ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 4/14 rup. 7
  • 1 Kubera ko ibintu bihinduka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 1 Kubera ko ibintu bihinduka
  • Be maso!—2014
  • Ivyo bijanye
  • Sinokwiyahura bigahera biheze?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • 4 | Nukingire icizigiro cawe
    Be maso!—2022
  • Bibiliya yoba yomfasha igihe noba numva nshaka kwiyahura?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ico wokora igihe habaye amahinduka
    Be maso!—2016
Ibindi
Be maso!—2014
g 4/14 rup. 7

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | KUBERA IKI WOBANDANYA KUBAHO?

1 Kubera ko ibintu bihinduka

“Turatunatunwa mu buryo bwose, mugabo ntitubura isaganirizo; turazazanirwa, mugabo ntitubura rwose icanzo.”​—2 ABAKORINTO 4:8.

Hari abavuze ko kwiyahura ari nko kuvura ukumeneka umutwe mu kuwuca. Naho vyosa n’ibigoye kwemera, ikintu kidutera umubabaro, mbere n’icoba gisa n’ikidashobora gutorerwa umuti, kirashobora kumara igihe kinaka gusa. Kirashobora no guhinduka tugatora akoyoko tutari tuvyiteze.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ivyabo vyarahindutse.”

Naho ibintu bitoca bihinduka, vyoba vyiza urondeye gutorera umuti ingorane z’umusi umwumwe ukwawo. Yezu yavuze ati: “Ntimukigere mwiganyira ku vy’ejo, kuko umusi w’ejo uzoba ufise amaganya yawo. Ububi bw’umusi umwumwe wose buramaze.”​—Matayo 6:34.

Bite ho mu gihe ingorane ufise zidashobora guhinduka? Nk’akarorero, dufate ko urwaye indwara idakira canke ko ikigutera kwihebura ari ikintu kidashobora guhinduka, nk’ukwahukana canke ukubura uwawe.

No muri ico gihe, hariho ico uba ushoboye guhindura, na co akaba ari ukuntu ubona iyo ngorane. Wize kwihanganira ico kintu udashobora guhindura, birashobora gutuma urushiriza kubona ibintu mu buryo bwiza. (Imigani 15:15) Birashobora no gutuma urondera uburyo wovyifatamwo neza aho kugitorera umuti mu kwiyahura. Ivyo bizovamwo iki? Ubigenjeje gutyo, uzoba utanguye kwirwanako naho iyo ngorane udashobora kuyitorera umuti.​—Yobu 2:10.

NIWIBUKE IKI KINTU: Ntushobora kuduga umusozi mu gutera intambwe imwe gusa, ariko urashobora kuwuduga intambwe ku yindi. Ni ko biri no ku ngorane ziguhanze, naho womengo ni umusozi wose.

ICO USHOBORA GUKORA UBU: Nugire uwo ubiyagiye, kumbure umugenzi canke uwo mu muryango. Hari aho yogufasha kubona ingorane yawe mu buryo buri ku rugero.​—Imigani 11:14.

IVYABO VYARAHINDUTSE

Rimbura ivyerekeye abantu bane b’abizigirwa bavugwa muri Bibiliya vyashitse barihebura gushika n’aho bipfuza gupfa.

  • Rebeka: “Nimba uku ari ko biri, none mbereyeho iki?”​—Itanguriro 25:22.

  • Musa: “Ndakwinginze unyice bihere biheze, . . . noye kwitegereza ivyago vyanje.”​—Guharūra 11:15.

  • Eliya: “Nkuraho, kuko ntaruta ba sogokuruza banje.”​—1 Abami 19:4.

  • Yobu: “Kubera iki ntapfuye nkiva mu gitereko.”​—Yobu 3:11.

Usomye inkuru zo muri Bibiliya zerekeye abo bantu, urabona ko ivyabo vyahindutse birushiriza kuba vyiza mu buryo mbere batari biteze. Na wewe birashobora kukugendera gutyo nyene. (Umusiguzi 11:6) Rema ntiwihebure!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika