000 bo mu Buyapani bafise incahagati y’imyaka 23. Abashakashatsi bagize iryo tohoza barihweje ivy’abagore bavutse hagati ya 1920 na 1945 bagatangura kunywa itabi batarakwiza imyaka 20. Basanze abo bagore bapfa nk’imyaka cumi imbere y’abatigeze banywa itabi, abagabo na bo bagapfa imyaka umunani imbere y’abatigeze barinywa.

Muri Moritaniya

Isashe iri mw’ibahari

Bisigaye bibujijwe kwinjiza amasashe muri ico gihugu, kuyahingura no kuyakoresha, mu ntumbero yo gukingira ibikoko vyo mu mazi n’ivyo ku butaka, kuko bishobora gupfa iyo biyariye. Leta iriko iraremesha abantu gukoresha ibindi bintu bishobora kubora ningoga.

Kw’isi yose

Amashirahamwe y’ivya soransi arahomba buri mwaka nk’imiliyaridi 50 z’amadolari y’Abanyamerika kubera ivyago biterwa n’ihindagurika ry’ikirere. Duharuye n’ukuntu amahera yagiye arata agaciro, urwo ruhombo rwagiye rurigwiza incuro zirenga zibiri uko haciye imyaka cumi kuva mu myaka ya 1980.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika