ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w96 1/12 rup. 2-4
  • Iyo Hateye Ivyago vy’Ivyaduka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Iyo Hateye Ivyago vy’Ivyaduka
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Ivyo bijanye
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ivyago vy’ivyaduka?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ivyago vy’ivyaduka—Kubera iki ari vyinshi cane?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyago vy’ivyaduka vyoba ari ibihano vy’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Coba ari igihano c’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
w96 1/12 rup. 2-4

Iyo Hateye Ivyago vy’Ivyaduka

I Accra muri Ghana, ku wa 4 Mukakaro 1995: Imvura y’isegenya itari bwaboneke mu myaka nka 60, yarateye umusebo ukomeye. Abashika 200 000 bahahombeye vyose, 500 000 babura uko bashika mu zabo, 22 na bo bahasiga ubuzima.

I San Angelo, Muri Texas, REZUB, ku wa 28 Rusama 1995: Ibishururu n’urubura vyarayogeje ico gisagara c’abaturagi 90 000, bisiga bitikije ibiciye imiliyoni 120 z’amadolari (y’Abanyamerika).

I Kobe mu Buyapani, ku wa 17 Nzero, 1995: Nyamugigima c’imisegunda 20 yonyene casize abangana ibihumbi bakindaguritse, ibihumbi amacumi bakomeretse, ibihumbi amajana na bo bátagira uburaro.

TUBAYEHO mu kiringo cokwitwa ikiringo c’ivyago. Raporo yashikirijwe n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ihishura yuko mu kiringo c’imyaka 30 guhera mu 1963-92, igitigiri c’abantu bishwe, bakomeretse canke bomowe n’ivyago, congerekanyeko incahagati ya 6 kw ijana buri mwaka. Ivyo bintu vy’akababaza vyatumye IMPUMA itazira imyaka y’1990 “Imyaka Cumi Amakungu Yahariye Ukugerura Ivyago vy’Ivyaduka.”

Birumvikana, ibinyabukomezi vyo mu bidukikije—nk’igihuhusi, ifyurumbuka ry’ikirunga, canke nyamugigima—ntivyama bizana icago. Hariho ibigera ku majana biba buri mwaka ntihagire uwo bigirira nabi. Ariko iyo hayogereye ubuzima bwinshi n’ibintu vyinshi, citwa icago bíkwiye koko.

Iyongerekana ry’ivyago vy’ivyaduka risa n’akatazibukīrwa. Igitabu Natural Disasters—Acts of God or Acts of Man? (Ivyago vy’Ivyaduka—Biterwa n’Imana Canke n’Abantu?) kivuga giti: “Abantu bariko barahindura umukikure wabo bagatuma urushiriza gushobora guterwa n’ivyago bimwebimwe, kandi bariko bakora ibintu mu buryo batuma bo ubwabo barushiriza gushobora guhitanwa n’ivyo vyago.” Ico gitabu kiratanga nk’akarorero giti: “Nyamugigima kitababaje mu gasagara k’inzu z’ibitafari vy’ivyondo biremereye ziri ku ruhande rw’akabande gahanamye kirashobora neza kuba icago turavye abahapfiriye hamwe n’ubucumukure cateye. Ariko none icago coba canecane kiva ku manyiganyiga y’isi canke ku vy’uko abantu baba mu nzu ziteye ubwoba mwen’izo zubatswe ahateye ubwoba mwen’aho?”

Ku batohoji ba Bibiliya, haracariho iyindi mpamvu ituma iyongerekana ry’ivyago vy’ivyaduka ritaba iritangaje. Haraciye nk’imyaka 2 000 Yezu Kirisitu amenyesheje yuko mu vyoranze ‘isozero ry’urunkwekwe rw’ibintu’ (NW) hobayemwo “amapfa no kunyiganyiga kw’isi [bikaba] henshi.” (Matayo 24:3, 6-8) Bibiliya yaramenyesheje kandi yuko mu “misi y’iherezo,” abantu bobaye abikunda, abakunzi b’amahera, abatagira urukundo rw’akame, batagira urukundo rw’iciza.a (2 Timoteyo 3:1-5) Utwo turanzi kenshi turatuma umuntu akora ibinyuranye n’ubukikure arimwo, bigatuma abantu barushirizaho gushobora guterwa n’ibinyabukomezi biva mu bidukikije. Ivyago biterwa n’abantu biranduruka no ku kibane c’imburarukundo, ico abenshi bategerezwa kubamwo.

Uko umubumbe tubako uja uragwiriranako abantu birenze, uko inyigenzo y’abantu ija iratuma bahakwa birushirije, hamwe n’uko ubutunzi bw’isi buja burarushiriza guhangirwa nabi, ivyago bizobandanya gutera abantu. Ugutabara usanga bitoroshe, nk’uko igihimbu gikurikira kija kuvyerekana.

[Akajambo k’epfo]

a Kugira uronke amabwirwa arushirije ku vyerekeye ikimenyetso c’imisi y’iherezo, raba igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira, urupapuro 98-107, casohowe na Watchtower Bible and Tract Society of New York, Inc.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 3]

Hejuru: Information Services Department, Ghana; iburyo: San Angelo Standard-Times

[Abo dukesha ifoto ku rup. 2]

IGIPFUKISHO: Maxie Roberts/Gitanzwe na THE STATE

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika