ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 7/15 rup. 5
  • Ingorane: Amabanga y’umurengera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingorane: Amabanga y’umurengera
  • Be maso!—2015
  • Ivyo bijanye
  • Akagumye bagumako?
    Be maso!—2015
  • Numenye inzira za Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Musa yari afise urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Igisaka caka umuriro
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Be maso!—2015
g 7/15 rup. 5
Delina ariko yitwararika amashurwe

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | AKAGUMYE BAGUMAKO

Ingorane: Amabanga y’umurengera

ABANA baragukeneye, kandi ubu nyene. N’umukoresha wawe ni ukwo nyene. Uwo mwubakanye na we hari ico ashaka ko umufasha. Ariko kandi uriko witwararika umuvyeyi wawe akitswe n’amagara. Ivyo si vyo wari witeze mu buzima, ariko buri musi bituma wumva wasanzaye. Wibaza uti: “Mbe basha nkore iki? None ko bankeneye!” Ushatse gukora ivyo bagusavye vyose, vyoshobora kukugirako ingaruka bigatuma na bo nyene bahahombera. None wokora iki?

AKARORERO KO MURI BIBILIYA: MUSA

Kubera ko Musa ari we wenyene yari umucamanza muri Isirayeli mu bihe vya kera, ashobora kuba yabona ko ariko akora ivyari bikenewe. Mugabo sebukwe yamubwiye ati: “Uburyo uriko urakora si bwiza. Emwe, uburuhe buzokwica.” Yamugiriye inama yo kugena abagabo babishoboye ngo bitwararike ibijanye no guca imanza maze Musa baze baramuzanira gusa imanza zigoye. None ivyo vyovuyemwo iki? Sebukwe yamusubirije umutima mu nda ati: “Uzobishobora rero, kandi n’aba bantu bose bazoshika iwabo [ata mwikomo, Bibiliya Yera].”​—Kuvayo 18:17-23.

UKO DELINA ABIGENZA

Nk’uko vyavuzwe mu kiganiro ca mbere, Delina arwaye indwara yo mu bwonko yitwa dystonie. Aritwararika kandi basazawe batatu bafise ubumuga. Avuga ati: “Nasanze gukora ibintu ku musi ku musi no kwirinda kuba nzobandabikora bituma ntata umutwe cane. Kubwira abandi uko ivyanje vyifashe vyatumye bashobora kumfasha, mbere n’umugabo wanje arimwo. Vyongeye, imisi yose mu gitondo ndafata akanya ko kwitwararika amashurwe, ivyo bikaba bindyohera cane.”

“Ikintu cose kirafise igihe cashingiwe.”​—Umusiguzi 3:1

ICO WOKORA

Nimba amabanga ujejwe wumva akurengeye, gerageza ibi bikurikira:

  • Saba abandi bagufashe. Nk’akarorero, woba ufise abana batarasohoka boshobora kugufasha? Hoba hari incuti canke abagenzi baba hafi bogufasha?

  • Bwira abandi ivyo ukeneye. Nk’akarorero, nimba umukoresha wawe agusaba ibintu bikurengeye, nubimubwire. Mugabo ntukoreshe iterabwoba. Numumenyeshe gusa ibitakworohereza. Hari aho yogutezurira.

  • Andika ibikorwa ubwirizwa gukora buri ndwi. Hoba hari ivyo wozeza abandi?

  • Ntiwemere ubutumire bwose. Nimba ata mwanya canke ingoga ufise, nubahakanire ubigiranye ubuntu.

Muri make: Niwashaka gukora ibintu vyose uzohava usanga ata na kimwe ushoboye gukora.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika