ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/12 rup. 4-5
  • Ivyago vy’ivyaduka—Kubera iki ari vyinshi cane?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyago vy’ivyaduka—Kubera iki ari vyinshi cane?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igitera ivyago
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ivyago vy’ivyaduka?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ivyago vy’ivyaduka vyoba ari ibihano vy’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Coba ari igihano c’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Imana yoba ikoresha ivyago vy’ivyaduka mu guhana abantu muri iki gihe?
    Be maso!—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/12 rup. 4-5

Ivyago vy’ivyaduka​​—Kubera iki ari vyinshi cane?

IVYAGO bisa n’ibivugwa cane mu makuru. Ubu kuruta ikindi gihe ico ari co cose, igitigiri c’abashikirwa n’ivyago bitari bimwe gitera ciyongera. Urwego rumwe rwo mu Bubiligi rujejwe kugira ubushakashatsi ku bijanye n’ivyago ruvuga yuko mu 2010 honyene habaye ivyago 373, be n’uko vyahitanye n’imiburiburi abantu 296.000.

Igitigiri c’ivyago bimenyekana na co nyene caraduze bimwe biboneka muri iyi myaka mirongo iheze. Nk’akarorero, hagati y’umwaka wa 1975 n’uwa 1999, ku mwaka ku mwaka hagiye haraba ivyago bidashika na 300. Ariko hagati y’umwaka wa 2000 n’uwa 2010, tugize incahagati hagiye haraba ivyago nka 400 ku mwaka ku mwaka. Ushobora kuba uri mu bibaza bati: ‘Kubera iki ubu hari ivyago vyinshi cane?’

Naho ivyo vyago abantu bakunze kuvyita “ibihano vy’Imana,” mu vy’ukuri si ibihano vy’Imana. Imana si yo iteza ivyago bishikira abantu benshi cane muri iki gihe. Ariko rero, Bibiliya yari yaravuze yuko mu gihe cacu hobaye ivyago. Nk’akarorero, muri Matayo 24:7, 8, Yezu yavuze ati: “Hazoba amapfa na vya nyamugigima, biva hamwe bija ahandi. Ivyo bintu vyose bizoba ari intango y’ububabare nk’ubw’ibise.” Kubera iki Yezu yavuze ko hobaye ivyo bintu, kandi bisobanura iki kuri twebwe?

Yezu Umwana w’Imana yariko yishura ikibazo bari bamubajije kigira giti: “Ni igiki kizoba ikimenyetso . . . c’insozero y’ivy’isi?” (Matayo 24:​3) Yaravuze ibintu bitandukanye vyobaye, harimwo n’ivyo vyago duhejeje kuvuga. Yaciye yongerako aya majambo ahambaye agira ati: “Mukabona ivyo bintu biriko biraba, muze mumenye yuko ubwami bw’Imana buri hafi.” (Luka 21:​31) Ivyo vyago vy’ivyaduka birafise rero ikintu gikomeye bisobanura kuri twebwe. Vyerekana ko igihe c’amahinduka akomeye cimirije.

Igitera ivyago

Naho ari ukwo, abantu benshi baguma bibaza bati: ‘Nimba Imana atari yo itera ivyo vyago, biterwa n’iki canke na nde?’ Inyishu y’ico kibazo dushobora kuyitahura ari uko gusa tuba twemera icese uku kuri guhambaye kuvugwa muri Bibiliya: “Isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha.” (1 Yohani 5:​19) Uwo murongo urerekana yuko Imana atari yo itera ibintu bibabaje biba mw’isi, ahubwo ko kenshi na kenshi biterwa n’umwansi wayo, “wa mubisha,” umwe Bibiliya yita kandi “Shetani.”​​—⁠Ivyahishuwe 12:9, 12.

Abitumwe no kurondera gushika ku ntumbero yiwe y’ubwikunzi, uwo mwansi w’Imana abona ko abantu ari nk’ibikoresho akoresha agaca ashiburira nka hariya. Kubera ko isi yose iri mu bubasha bwiwe, yararemesheje ako gatima mu bantu. Nkako, Bibiliya yari yaravyerekanye mu kuvuga yuko mu “misi ya nyuma” abantu bobaye ari “abikunda, inkunzi z’amahera, abishima, abibona.” (2 Timoteyo 3:1, 2) Ntibitangaje rero kubona Shetani yaratumye iyi si irangwa n’utwo dutima be n’utundi tudashimwa n’Imana. Aremesha abantu gukoresha ubutunzi bw’isi babigiranye ubwikunzi n’umwina, akenshi ivyo bigatuma bishira mu kaga.

Ni mu buhe buryo isi irangwa n’umwina yo muri iki gihe ituma haba ivyago? Raporo imwe y’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijanye n’ivyago biba kw’isi yose ivuga iti: “Abanyagihugu usanga akenshi barundana mu turere turimwo akaga, nko mu biyaya bikunda guterwa n’imyuzure. Vyongeye, guhonya amashamba be n’intara zijaga amazi biriko biratuma ibidukikije bitakaza ubushobozi bwo kurinda impanuka. N’ikigeramiye abantu kuruta ivyo vyose, ni ihindagurika ry’ikirere be n’iyongerekana ry’amazi yo mu biyaga biterwa n’ivyuka birundana mu kirere kubera ibintu abantu bakora.” Naho vyinshi muri ivyo “bintu abantu bakora” bivugwa ko ari ivyo guteza imbere ubutunzi, mu vy’ukuri biterwa n’agatima k’ubwikunzi n’umwina gakwiragiye mw’isi.

Ni co gituma abahinga benshi ubu bavuga yuko ivyo abantu bakora batabanje kuzirikana vyongereje amakari y’ivyago biba. Mu vy’ukuri, abantu barakamiye mu coze Shetani mu gushigikira uburyo bwiwe bwo gukora ibintu butuma ivyago vyunyuka.

Turabona rero yuko ivyago vyinshi biva ku bintu abantu bakora batabanje kwiyumvira. Ivyago bimwebimwe ntivyokwononye ibintu vyinshi nk’ivyo vyokwononye iyo bibera ahandi hantu. Mu mihingo myinshi y’isi, ingaruka z’ivyago vy’ivyaduka zarunyutse cane bivuye ku vyo abantu ata co bibanga bakorana ubugunge mu mpisho canke bitumwe n’uko abantu benshi babwirijwe kuba mu turere turimwo akaga kubera ubusumbasumbane mu vy’ubutunzi no mu kibano burangwa mw’isi muri iki gihe. Ariko ntiwumve, hari abashikirwa n’ivyago, bitavuye kw’ikosa ry’umuntu kanaka canke ku kutitaho ibintu kwiwe, ariko bitumwe n’uko “ibihe be n’ibishika giturumbuka bibashikako bose.”​​—⁠Umusiguzi 9:​11.

Uramutse ushikiwe n’icago c’icaduka bitewe n’iyo ari yo yose muri izo mvo, wovyifatamwo gute? Reka turabe ico wokora kugira ngo ushikiwe n’ivyago ntibigusinzikaze.

[Ifoto ku rup. 5]

Ukurundana kw’abantu

[Ifoto ku rup. 5]

Uguhonya amashamba

[Ifoto ku rup. 5]

Ugutosekaza ibidukikije

[Abo dukesha amafoto ku rup. 5]

Ifoto y’ibubamfu: © Mark Henley/Panos Pictures

Iyo hagati: © Jeroen Oerlemans/Panos Pictures

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika